Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Umwigeme Noussaïba Hakizimana yaraye atowe nka Miss Ngozi 2020, ni nde ?

Mu kibano bamuhamagara Nounou kubera izina ryiwe rigoye gusubiramwo. Noussaïba Hakizimana ni umwana w’umwigeme akiri muto yavukiye i Ngozi mu mwaka wa 2000. Uyo murondo avuka mu muryango ubayabaye. Ni ubuheta (umwana wa kabiri) mu muryango w’abana 4.

Umuraba, aragereranye. Ntiyirabura kandi sininzobe. Mu buvyibuhe arabayabaye. Simuremure kandi sinamugufi cane. Noussaïba Hakizimana, ubu ni umunyeshure wo muri Kaminuza yitiriwe ibiyaga binini(UGL) mu mwaka wa mbere mu gisata ca Télécommunication et Réseaux. Amashure yiwe y’intango yayatanguriye kuri Ecole Primaire Espérance de Ngozi gushika mu mwaka wa 4, aca ayabandaniriza kuri E.P Ngozi II.

Kuva mu mwaka w’indwi gushika mu w’icumi uyo mwigeme yatanguranye n’indinganizo nshasha y’inyigisho z’amashure shingiro kuri Lycée Communal Urbain de Muremera, hama arangiriza igice gikurikira amashure shingiro kuri Lycée Technique Moderne de Ngozi aho yize igisata ca Informatique de Télécommunication. Uyo mwigeme rero ni we ubu aramutswa ikamba ry’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge mu ntara ya Ngozi, inyuma yo gutsinda ihiganwa Miss Ngozi Kugasaka 2020.

Agatwengo ku maso, uduherena twinjira mu mazuru n’utundi ku matwi, araba hejuru yerekana amaso yiwe manini, Nounou aboneka nk’umukobwa yitonda kandi aca make. N’amafyeri mu guhagarara ukuntu, emwe bituma agaragara nk’umu miss mu vy’ukuri. Imishatsi ifungishijwe igitambara gisa n’agapira yambaye kireka imishatsi yiwe yasukishije igashokera ku matwi. Eka umuravye wobona ko ari umunyamideri.

None Nounou akunda iki?

Uyo murondo w’inzara zisize akarangi kera ku ntoke agira ati: « Ndakunda abantu bubaha kandi bugurutse kuko nanje ndugurutse, nama ngerageza kurondera guca bugufi, gutungana n’ugukora ibintu biri ku murongo. Ndakunda cane gukora ivyo kwerekana imideri(mannequinat). Ikindi nkunda ni ukuraba amareresi kuko binyungura ubwenge ». Ngo ireresi yapfiriye ni iyo benshi bazi kandi bakunda « Casa de Papel« . Muri iyo reresi agakundamwo cane umukinyi « El Professor » ku bwo guca ubwenge kwiwe, be na « Tokyo ».

Mu vy’indirimbo, uyo mwigeme yatahukanye ikamba mu karere ka Inarunyonga avuga ko kubera asanzwe ari n’umu Rasta mu mutwe akunda indirimbo za Reggaie kuko zifise ubutumwa bwihariye kandi bwubaka. Umuririmvyi wiwe yemera akaba ari Bob Marley. Nayo muvyerekeye umupira w’amaguru ngo yikundira umugwi wa Manchester United.

Nounou Noussaïba Hakizimana, uyo murundikazi yashikirije umugambi wiwe mu rurimi rw’ikirundi avuga ko akunda cane ikirundi naho n’indimi mva mahanga nazo azizi yazize mu mashure. Uwo mwigeme yambaye ikamba rya Miss Ngozi Kugasaka 2020 yahiganishije umugambi w’ukwirinda imbanyi ziterwa abigeme bakiri mu mashure matomato n’ayisumbuye. Ivyo bikerekana ko ikibazo c’imbanyi mu mashure yakigize nyamukuru. Kukabankako ico kibazo yagize inkora mutima gisanzwe cica kazoza k’abanyeshure kigatera n’ibibazo bitari bike mu miryango no mu gihugu.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top