Nkuko tubisanga mu gitabo c’ubushobozi bwo kw’ibweshaho, muri rusangi ikirangaminsi co kuja mu kwezi ku mwana w’umwigeme kimara iminsi 28. Ariko rero kugira umenye neza ibihe wosamiramwo ubwirizwa kumenya ubwa mbere na mbere iminsi ikirangaminsi c’ukwezi cawe kimara, ni ukuvuga kuva ku munsi wa mbere w’ubutinyanka gushika ku wundi munsi bugarukiye.
Ikimenyetso cerekana ko umwana w’umukobwa yinjiye mu bihe vyo kuza araja mu butinyanka, ni amaraso atemba ava mu gitsina, atari uko yakomerekejwe n’igiti canke ibindi. Hari ababanza kuribwa ariko hari n’abandi bataribwa bakabona ayo maraso yamaze kumata ku gahuzu ko musi ata menye na kimwe. Kuva ubwo, igihe cose uko ukwezi gutashe, uno mwigeme aguma abona ayo maraso gushika ku myaka nka 50. Umaze gutangura kwibonako ico kimenyetso uba ushobora gusama.
Ibice bigize ico kiringo
Ikirangaminsi c’umukobwa kigizwe n’ibiringo bitatu.
Ikirongo ca mbere ni igihe akabuto gategurwa n’umubiri kakongera kagahishira. Ico kiringo gitangura ku munsi wa mbere w’ubutinyanka gushika ku munsi ugira 14 dufatiye ku mwigeme canke umukenyezi afise ikiringo c’iminsi 28.
Ikiringo ca kabiri ni ic’irekurwa ry’akabuto, agasaho k’imbuto kararekura urubuto rwahishiye ku munsi uri hagati na hagati y’ikirangaminsi c’uwo mwigeme. Nk’uwusanzwe afise ikirangaminsi c’iminsi 28 igihe c’irekurwa ry’akabuto gica kigwa ku munsi ugira 14. Ni na co gihe bishitse urubuto rw’umugore rugahura n’intanga z’umugabo haheza hakavamwo irigi na ryo rigaheza rikamanukana mu karingoti kariganisha mu gitereko.
Ikiringo ca nyuma ni ic’itegurwa ry’igitereko. Inkabuzo « progestérone » zica zitangura gutegura ibizobeshaho umwana mu gihe umuntu yasamye. Muri ico gihe, iryo rigi ribandanya rikurira mu gitereko. Iyo atasamwa ryabaye naho akabuto karapfa kagasohokana n’ubutinyanka. Ivyo bikaba inyuma y’iminsi 14 iheze akabuto karekuwe. Iyo minsi ntihinduka kuri bose.
Igihe co gusama
Ibiringo vy’ubutinyanka ntivyama bigizwe n’iminsi 28 gusa ariko birashobora guhinduka kuva ku minsi 21 gushika kuri 40 bivanye n’ingene umubiri wa buri mwigeme umeze.
Ikiringo co gusama kiri hagati y’iminsi 4 na 5.Na co gihuye n’umunsi w’irekurwa ry’urubuto rw’umwigeme ugaca wongerako iminsi 2 imbere n’iyindi 2 inyuma kuko intanga z’umugabo zishobora kumara umwanya muremure mu gisabo c’umugore zitarapfa. Ni muri ico gihe umuntu wese akwiye kugaba kuko mu gihe habaye imibonano mpuzabitsina idakingiye, umuntu ashobora gusama imbanyi atipfuje.
Mwomwenya ko umunsi urubuto rusha ushobora guhindagurika biturutse ku bigumbagumba, ubwoba bwinshi, imyitwarariko myinshi, guhindura ikirere c’aho uba n’ ibindi .




