Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ni bande bemerewe gufata « Viagra » ? Inyishu ya muganga

Hari igihe abahungu canke abagabo biyumvira ko kurangura amabanga mpuzabitsina ari ugukomesha umukobwa canke umugore baba barikumwe ngo akunde abemere. Ukwiyumvira bene ukwo bituma bamwe mu bantu b’igitsina gabo bahurumbira ibinini nkaburamubiri bituma igihimba c’irondoka cabo gihaguruka kigafora n’inguvu nyinshi.

Muramaze kwumva canke gusoma inkuru zijanye n’ibinini nkaburamubiri (Viagra). Biramaze kwiha inkumbi mu babihurumbira. N’i Muyinga ngo hari umumotari biherutse gukumbagaza kubera ko yari yabitamiye atavyandikiwe na muganga, maze amira vyinshi. Umupfakazi bari basezeranye kumumara irungu yahavuye amwigarama, umumotari abuze aho ahoreza ubumara bw’ibinini yari yanyoye, yanduruka yereka umukondo ijuru (arapfa).

???? Léoncie wo muri komine #Buhinyuza, intara ya Muyinga, aramaze iminsi itatu apfunzwe yagirizwa kwica umuntu. Itariki…

Publiée par JimbereMagazine sur Mercredi 24 juin 2020

Hamwe hamwe mu mazu adandarizwamwo imiti aho udasanze « Viagra » n’uko ziba zaheze. Hari umudandaza akora muri «Pharmacie» imwe mu gisagara ca Bujumbura avuga ko utwo tunini nkaburamubiri duhurumbirwa cane. Abaturondera ngo baza bagira bati: «Nkeneye akayivyura» canke abandi ngo: «Nkeneye akayibatura ». Nawe ngo aca yumva ico bakeneye. Rwaba urwaruka, canke abagabo bitereye mu myaka baratugura, eka ngo n’abagore baradusuma bakaza kudutega abagabo babo mu binyobwa mu gihe babona ko mu gitanda « isake itabika neza ».

Uwo mudandaza wo muri « Pharmacie » avuga ko abantu b’igitsina gabo benshi bafata iyo miti kugira ngo bagaragaze ubugabo bwabo mu kugira inguvu nyinshi mbere zirenze iyo bariko bararangura imibonanano mpuzabitsina.

None ibinini nkaburamubiri bigenewe bande?

Dr Louis Caius Ndayisenga asanzwe akora kuri rimwe mu mavuriro y’i Muyinga avuga ko bibujijwe ko umugabo afata ivyo binini mu gihe igihimba ciwe c’irondoka kitagoyagoya. Agira ati: « Ivyo binini abanganga bavyandikira abahungu b’imyaka 18 n’iyirenga bafise ubushobozi buke bwo kurangura amabanga mpuzabitsina. Naho nyene, abaganga babanza kumusuzuma bakaraba ko atacotuma adafata iyo miti. Umuntu yandikiwe ico kinini, ahanurwa ku kinywa mu gihe arikumwe n’uwo bahava barangurana amabanga mpuzabitsina kandi akamira kimwe gusa mu kiringo cababa isaha imwe imbere yuko arangura amabanga ». Dr Ndayisenga avuga ko umwanya ico kinini gishobora gufasha uwakiriye kugira akayabagu ko kurangura amabanga mpuzabitsina ungana n’amasaha 7. Arashimika avuga ko atari vyiza kurenza kimwe ku munsi.

Benny Ndayishimiye yanonosoye ibijanye n’ivyigwa ndoragitsina (Sexologue), avuga ko uwafashe akanini kamwe nkaburamubiri bituma igihimba c’irondoka ciwe gihaguruka kigafora gushika ku ncuro 7 canke 10 zirenga ku rugero rusanzwe uwo muntu yahora agezako. Mu kurangura amabanga mpuzabitsina naho, ngo bituma umuntu yahora afise ikibazo muri iryo banga amara umwanya muremure.

Ingaruka mbi zavyo, ni nyinshi …

Dr Louis Caius avuga ko ivyo binini ari umuti. Birabujijwe kubinywa ku muntu ata kibazo asanzwe afise ku bijanye no kurangura amabanga mpuzabitsina kuko uwigerejeko bimugirira ingaruka mbi, no gupfa birimwo. Agira ati : « Unyoye ikinini usanzwe ufise ikibazo c’umutima canke ukanywa vyinshi, bishobora guhindura uko umutima wariko uratera, ugasanga umuntu arapfuye. Biratera kandi kuribwa mu nda, kumeneka umutwe, gucibwamwo, kutabona neza, guhema nabi, ugutera nabi kw’umutima, n’ibindi.  Kubw’ivyo, ni ukubanza kwitura umuganga imbere yo gufata ivyo binini ».

Nawe Benny Ndayishimiye amenyesha ko iyo umuntu yamaze kumenyera ibinini nkaburamubiri asigara arivyo bimukoresha gusa. Agira ati:  « Ntiba igihaguruka atakiriye kuko imitsi hageraho ikaregarega ikaba itagifora ata nkorerezi. Viagra irica mu mutwe. Nta gutuza uwubinywa agira kuko n’iyo ariko arakora ikintu ntagiheza. Ntagishika aba akigirira uwo baba bariko barahuza ibitsina kuko abikora kugira yizimirize umuriro gusa. Uwo vyiziziye ntaba aciyumvira bikwiye kuko ubwonko bwiwe buba bwararushe kandi bikamutera n’ubunebwe ».

Dr Louis Caius ahanura abantu bafata ivyo binini nkaburamubiri batavyandikiwe n’abaganga kubihagarika kuko bigira ingaruka mbi ku magara yabo, ahubwo bakijukira kwitura abaganga igihe cose bafise akababakiye gutyo bakavavanura n’ingeso yo kwigenera imiti.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top