Jimbere

ikirundi French English
UBUTUNZI

Uturusho ku makori tuduga cane ku mwaka ku mwaka turatera amadidane

Kuva kw’igenekerezo ry’uwa 3 gushika ku wa 5 Ruheshi 2020, ikigo kijejwe guteza imbere abanyamitahe API caratunganije umwiherero wo kumenyesha no kuronsa inyigisho abaserukiye ibinyamakuru n’amaradiyo, mu ntara ya Gitega neza na neza kw’iseminari nkuru yitiriwe Yohani Paulo wa kabiri. Muri vyinshi  vyahigiwe haragarutse cane  ikibazo c’iduga ridasanzwe  ry’amafaranga y’uturusho ku makori tugenda turiyongera  ku mwaka ku mwaka. Ni muri iyi nkuru.

Ico kibazo kiraraje ishinga sentare ijejwe kwubahiriza umutungo wa Reta kuko idasiba kugabisha mu vyegeranyo vyayo : Mu gihe mu mwaka wa 2015 Reta yari yategekanije amafaranga angana imiriyaridi 18 z’uturusho yari gutanga muri ico kiringo, wagiye kurangira hatanzwe uturusho  tw’imiriyaridi zirenga 100 z’amakori Reta yari kwinjiza , ni ukuvuga ibice birenga 466,2%.  Mu 2017 ho ibiharuro vyaraduze cane. Imiriyaridi 18 z’uturusho zari zategekanijwe zararenze cane, sishika 111, nayo kuva kw’igenegerezo rya 1 Mukakaro 2019 gushika ku wa 31 Nzero 2020 hari hamaze gutangwa uturusho ku bice birenga 490% ufatiye ku mahera y’uturusho yari yategekanijwe.

Ariko rero mwumve neza. API si yo itanga uturusho ku makori gusa, kuko yoyo ikora yisunze itegeko rigenga imitahe. Iruhande ya API, Reta ibicishije mu bushikiranganji bujejwe ubutunzi iratanga ubwo uburusho na yo nyene.

Hamwe n’ivyo, kuva mu kwezi kwa Ruhuhuma 2014, mu ntumbero yo gutunganya neza no gucungera ibikorwa vy’itangwa ry’uturusho ku batugenewe, ikigo API carashinze igisata kijejwe gukurikirana amashirahamwe n’amahinguriro yahawe urupapuro rwemeza ko bemererwa n’amategeko guhabwa uturusho hisunzwe itegeko ribiraba. Ubutohoji bwakozwe n’ico gisata bwasanze vyifashe gute?

Icegeranyo cabonetse ntikimara amadidane

Nk’uko ico gisata kibimenyesha, mu mwaka wa 2019, ikigo API catanze impapuro  69 zitari iza burundu zerekana ko abazihawe  bakurikije ivyo biyemeje. Ni mu gihe mu mwaka wa 2018 hari hatanzwe izishika 54, ni ukuvuga ko ziyongereye ku bice 13%. Inyuma y’umwihwezo wakozwe vyagaragaye ko  iryo yongerekana ryaturutse kw’igwirirana ry’ibidandazwa vyinjijwe bivanye n’ingingo zafashwe mu ntumbero yo kworohereza abo binjiza ibidandazwa. Mu mpera z’umwaka wa 2018, amashirahamwe 31 yaronkejwe uturusho yari amaze gushinga imitahe w’imiriyaridi 71 z’amarundi ku miriyaridi 143 zari zitezwe, ni ukuvuga ko ico gikorwa  caranguwe ku bice 49.58%. Ku buzi 2.929 bwari gutangwa, ayo mashirahamwe yatanze ubungana 1.341, ni ukuvuga ko ibikorwa vyaranguwe ku bice 45.7%.

Hisunzwe ivyigwa vyakozwe ku gitigiri c’imiduga yahawe uturusho two gukurwako ikori kuva mu mwaka wa 2009 gushika 2015, biboneka ko amashirahamwe 23 kuri 77 ikigo API cahaye uburenganzira bwo kwinjiza imiduga ata makori arishwe, atakoresheje imiduga nk’uko vyari mu masezerano yagiriraniye na API.

Ni mu gihe  mu kiringo kiri hagati y’imyaka ya 2009-2012, mu gisata c’amahoteri no kwakira ingenzi, imigambi 78 y’amahoteri ari yo yahawe uburenganzira bwo kuronka  uturusho. Muri iyo migambi 78, iyishika 59 iri i Bujumbura. Ivyigwa vyakozwe ku murwa mukuru w’ubutunzi, bifatiye ku mahoteri 20, vyatanze ibiharuro biteye ubwoba: 5 kuri 13 (61,5%), ntizari zigikora eka mbere 4 muri zo zarangurirwamwo iyindi mirimo.

Mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi « Tuyage » ufashwe mu mugongo na USAID, ikinyamakuru Jimbere cifadikanije n’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi mu gikorwa co kwandika inkuru zijanye n’ivy’ubutunzi mu gihugu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top