Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Umubiri w’umuntu urashobora kwama uhumura nabi kandi yiyoza kenshi : biravurwa

Birashoboka cane ko umuntu abaho akora isuku kenshi ariko akamana agahumuro kabi ku mubiri wiwe, akenshi ngo biva ku ngwara bita  « bromhidrose » nk’uko vyemezwa na muganga yanonosoye ivy’ingwara zo ku rukoba, Dr Belyse Kaneza. Uwufise ico kibazo akitura abaganga babinonosoye  ngo baramuha umuti agasubira akicara mu bandi…

Benshi  mu bagendana iyo ngwara bakunda guhura n’ikibazo co kutaronka akaryo ko kwicara aho abandi bari naho nyene baba bafise ijambo bakabura aho bariserurira. Ukwinubwa n’ugutungwa urutoke  ngo bituma na bo nyene biyumva nk’ibicibwa, gutyo umutekano wo mu mutima ukabura eka mbere bamwe ugasanga bigungiye ahabonyene, ibishobora no kwadukana izindi ngwara zo mu mutwe kuko babona ko umenga kubaho batari mu bandi bisa n’ukutabaho, abandi mbere bakarondera no kwiyaka ubuzima.

A.G, umusore w’imyaka 20 asengera mw’idini ry’aba-islam avuga ko kuba agendana iyo ngwara  bimutera ikibazo cane kuko avuga ko hari n’aho bihora bishika agatinya kuja gusengera mu bandi kuko biba ngombwa ko bakura ibirato mu gihe wewe yifitiye ikibazo c’uko akuye ibirato abadashimye kwiruka bafata amazuru. Agira ati : « Ntakwo ntagira mu kwoga mu birenge iminsi yose kandi n’ibirato n’amasogisi nkayambara amesuye neza ariko nkaguma mpumura nabi. Nabajije abagenzi bambwira ko bivana n’ubwoko bw’impuzu amasogisi mba naguze aba akozwemwo yamara narahinduye ntanyishu naronse».

Kubwa muganga Kaneza, ingwara yo guhumura nabi mu birenge iva ku kubira icuya cinshi hama udukoko dusanzwe tuba mu mubiri tugahindura ico cuya kigaheza kigatanga ako gahumuro katari keza. Nk’uko abandanya abishikiriza, ikindi gituma ibirenge bihumura nabi ni ingwara y’ibimeme. Iyo ngwara ivurwa n’umuti bita « antimycosique » canke « antibacterien » igwanya twa dukoko tuba ku mubiri. Uwo muganga agahanura kandi gukora ibi bikurikira : Kwoga neza iminsi yose ugakurako ikibiribiri gikomeye co munsi y’ibirenge(cellules mortes), guhindura ibirato umuntu ntiyambare umwambaro umwe kabiri kikurikiranya, kwoza ibirato bikanikirwa ku zuba n’ibiburiburi rimwe mu ndwi, kwiyumutsa neza amaguru imbere yo kwambara ibirato, amashesheti akambarwa rimwe ku munsi, kunyuzamwo  umuntu akambara ibirato vyuguruye….

M.N.  umwigeme yiga mu mwaka w’icenda ngo ntiyorohewe na mba kuko iyo ageze mw’ishure ngo akunda guharirwa ivomo. Avuga ko abandi banyeshure bigana  bamwagiriza ngo anuka igikakwe kandi ngo ari umwanda mu gihe ata kwo atagira mu kwoga kenshi gashoboka, ariko ngo naho yoheza kwoga akisiga utuvuta nk’abandi, akitera agaparufe, yakama afise agahumuro yisangije. Agira ati : « Kwishure  ndonka uwo twicarana iyo mwigisha yinjiye honyene. Bishitse agasohoka, abo twari twicaranye bose banyororomba bigira ku yandi ma-rangées. Hari n’aho mbere nama niyumvira ko noheba ishure kuko sinorohewe na gato ».

Muganga Kaneza, abandanya ahumuriza uwo wese afise ingwara bene iyo, aho amusaba kuja ku baganga babinonosoye akabiganira neza ikibazo afise bakagerageza kurondera ico bivako, ingwara ikavurirwa ku muzi.

 Ariko rero, Dr. Kaneza asaba ko icobanza kwihutirwa imbere yo kuja kwivuza kwoba ukwitwararika isuku, umuntu akamwa ubwakwaha kandi akahanyukura neza n’ikinyuko, cokimwe no mu ngingo zikunda kubiramwo indugumba kenshi kuko navyo bishobora kuba imvo y’ako kamoto kabi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top