Amayagwa avuga ibijanye n’ Uburundi bwa ba sokuru aha ikibanza kinini ubworozi bw’inka ivyo bigatuma tutitwararika kumenya akamaro k’uburimyi n’ikibanza bufise mu kibano, ico uburimyi bwagereranya ku ntwaro ya cami n’ico abakurambere babwiyumvirako.
Imbere yo kuvuga ku bijanye n’ibiterwa vyakomotse muri Amerika, nk’ibigori; ibijumbu n’ibiharage, ivyo na vyo bikaba vyashitse mu Burundi nko hagati y’impera y’ikinjana ca 18 no mu ntango y’ikinjana ca 19, reka tubanze tuvuge ibijanye n’ibiterwa kama vyo muri Afirika. Ivyo na vyo ni: amasaka; uburo n’ibihwanya.
Amasaka ari mu bwoko butandukanye. Hari amasaka usanga atukura n’ayandi y’umweru. Amasaka n’igiterwa kirinda amahindagurika y’ibihe, canecane iyo ari igihe c’uruzuba. Akarorero gato kerekana ko amasaka arinda uruzuba nuko ubushakashatsi bwerekana yuko igihe hatera ikiza c’inzara mu mwaka w’1928, ibice 60% vy’amasaka vy’arokotse uruzuba rwari rugisibije ico gihe. Amasaka yarimwa mu kwezi kwa kigarama, agashwaburwa mu kwezi kwa mukakaro. Mu Burundi bw’aho hambere, mu mpera z’umwaka, mu kwezi kwa kigarama kw’iki gihe, umwami n’iwe yugurura ibirori vyo kubiba amasaka.
Uburo na bwo nyene buri mu binyantete, bwaterwa mu kwezi kwa nyakanga bukageswa mu kwezi kwa ndamukiza. Ibihwanya vyo mu bwoko bw’imyungu barabifungura, imihiti na yo yakorwamwo ibirende n’ibisabo kandi vyaterwa impande y’urugo.
Imigirwa y’abarundi ifatiye ku mfungurwa
Ivyo biterwa vy’uburo, amasaka, ibihwanya, isogi hamwe n’igitoke vyarakoreshwa cane mu migirwa y’ukwambaza kiranga, mu migirwa yo kubandwa ( aho cazira kikaziririzwa kurya ibiharage), canke mu bijanye n’imigirwa yari yemewe i bwami( nk’aho bavuga ko umwami yavukana imbuto).
Uburo n’amasaka na vyo nyene vyarakoreshwa mu migirwa imwimwe yakorwa ijanye n’uburimyi. Uburo babujana kububiba mu murima babuvanze n’umunyota wo mu ziko wavuye ku bisobanywa vy’urugo vyacanywe muhira, amasaka na yo bayajana kuyabiba bayavanze n’umunyota wo mu gicaniro c’inka. Ababa bariko barabiba co kimwe n’abariko barubaka barasaba imana ngo ibarungikire inyamanza(inyoni y’imana) nk’ikimenyetso cerekana ko ivyo bariko barakora bihezagiye.
Imigani ishingiye ku biterwa
Mu migani myinshi baca, berekana ko ubutsima ari yo ngaburo ibereye. Mu gihe c’amapfa, imigani y’abarundi ivuga ko abantu baca baja kurondera aho bokura uburo canke amasaka. nk’akarorero, hari umugani baca w’umugabo yahuye n’urukwavu batazira «rwamaheke», ico gihe inzara yari yateye ruca rumubwira ruti: «zana ico giseke». Hanyuma rushiramwo umurizo ruramukungutira urubere mu kanya isase igiseke kiba kiruzuye. Mu mitima y’abarundi b’aho hambere, ahantu himbuka cane amasaka bavugako hatunze kandi ari heza kuba.
Ariko mu tugani n’ibisokozo, imico y’abarundi ntivuga cane imigirwa n’imigenzo y’ibiterwa vya kera, ahubwo ishimangira ivyerekeye ibiterwa bishasha mbumbarugo vyazananye ahandi. Aho usanga hari ibintu bitari bike vyanditswe ku giterwa kimwekimwe bica irya n’ino uruhara rwaco mu gusahiriza mu vy’ubutunzi mu miryango. Ivyanditswe ku buro bivugako ari igiterwa c’ikinyantete gitangaje cane, gifise intete nyinshi, kandi ico giterwa nticigera gikura ngo gishikire ikireho c’umurimyi yagiteye, n’umurimyi akaba atoshobora guharura intumba (intete) zikigize.
Na yo amasaka, akwiragiye mu kibano, atsimbataza igikorwa, akarwanya ubunebwe kandi akunga ubucuti mu bantu: «Imvura uko igwa ku masaka, yerekana ubucuti buri hagati mu bantu».
Ibihwanya ngo ni vyo mu muryango, ni nk’umuvyeyi akurikiwe n’abana biwe. Igiterwa c’igiharage, n’igiterwa c’ikwije mu nsanganyangaburo uwo ari we wese adakwiye kwirengagiza. Ikigori cerekana ukurwira, canke ubutunzi. Kigereranywa n’abavyeyi bahetse abana babo. Igitoke na co kigereranya ugutsimbatara, ugushikama kwa nyene itongo.
Ubucuti buri hagati y’imfungurwa n’ibinyobwa mu Burundi bwa kera
Ibitandukanya ibiterwa vya kera n’ivy’ubu nta bwo bifatiye gusa ku vyiyumviro bijanye n’ubutunzi, biravana kandi n’imigirwa ifatiye ku gufungura n’ingene bikoreshwa mu miryango. Ibiterwa bikomoka muri Amerika: ibiharage, ibigori, ibijumbu vyarinjijwe mu bifungurwa vy’abarundi, ariko impeke zikaba zagiye zirakoreshwa mu kwenga inzoga, ni ukuvuga ko impeke zivamwo inzoga ihuza abantu bo mu kibano bose gusumba uko zifungurwa mu muryango. Inzoga ikaba rero ihuza canecane abagabo gusumba abagore, yunga ubucuti mu babanyi, ubwumvikane canke imigenderanire, inzoga irakora no mu bijanye n’intwaro.
Mu kinjana ca 19 ingo nyinshi zari zibeshejweho n’ibiharage vyarimwa kandi bigatekwa n’abagore, ariko ikirimba c’abatware canke c’Umwami caguma gikikijwe n’umurima w’amasaka. Cari igiterwa cerekana ukurwira n’ubushobozi. Ikoreshwa ry’amasaka ryagiye kugabanuka kuva mu gihe c’ubukoroni, aho hahindurwa ibijanye n’uburimyi bashaka ko ibiharage n’ibitoke ari vyo vyoshirwa imbere, ivyo bikaba bifatiye ku mahinduka yabaye mu vy’intwaro, imibano n’akarangamutima.




