Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Ubuyeye ku maguru (chevillères) : ikimenyetso kiranga abigeme bigurisha ?

Kwambara ubuyeye ku bigeme b’ubu birateye impari nyishi cane mu kibano. Bamwe ngo bwambara aba ‘’slay queens’’ canke bamwe badandaza umubiri. Abandi na bo ngo sivyo, bwambarwa mu ntumbero yo gushaza kugira baberwe. None ukuri ni ukuhe ?


Ngendazi ni umusore aba mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko abakobwa benshi bigurisha abamenyera ku buyeye baba bambaye ku maguru. Kanatsinda ngo benshi akunze kubona mu makaritiye, utubare n’amahoteri amw’amwe baba babwambaye. Akavuga ko ari na co kimenyetso ababikora bamenyanirako. Kukabankako ngo abarundikazi ba ruguru bokwubahuka kubwambara ku maguru boba ari abigeze gutembera. Bikunda abanyamuji akenshi bicuruza.


Ariko rero abakobwa benshi bobo babona ko kwambara ubuyeye ku maguru ari ugushaza bisanzwe naho hari ababitahura ukundi. Claudine (izina ry’iritirano kuko atashatse kumenyekana) n’umukobwa aba mu gisagara ca Bujumbura ariko avuka i Gitega. Avuga ko kwambara ubuyeye ku ku kuguru ari ugushaza nk’ukundi. Kandi ngo iyo ari aha i Bujumbura arabwambara. Gusa ngo iyo ari i Gitega ku bavyeyi biwe ntabwo yambara kuko atinya ko abamubona bamuzi baca baja kubwira abavyeyi biwe ko umukobwa wabo asigaye ari ‘’insimbarubebe’’.


Kuki ubu abarundikazi bambara ubuyeye bifatwa ko ari imaraya ?

Pascal Niyongabo umwigisha w’ikirundi akaba n’umuyobozi w’ishure rya Ecofo Rumonge II asanzwe yarananonosoye ivyigwa vy’imico n’imigenzo nyafirika agira ati : «Ntawoshoka yemeza ko abambara ubuyeye ku maguru bose baba ari imaraya. Ego ni vyo hari ababigira kugira bakabure agatimanshatsi k’ababaraba hama babashime gutyo bababaze ivyo bakeneye. Ariko hariho n’abandi bavyambara nk’ugushaza nk’uko vyamye mu b’aho hambere».


Ariko uwo mwigisha avuga ko ugushaza kwagiye kuratakaza insiguro yavyo kuva aho abarundi batanguriye guhurumbira ibintu biva mu bazungu, bigana imico y’abo hanze. Rero ngo kuba hari abavuga ko abakobwa bambara ubuyeye ku maguru baba ari ivyigenze, bivana n’ico babona ababwambara benshi bakora. Ni co gituma na bake batwambara ubu mu ntumbero yo gushaza, abantu bababona basanzwe bazi ico bisigura usanga babitiranije n’abakobwa canke abagore badandaza umubiri.


Ivyo rero biri ukwo mu gihe kera abarundikazi bavyambara kugira bibe ibitako vyo kwishariza ariko kandi hari no muntumbero yo gushaka guhimbara ababaraba mbere no mw’ibanga ry’abubakanye mu gihe abagabo babo babiravye canke babikorakorako ngo vyarakabura agatima ko kubashaka.


Kwambara ubuyeye n’aho hambere vyariho

Kuva kera na rindi abarundikazi bamye barondera kwishariza umubiri kugira baberwe. Barambara inyerere, imiringa, ibirezi, ubuna aribwo buyeye abandi babwita ubunyangari, ubudede canke ubushanga. Ubwo buyeye abagore babwambara mw’izosi bukaba burebure bukikuje ibirezi bugashoka mu gatuntu bikababera. Ubundi babwambara ku nda. Kwari ugushaza nk’uku kw’imigufu, amasaha n’ibirato vy’abubu, nk’uko Tubisoma mu gitabu ca Jean Baptiste Ntahokaja, Imigenzo y’ikirundi 1978.


Imvo ya mbere yatuma abagore n’abakobwa bambara ibiyeye kwari ugushaza. Kanatsinda bavyita ibitako. Vyabongerereza ubwiza bigatuma baboneka neza. Umugore atavyambaye mw’izosi, ku maboko, ku nda no ku maguru ntiyaba ashajije neza mbere ngo yarababara iyo ahuye n’uwo bangana avyambaye. Ivyo bivugwa na Pascal Niyongabo.


Ariko kandi hari n’ibindi ivyo binyagari vyerekana. Uwo mwigisha avuga ko hari ibinyangari bininibinini bifise amabara yera n’ayirabura vyambara abagore bahumuye baciye imvyaro bigakikuza izosi. Abakobwa bagiye ku bagabo canke abagore bubatse na bo barambara ibidede mu kayunguyungu (mu nda). Aho rero kwari ukugira umugabo amubonye canke ariko arabikorakora bikabure agatimanshatsi hama amugirire akayabagu ko kumushaka mw’ibanga ry’abubatse. Mu miryango yagendereza na yo, ubuyeye barabwambika abana bakiri bato, kugira babakingire amangetengete. Ntibabaroge. Baranabwambika n’abana b’amazina (abinyuma y’umwana wagatanu), n’ukuvuga guhera kuri Miburo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top