Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Umwanda mu kabare ? Biteye isoni !

Sasa rero, Njebarikanuye aje yiyamiriza umwanda uteye ishishi wibonekeza ku bubare bumwebumwe bwo mu bisagara kandi bavuga ngo n’ubwo abasirimu. Arababazwa n’ukuntu umwanda mukuru canke muto uwusanga kumpome, ku rupangu canke mu kigo c’akabare. Ubwo ba nyenebwo baraha agaciro amagara y’abahatumbera canke bahuzwa n’ifaranga gusa? Canke biva ku bahanwera?

Mugenzi Gitimpoze,

Si ishari canke inzigo ndagufitiye ry’uko waronse ivyo ukora bikwinjiriza ifaranga. Oya. Ni akagohe nkebuzi. Ni ukuri kwose, narababaye. Igihe naza kunywera kwa karya kabare kawe kari mu gisagara nahavuye ndahiye ko ntazohagaruka. Umwanda uhari, mu vy’ukuri uteye ishishi. Ni akamaramaza kubona akabare kitwa ngo n’ak’abasirimu, abantu bahurumbira, katagira ubwiherero busukuye. Ko mbona mubaga bakarya, icupa rigakurwa ku munwa n’irindi, muba mwibaza ko bibaheramwo, canke muhuzwa n’inoti gusa? Oya. Oya niwikebuke!

Nta nkeka ko nawe ubibona ukigira uw’ejo. Aho inyuma y’akabare kawe hanuka cu! Akazu ka surwumwe ufise ntiwoba ukikamenya kuko, ukira kugahangara ugasanganirwa n’ibigwi vy’isazi ziduma hirya no hino. Uwutimvye akakinjira kubera umusonga awuta aho abonye hasigaye ikibanza, agasubirana inyuma umunuko. Mugenzi, ha agaciro abantu bahagendera. Kuko iyo bariye bakanywa bagahimba barakeneye aho biherera heza.Nibaja kwiherera bakicara canke bagahagara ku myanda bazohakura indwara nyishi zituruka kw’isuku rike. Aho rero ntitwibagiye indwara z’ama infections abigeme borwara mu giye boja kwicara kw’urya mwanda uba uri kwa karya ka WC wibaza ngo ni toillete à siège itagirirwa isuku.

Reka nkucire agace mugenzi hari naho wokwikebuka. Hari umuntu mu bo twariko turasangira harya iwawe yakuneguye kubera isuku rike riri mu kazu ka surwumwe. Yambwiye ati: « Nta mugabo acinjira muri irya WC, yumva ashatse kwihagarika aca aja ku kibambazi c’ahari ubwiherero  akaza ahejeje. Ab’igitsina gore na bo ngo kubera gutinya infections bohakura, baraba ingene babigenza batarinze kwicara hama bakisohokera».

None ga mugenzi, abantu bose ni bafata ingingo yo kutagaruka kunywera iwawe ntubona ko uzohava ubihomberamwo? Rero nka kurya utunganya amahera yo guhemba abakozi bakudandariza, raba wisuganye ugire n’ubwiherero budateye ishishi. Wijukire n’isuku kugira uwuzohaza azogire n’umutima wo kuhagaruka. Birateye isoni gusohoka ngo ugiye gufata rimwe ryagufata ukabura aho urijana. None ubwo busirimu bakuvugako bushingiye kw’ifaranga gusa? Akabare kawe ntaho gatandukaniye na bumwe bw’urwarwa bwa ruguru, uwuhivye wese aja ahabonye.

Gitimpoze, nk’uko ukunda ko ivyawe bija imbere, niwige no guha agaciro amagara y’abakugana. Utunganye kandi urwize utuzu twa surwumwe kandi ucunge twame dusa neza, kuko biteye isoni. Mbwira wewe n’abameze nkawe bikubite agashi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top