Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Umugirwa wo gutora ubusurira urashushe mu ntara zo mu buraruko bw’Uburundi

Nimba hari umugirwa uhurumbiwe cane n’imisore yo mu karere k’uburaruko bw’Uburundi, ni uwo bita « kuvumba canke gutora ubusurira » aho umusore mugenzi wabo yarongoreye. Nguku uko bigenda.

Umunsi w’urubanza rw’ubugeni wimirije, ni ho umusore agomba ashinge urwiwe, atora abasore b’abizigirwa biwe, bazoja kumutera intege, igihe abatashe urubanza bose basubiye inyuma, abageni na bo binjiye mu nzu. Ntimuvyitiranye na ka kazi k’umuhimbiri ko gukomera amashi munsi y’ikirwa (uburiri) mu gihe umwami yaba ariko arubaka (arangurana amabanga y’abubatse n’umwamikazi wiwe).

Nk’uko twavyiganiwe na F. N, aba mu ntara ya Kirundo, amaze no gutora ubusurira ahatari hake, ngo abo basore baba batowe mu bandi baja ku musaya w’inzu ahahereranye n’idirisha rirabana n’aho uburiri bw’ababiranye buri, maze bakabanga amatwi kugira ngo bumvirize uko ibikorwa biriko biragenda.

Agira ati : « Umwigeme yagize ubukwe aza yavutiye ku mabutura nk’atanu ku buryo umuhungu bitamworohera kuzimukura zose ngo amushikire vyoroshe. Rero abo basore batorwa kugira ngo baze baramugira inama y’ingene yobigenza, ntadebukirwe ngo ahave ata yomoke atarashika kw’ijambo. »

Hari aho bikomera bakaja mu vyo gucirirana …

Bagwanye kuva kera vyanse, akikora kuri ya misore bimubana amazi, uno musore araheza akinginga wa mugeni wiwe, akamwemerera amafaranga akabona gusoma ku nturire, ariko na ho nyene amuhaye make arashobora kuyanka. M.P, aheruka kwubaka na we nyene ava mu ntara ya Kirundo, aremeza ko uwo mugirwa n’ubu ukiriho ariko ngo ugwiriye cane mu batize.

Yagize ati : « Ni vyo biraba, ariko nk’iyo bishitse umugore akarusha inguvu umugabo, akamushikira arinze kumuhonga amahera, kenshi arayaruka, kuko amaze kumushikikira aramuhasha gushika aho asabisha ikigongwe ya yandi yari yatse kare, ubona ko bene abo bakobwa babanza kugorana baba ari amasugi. »

Impundu umwana w’umuhungu atsinze urugamba …

Mu gihe bakavurugutanye, uno musore akambura umugeni impuzu zose, ndetse n’igikorwa nyezina kikaba, ba bavumvyi b’ubusurira aho batunye ku musaya w’inzu baraheza bagatera intege uwarongoye, bagerageza kumukeza.

Wa mugabo, araheza agasohoka kwiyereka ba basore, ariko agasiga ahanjagiye inzugi zose.  Abavumvyi b’ubusurira bakimubona, buno nyene bamurerurira mu kirere bamuzungurukana ku mbuga, bakerekeza ku rugo kwa Se, n’indirimo nyinshinyinshi zo kumukeza, bati : « Kezwa urajabutse inyanja y’Ubusore ». Baraheza rero bakamusubiza iwe, bakitegura, bakabazanira imfungurwa bakabona kuryama.

Kuki barinda kunyinyurana kandi baba bareshanije, agatwengo ari kose ?

Nk’uko M. P abisigura, kuba babanza kwumvirizanya n’akadugumba kakajejeta, suko umwana w’umwigeme aba yagiye kwubaka atazi ikimujanye, namba nta n’uko biva ku kutagira indero kwiwe, ahubwo nyabuna aba ashaka kwumviriza ko ari umugabo ashoboye koko, azomugwanira hagize ikibatera, ariko kandi akumviriza ko azomuganza mu rugo. Ikindi ngo kwari ukugira ngo amwereke ko batamuciye ubusugi, atari umuntu uwo ari we wese yapfa kumwuririrako.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top