Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Rouge à lèvres : n’ubwo ihurumbirwa, ni mbi ku magara y’umuntu

Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe « Rouge à lèvres ». Abantu benshi b’igitsina gore bakaba bayihurumbira bayisiga ku minwa yabo kugira baboneke neza. Abahinga bakamenyesha ko muri Rouges à Lèvres harimwo aluminium, plomb na chrome zitera indwara zitandukanye ku magara y’umuntu.

Nimba hari ikintu kigurwa cane mu bintu abagore bakoresha mu kwimonora, ni Rouge à lèvres. Iyo na yo akaba ari akarangi bisiga ku minwa kugira ihindure ibara. Bavuga ko, kw’isi rouge à lèvres 1 kuri buri segonda 27 iba iguzwe. Ukwo kuyihurumbira ku kaba kuri mu gushaka kwihindura no kuboneka neza ku munwa no mu maso. Kanatsinda ngo ni co kigwanishwa ca mbere ku bagore gituma abantu babagomwa.

Nasla Kenny Mwizero umwigeme akunda gusiga Rouge à lèvres avuga ko atova mu nzu atagashizeko, kandi ko katonabura mu gasaho kiwe yitwaza. Agira ati: «Nta mukobwa canke umugore wo kutaboneka neza.Uhejeje kwambika neza umubiri impuzu, ikiba gisigaye ni ukwikora no kwambika iminwa akarangi kugira umwenyuye uhimbare abakuraba. Rouge à lèvres ituma abayisiga batagata ku minwa, eka mbere igatuma n’abakuze baboneka nk’abakiri bato ».

 Ingaruka mbi ntizibuze…

Dr Belyse Kaneza umurundikazi yanonosoye ibijanye n’indwara zo ku ruhu avuga ko muri Rouge à lèvres co kimwe no mu bindi bihingurwa vyose bikoreshwa mu kwisiga haba harimwo ibintu bita «colorants, conservants hamwe na métaux lourds» bishobora gutera ingwara. Afatiye ku vyo abahinga bajejwe gusuzuma ubwiza bw’ibidandazwa n’imiti berekanye, Dr Belyse Kaneza avuga ko muri rouge à lèvres harimwo aluminium, plomb na chrome izo nazo zikaba zotera ingwara z’uguhurirwa ku rukoba, guhungabana mu mubiri, guhungabana mu mitsi nsoza bwenge hamwe na za kanseri zitandukanye.

Ivyigwa vy’abashakashatsi bo muri Kaminuza ya Berkeley yo muri Californie baremeza ko muri Rouge à lèvres harimwo ama «métaux lourds» (Aluminium, Plomb na Chrome). Rero ngo abantu bisiga Rouge à lèvres ku munwa, usanga hari iyo bamira ikabaja mu nda. Kandi n’abana n’abagabo basomagurana n’abayisize boba bayimirako utumirigarama na duke. Kukabankako ubwo bushakashatsi bwerekana ko abayisiga bashobora kumira iyiri hagati ya mirigarama 24 na 87 ku munsi.  

Mwomenya rero ko muri ubwo bushakashatsi bwakozwe na kaminuza ya Berkeley bwerekanye ko ku bwoko bwa Rouge à lèvres 32 bizeko, 24 murizo zifise plomb ishobora guteza ikibazo c’irondoka hamwe n’ic’ukudakora neza kw’ubwonko, na yo chrome ikaba yotera ibivyimba mu gitigu, mu ma fyigo n’ahandi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top