Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Ishingwa ry’amashirahamwe : hoba hari inyungu yatanguye kwibonekeza kubw’uturusho dutangwa ku makori ?

Ku munsi wa gatanu, igenekerezo rya 10 Mukakaro, Désiré Musharitse, umuyobozi w’ikigiko kijejwe guteza imbere abanyamitahe « API », yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru kijanye n’ivyaranguwe mu mwaka wa 2019-2020. Ibiharuro vyaraduze cane ugereranije n’umwaka wa 2018 …

Mu vy’ukuri uturusho duhabwa amashirahamwe ku makori dufasha iki ? Turakoreshwa neza ? Turatera intege abikorera utwabo na bo bagashiramwo imitahe vy’ukuri, ndetse bakanatanga ubuzi ? Ni koko, mu vyegeranyo vyama vyasohowe n’ikigo API, ibiharuro vyerekana ko ibikorwa vyagenze neza. Ariko none ku rubuga vyifashe gute ? Ni vyo bibazo bikunze kuguma bigaruka iyo ikigo API gitunganije ikiyago.

Nk’uko bishikirizwa n’ikigo API, amashirahamwe yahawe uturusho ku makori mu mwaka wa 2019, yavyitwayemwo neza : « Mu kiringo kijanye n’integuro yamafaranga Reta yakoresheje kiva muri Mukakaro 2019 gushika muri Ruheshi 2020, haratanzwe impapuro z’iyubahirizwa ry’amasezerano zishika 88, zihabwa amashirahamwe yari asanzwe yarahawe uburenganzira bwo kuronka uburusho kw’ikori. Ayo mashirahamwe yatanze umutahe ungana n’imiriyaridi 374 ku miriyaridi 507 zari zategekanijwe (ni ukuvuga ko ivyo bikorwa vyaranguwe ku bice birenga 70%). Ayo mashirahamwe yarongeye atanga ubuzi bungana 3.245 ku 4.628 bwari bwitezwe (yaranguye ibiri mu masezerano ku bice vababa 70%.). »

Tubibutse ko umugwi washizweho mu ntumbero yo gukurikirana neza ingene amashirahamwe yahawe uturusho ku makori, hisunzwe itegeko rigenga abanyamitahe, werekanye mu mwaka wa 2018 ibiharuro biteye amakenga : « Mu mpera y’umwaka wa 2018, amashirahamwe 31 yakuweko amakori amwe amwe yari yiyemeje kwongereza k’umutahe wawo imiriyaridi zirenga 140. Imiriyaridi 71 nizo zashoboye kuboneka, ni ukuvuga ko ico gikorwa cakozwe ku bice 50%. Ni mu gihe ku buzi 2. 292 bwari gutangwa n’ayo mashirahamwe nyene, hatanzwe 1.341 bwonyene, ni ukuvuga ko ivyari mu masezerano¨bijanye n’itangwa ry’ubuzi  vyaranguwe ku bice 46% ».

Muri kiringo nyene co kuva muri Mukakaro 2019 gushika muri Ruheshi 2020, umuyobozi w’ikigo API amenyesha ko gishe ijejwe kwandika amashirahamwe y’ico kigo nyene  yanditse amashirahamwe 4.546 yari gutanga ubuzi bungana 23.000. Ahandi na ho impusha 36 zikura amakori ku mashirahamwe nk’uko biri mw’itegeko rigenga abanyamitahe zaratanzwe izo na zo zikaba zari zihuye n’imitahe ingana n’imiriyaridi zababa 493 yari gutanga ubuzi 2.164.

Igisomwa cahinduwe mu Kirundi na Révérien Niyorugira,

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu    

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top