Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Mu Burundi, umu Sage-Femme umwe afasha abakenyezi 27 080, OMS isaba kutarenza 5000

Igenekerezo rya 05 Rusama uko umwaka utashe, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe kwibuka ibikorwa vy’aba «Sages-Femmes». Uwo na wo ukaba ari umwuga ukorerwamwo vyinshi harimwo no gufasha abavyeyi kwibaruka. Uyu munsi rero ukaba ushitse mu gihe mu Burundi ibitigiri vy’abanonosoye ivyigwa vy’irondoka rijanye n’amagara meza (Sage-Femme) kw’isoko ry’akazi bikiri bito ugereranije n’abakenyezi babitura. Mu 2017 umu sage-femme 1 yakurikirana abakenyezi 27080 bari mu gihe c’irondoka (hagati y’imyaka 15 na 49) .

Nk’uko tubiyagirwa n’umu Sage-Femme Harushimana Augustin, aserukira ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke mu Burundi, afatiye ku matohoza yakozwe ku butaka bw’u Burundi, avuga ko ibitigiri vy’abize bakanonosora igisata ca Sage-Femme mu mwaka wa 2019 bari 1319, ariko muri bo abari bafise akazi bakaba bari 187. Na yo mu mwaka wa 2017 abari bafise akazi bari 103. Ico gitigiri rero ngo ni gito cane kuko afatiye ku vyigwa vyakozwe no ku bantu baba mu Burundi avuga ko umu «Sage-Femme» 1 afasha abakenyezi bari mu gihe co kurondoka(imyaka 15 kugeza 49) 27.080 mu gihe OMS yo isaba ko umu Sage-Femme 1 yofasha abakenyezi bari muri ico gihe(imyaka 15 gushika 49) 5000.

Harushimana Augustin, aserukira ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke mu Burundi

Ivyo bitigiri binini vy’abitura umu Sage-Femme umwe mu Burundi ngo bituruka ku bitigiri bito vy’abahabwa akazi muri ico gisata kuko ku mavuriro menshi atababa bahari kubera ko bahitamwo gukoresha abaforoma. Ariko OMS yo isaba ko kuri buri vuriro haba hariko aba sage-femme 3 umwe wese akabwirizwa gukora amasaha 8 kugira iryo vuriro rimare amasaha 24h kuri 24h ririko umu sage-femme. Rero urugero ruto rw’abanonosoye ivyigwa vy’irondoka rijanye n’amagara meza bahabwa akazi rutuma n’ibitigiri vy’abakenyezi bapfa mu gihe c’ukwobaruka hamwe n’ivy’abana bapfa bakivuka bitagabanuka ku rugero rushimishije. Mu mwaka wa 2017, mu Burundi hapfa abagera kuri 334 ku bana 100.000 baba bavutse bakomeye mu gihe ihangiro rya Reta ari iry’uko mu 2030 ata mwana yoba agipfa mu gihe co kuvuka canke umukenyezi mu gihe c’ukwibaruka

Sage femme, umwuga usaba ukwitanga

SF Harushimana Augustin avuga ko uwo mwuga kuwukora ari umuhamagaro kuko uruhisha cane kandi usaba kwihangana no kwitangira ababitura. Ivyo abisigura muri aya majambo : « Burya iyo uriko urakurikirana umuvyeyi yibaruka bisaba kumuguma iruhande. Nta vyo gusinzira bibamwo. Iyo umukenyezi ari irya mbere agiye kwibaruka amara amasaha 12 ku bise, iyo yari amaze kwibaruka na ho amara amasa ari hagati ya 8 na 10 ari ku bise. Ivyo bise na vyo buba ari ububabare burenze urugero umukenyezi aba ariko. Hari igihe rero uca usanga uba uri umu sage-femme umwe uriko urakurikirana abantu batatu bose bari mu mibabaro y’ibise. No gufungura uravyibagira kuko uguma ukora witanga kugira urokore ubuzima bw’abo bavyeyi n’ibibondo baba biteze ». 

Ariko rero uwo mwuga naho ugoye kandi uhabwa abakozi babinonosoye bake, kuva utangujwe mu Burundi akarusho karibonekeje. SF Augustin avuga ko ibitigiri vy’abavyeyi bapfa bariko baribaruka hamwe n’abana bapfa bariko baravuka vyagabanutse, indwara zo mu kigo zaragabanutse eka mbere n’izindi ngaruka nyinshi zaragabanutse cane kubera ko imbanyi zikurikiranwa neza n’ababinonosoye.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top