Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

« Abagendana ubunyamwema turababazwa n’uko mu Burundi ata mavuriro ahari twokwitura »

Buri wa 13 Ruheshi uko umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe banyamwema. Mbega none uwo munsi uje usanga bugarijwe n’ibihe bibazo nyamukuru? Ibitigiri vyerekana ko bangana gute mu Burundi?  Soma iyi nkuru utomokerwe.

Nk’uko icirwa cakozwe na Albinos sans frontière mu mwaka wa 2011 kibimenyesha, banyamwema bababa 1.200 mu gihugu. Ni mu gihe kuva kera bitorohera abarundi gutahura ivuka ry’umwana w’urukoba rwera ku bantu babiri bafise umubiri wirabura.

Ivyo bikaba vyatuma bibaza ko vyoba biva ku karoge canke ko ari igisizimwe, mbere n’umukenyezi yarashobora kwirukanwa ku bw’uwo mwana, ariko ivyo vyose bikaba vyava ku kutamenya.

Hari abandi bibaza ko ibihimba vy’umwema bizana itunga ari na vyo vyatumye benshi bicwa kuva 2008 gushika n’ubu. Mbere i Kinyinya, mu ntara ya Ruyigi, hariho abacegeranirijwe hamwe ku gutinya abicanyi bahitiye bagisibije cane mu ntara zihana imbibe n’ibihugu bibanyi vy’Uburundi.                                                                

Ubuvuzi ku banyamwema buracumbagira

Ubunyamwema buva ku kanyabuzima (« gene ») kagengwa n’ukudakora neza icunyunyu bita « pigment » giha ibara urukoba, imishatsi, ubwoya n’amaso nk’uko bikwiye. Rero iyo umugore n’umugabo bahuye bompi bafise ako kanyabuzima, umwana abavutseko ashobora kuba nyamwema. Ivyo vyose bigatuma nyamwema agira ingorane z’amagara nk’urukoba hamwe n’amaso, kuko umubiri wiwe utaba wikwije. Ivyo rero bikanamusaba kwikingira n’impuzu zifuka umubiri hamwe n’amarori ngo yamishwarara y’izuba ntimubabaze inamutere ingwara z’ikomeye nka cancer.

Constance Katihabwa, asanzwe ari mu barongoye ishirahamwe ASB (Albinos sans frontières) akaba agendana ubunyamwema ngo arababazwa n’ingene mu Burundi, ata mavuta akingira urukoba ahari. Amenyesha kandi ko kuba ata mavuriro boshobora kwirukiramwo mu ntu mbero yo kwivuza na cane cane ingwara z’amaso na cancer y’uruhu bituma babangamirwa cane bakarinda kuja mu bihugu bibanyi nk’i Tanzaniya hoho hari ibitaro vyagenewe kwakira ba nyamwema kandi bakabavura kuri gusa. Igiheza kikabavuna muri ico gihe, ni uburyo bwo kwiyunguruza, uburaro mu gihe uwumvise ko asinzikaye ajabutse kwivuriza muri ivyo bihugu.

Kubwa Constance, ngo no mu Burundi harakwiye gushingwa bene ayo mavuriro abanyamwema bitura kugira ngo, naho batobavura gushika aho bababasha kubona neza, ariko bikunde babapfupfaharize. Agasaba kandi ko boronswa ku buntu amavuta yo ku rukoba kuko n’aho bayasanze ngo usanga azimvye cane mu gihe uburyo bw’abanyamwema b’abarundi muri rusangi bugeze ku rushi.

Mwomwenya ko ubunyamwema atari abirabure gusa babugira ariko n’abazungu bashobora kwibaruka abana babufise.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top