Kuki dutegura kurongora ata mahera dufise? Ubwo ntidutera ishishi abantu duterereza tubasaba ngo badushigikire? Kubera iki basi hoho tutonategura imanza zihuye n’ubushobozi bwacu? Utwo tubazo twaraje Njebarikanuye (batazira Njebas) adasinziriye, niko gufata ikaramu n’urupapuro aca yandikira imisore yitegurira kurongora ayiha impanuro.
Turacunga abantu tuzi ko bafise ibiceri tukabanega muri comité. Mu nama yo gutegura urubanza twese ngo ba! Batubajije uko urubanza rutunganijwe. Natwe duti: «Ikibanza c’umuriyoni n’inusu, imiduga y’imiriyoni 2. Ibinyobwa uwuzoba ahari wese azonywa zitatu, inyama ntizizobura ku vyo kurya». Aho rero ntituravuga ivyambarwa, ba bigeme bavyina, ya misore iceza umuziki, … Duharuriye urubanza rwose tugasanga rutwaye nk’imiriyoni 15. Turajinyika mu mufuko ata n’imiriyoni 2 dufise. Muti none azova hehe? Ngo turindiriye abazoduterera duhereye muri comité.
Tuza kubona ko ibintu bikomeye twegereje urubanza. Dutanguye kuja gufata ahazobera ibirori amahera twiteze mu ntererano tutarayaronka. Tugafata ikibanza bwaca kabiri tugasanga bagihaye uwundi kubera ata na make twasize. Twagira Imana naho tukaba twararonse avance dusiga, ku munsi w’ubugeni ngo ntawinjira. Kukabankako ntituraheza kurihira ikibanza. Abagize comité akaba aribo bisopa ngo ubugeni butahe. Bahungu turongora twizigiye intererano, twikebuke! Iyi ngeso yacu izohava ituma abantu batinya kuja mu ma comité y’urubanza. None ga bagenzi karashize ingani tuze turisuka mu vyo kurongora tutabona aho tuzokura uburyo ?
Rimwe na rimwe ukwiyemera guhinduka agasuzuguro
Dushaka urubanza rutesa. Kandi ni vyo. Ariko iyo turukoze twiteguye neza ku mufuko na vyo bica biba amata avyaye amavuta. None ga bene data, kuki turinda kugora abandi ngo dushaka ko abantu bagenda barikugura ngo genda muhungu uratwemeje! Erega abazi na bo ingene urubanza rwateguwe kuva mu ntango ntibatinya kumara imirambi bitwengera ngo umuhungu wa naka nagende arazi kw’ihambaza. Ng’urabona gutegura urubanza rw’ama miriyoni ata n’umwe afise !
Ngo urubanza rw’ubugeni ruba rimwe rizima. Tugaca dushaka kugira urubanza rw’akaroruhore. Tukigana urwo twigeze kubona rumeze neza ariko tukibagira ko uburyohe bujana n’uburyo. Ni hamwe duca dutangura gushinga itariki y’urubanza hama tukirara mu gutumira umuntu wese tubona ko ashobora kuduterera. Muri comité na ho tugashiramwo abafise akanoti kandi badatinya no kukisopa.
Basore bagenzi, imvo n’imvano y’iyi ngendo yacu atari nziza gose, ni ukwiyemera. Tuvyicira mu gihe co kureshanya. Turatinya kubwiza ukuri abakobwa. Twibaza ko bamenye uburyo buke dufise batotwemera. Mu kubemeza, twiyemeza ibiguruka n’ibikururana. Izigerekeranye n’amakonte yazivye kubera inoti. Nahoshwi! Kuki none tutokwiga kubwiza ukuri abakobwa twipfuza kwubakana? Burya bobo ntiboba bakorera ku vyo twebwe tubabwira? Burya twobabwira ko tutipanze neza bodusaba ibidashoboka? Benewacu tureke kwishira akagozi mw’izosi twita mu madeni y’urubanza tutazi ko tuzoshobara kuriha ngo dutinya gusuzugurika iwabo w’umukobwa.
Bagenzi igikuru ni urukundo. Tuje inama n’abo tureshanya hakiri kare. Ata buryo dufise, duce mw’ikomine turagane, hama ku mukozi w’Imana aduhezagire. Tugire urubanza tungana kandi twibuke no gusigaza n’utuzoba turadufasha inyuma y’urubanza. Dutumire umuryango wa hafi, incuti zishika kandi tubakirire aho tubaye, ijambo rivugwe,abo batumire bake batambe batarike. Twikebuke!




