Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Wari uzi ko kugona ari ingwara ishobora kwica umuntu ?

Mu gihe abatari bake bazi ko hahirira umuntu vyashitse agatiro kakamutwara yasamye, muganga Léonard Bivahagumye umuhinga yanonosoye ivy’ingwara zifatira mu mihogo, mu mazuru no mu matwi amenyesha ko burya kugona ari ingwara mu zindi. Irakingirwa, iravurwa kandi irakira iyo atari mvukanwa. Ni muri iyi nkuru.

Guhirira canke kugona ni uguhema impwemu zigasohoka zivuga kuko ziba zagomerewe mu nzira n’uduhimba twitambitse mu karingoti impwemu zicamwo. Ibi bishika mu gihe umuntu asinziriye gusa.

Nk’uko bisigurwa na muganga Bivahagumye, amajwi asohoka kubw’iyo ngwara aterwa n’uko aho impwemu zica umuntu asinziriye hamera nk’ahajugumira kurya umuyaga uhuhuta ugahungabanya ibendera. Ibice vyose bikikuje inzira z’ihemero kuva mu zuru, mu kanwa, gushika aho impwemu zinjira mu muringoti winjiza impwemu mu mahaha, birashobora guhungabana kubera biba vyaroroshe canke na ho inzira ikaba ari ntoyi.

Ingaruka zo kugona

Iyo umuntu ataronka neza impwemu asinziriye haraba ingaruka zitari nke. « Harya ivyo umubiri wunguka ubironka iyo uruhutse. Umuntu asinziriye, impwemu zirinjira, n’ubwonko bugashikirwa. Nk’umwana ntashobora gukura neza mu gihe abuze ivyo vyose. Ni hamwe ku murango usanga aguma arushe, ntakurikirane neza mw’ishure, n’izindi ngaruka tutadondaguye zose».N’umuntu akuze ni uko nyene, aguma ahunyiza akazi kiwe ntakarangure uko yavyipfuza kuko aguma arushe. Iyo rero vyarengeranye, umuntu arashobora gusinzira impwemu zikinjira zinigana n’ugupfa agashobora gupfa.

Gute umuntu yokwikingira iyo ngwara ?

Kugona bishobora kuva ku kuntu umuntu yaremwe canke na ho bikava ku bintu umuntu ashobora kwirinda we nyene. Muganga Bivahagumye atanga akarorero ku muntu usanga afise agasakanwa kameze nk’akiteye muri we. Ni ukuvuga ko igufa ry’umubangabanga riba na ryo nyene ryariteye gutyo inzira y’impwemu ikaba nto. Impwemu ntiziba zigisohotse neza ari yo mpamvu ahema ahirira. Ibi ntibivurwa, ntibinakingirwa kuko biba ari mvukanwa. Ni cokimwe n’ibiva ku ndesho y’izosi (iyo ari rigufi).        

Uwo muhinga amenyesha kandi ko hari ibiterwa n’uko uduhimba two ku gisenge c’akanwa canke ku kamirabugari tuba tworoshe, tukaba tureture, canke na ho tukaba twarapfuye. Ivyo na vyo bigaterwa n’inzoga, itabi n’ibindi. Mu kwikingira iyo ngwara rero, aba bantu boheba iryo tabi n’inzoga, uwo vyankiye gose ko aheba icupa, akagabanya.

Hari abandi rero bagona biturutse ku buvyibuhe burenze bw’umuhogo. Agira ati : « Iyo umuntu avyibushe, n’ururimi ruravyibuha, amatama akaba manini, bino bihimba bigaheza bikazibira umuhora impwemu zicamwo. Kubw’ivyo, umuntu yokwirinda kugira ibiro vy’umurengera mu gufungura neza, akagira ikarashishi ».

Guhirira biravurwa…

Iyo bitaturutse ku mpamvu mvukanwa, biravurwa umuntu agakira. Ariko rero, muganga Bivahagumye amenyesha ko uwo muntu biba ngombwa ko bamubaga kugira ngo ivyo bintu biba vyatambamye mu nzira impwemu zicamwo  bihere.

Ngo hari n’ubundi buhinga bw’imashini aho umuntu aryama afise ikintu cagura ibice vy’ihemero bagishize mu kanwa canke mu mazuru, hakaba n’igisunika impwemu zikagenda n’inguvu kugira ngo umuntu ariko arahema impwemu ntizinigane.

Muganga Bivahagumye akaba ahanurira abantu kubaho ubuzima bwiza, bakigengesera, bakirinda inzoga, itabi, bafungure ivyamwa, imboga, bagire ikarashishi kuko benshi usanga  barya bicaye, bakaja ku buzi bicaye, bakarya ingaburo zibagwiriza ibinure gutyo umubiri ukaremerwa bigaheza bikabakwegera ingwara zitari nke.

                                                 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top