Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Umwana yorarana n’abavyeyi kugeza ryari ?

Mu migenzo y’abarundi, umwana yararana n’abavyeyi gushika acuke nakare haba hageze ko akurikirwa ariko bamwe ntibakibibona uko, ng’umwana abaje kugora abikundanira abandi ngo yohabonera ibimurengeye ataragera.

Kumenya igihe umwana areka kurarana n’abavyeyi ni kimwe mu bibazo biteye impari mu bavyeyi bakiri bato. Kuri bamwe na canecane abifise, bavuga ko umwana umutegurira icumba araramwo ataranavuka ukagishiramwo vyankenerwa n’akuma kumviriza amajwi y’umwana mu gihe yorira mugabo akirarana. Abandi nabo ngo nyabuna umwana uramureka akaba arifyinira ku bavyeyi kuko bitaronka bose.

Abahinga mu vy’inyifato n’indero y’abana bo babivuga ko iki?

Alexis Ndayizeye umuhinga mu vy’inyifato n’indero y’abana akaba anarongoye ikigo «Turere hamwe» c’ubuhinga bw’indero no kugorora inyifato aremeza ko nyabuna ari vyiza ko umwana ararana n’abavyeyi biwe kuko ari akaryo ko kwidagadura ku bavyeyi usanga mbere rimwe na rimwe batanirirwanye bigafasha gukomeza urukundo hagati yabo. Ariko rero hari igihe kigeze umwana ategerezwa kuja kurarana n’abandi bana. Uwo muhinga abandanya asigura ko ata myaka itegerejwe ihari ariko ko ico gihe abavyeyi bakimenya bihweje intambuko ngenderwako yo gukura k’umwana agezeko.

Alexis Ndizeye yanonosoye ivyinyifato n’inyigisho z’abana

Ku ntambuko ya mbere akaba ari harya umwana akivuga gushika nko ku myaka nk’ibiri, muri ico gihe umwana aba ashira mu kanwa ikintu cose atoye kuko uburyohe bw’igitsina (zone érogène) abwumvira mu kanwa akaba ariho yumva anezerewe cane, ico gihe aba akiri na muto. Intambuko ya kabiri, umwana aba afise hafi nk’imyaka nk’ibiri agakunda kwifata canke kuja ku mwanda mukuru eka mbere no gutobanga amazirantoke yiwe. Muri ico gihe umwana uburyohe bw’igitsina abwumvira mu gisusu. Inyuma y’izo ntambuko z’aho umwana yahora yumvira uburyohe mu kanwa canke mu gisusu buca bwimukira mu gitsina. Umwana aba afise nk’imyaka nk’itatu canke irenga akagerageza kwifata nk’umuvyeyi basangiye igitsina kugira ashimwe n’umuvyeyi badasangiye igitsina. Iyo umwana ashikiriye iyo ntambwe haba hageze ko akinjura akaja mu bandi bana.

Kuki igihe kigera ko umwana atararana n’abavyeyi ?

Uyo muhinga mu vy’inyifato n’indero y’abana agira ati: «Sivyiza ko umwana ageze kuri iyo ntambwe yoguma arara hamwe n’abavyeyi kuko aba atanguye guca ubwenge akanabona abavyeyi biwe bariko barangura amabanga y’abubatse ntatahure ibiriko biraba bigashika bikanamutera n’ubwoba yibaza ko bariko baraniganira mu busaswa. Hari n’igihe iyo ari nk’agahungu agatsina gahaguruka kandi imitsi itarakomerera ico gikorwa».

Nk’uko Ndayizeye abandanya abivuga, ngo ivyo birashobora kugira ingaruka mbi nyinshi ku buzima bw’umwana kuko bishobora gutuma yanka umwe mu bavyeyi yibaza ko agirira nabi uwundi. Hari n’abana baca bagira ingorane zo kwiga no gukurikirana ivyigwa vyo mw’ishure ndetse hari n’abana bageze mu bigero batinya amabanga mpuza bitsina bivuye kwihahamuka bagize bakiri bato mbere ku bahungu hakandurukiramwo n’ikibazo c’igitsina kidahaguruka. Hari n’abana baca baja barerekana mu bandi bana ivyo abavyeyi babo barara barakora canke birirwa barakora.

Alexis Ndayizeye agakebura abavyeyi ngo bafate nkankama ikintu cose mu ndero y’ikibondo   kandi ntibatinye kubaza akababakiye abahinga na kare ngo izija guhona zihera mu ruhongore.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top