Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

#IbibazoVyo: Jimbere yegereye abakandida ku rwego rw’igihugu

Basomyi bahire, murabizi ko tutandika kuri poritike, muri Jimbere. N’ubwo ivyo dukorerako, nk’indero, ukubana, ubutunzi, amagara, uburimyi canke imicokama, arivyo poritike yubakiyeko, ntaho twari bwahe ijambo abanyeporitike ngo bagire ico bavuze kur’iki canke kiriya. Kuko twagira duti hari abo dusangiye umwuga babikora, kandi neza.
Ubundi, twahora twitura abafundi, canke ibikorwa vy’ubushakashatsi kugira ngo dusigure canke dutahure ibibazo tubona bihanze Abarundi mu buzima bwa minsi yose, na canecane Urwaruka n’Abakenyezi.

Mugabo, ibihe biha ibindi: Uburundi bwatanguye kuva kur’uno wa 27 Ndamukiza 2020 ikiringo co kwiyamamaza kubazokwitoza mu bibanza bitandukanye, harimwo ic’Umurukuru w’igihugu.
Uwuzotorwa mu bakandida 7 bariko barahiganwa, niwe azoramutswa Uburundi mu myaka 7 iri imbere. Poritike yiwe ni yo igihugu kizogenderako, imigambi yiwe niyo izoshirwa mu ngiro, hisunzwe uko Ibwirizwa Nshingiro ritegekanya itunganywa ry’gihugu.

Kubw’ivyo, Uruganda rwa Jimbere rwashimye kwegera abo bakandida 7, maze rukabashikiriza ibibazo 22 nkoramutima bihanze abo twandika tugana, ni ukuvuga Urwaruka n’Abakenyezi.

Mur’iyi minsi 21 ir’imbere, tuzoza turafata iminsi 3 ku mu kandida umwumwe, maze mumenye ido n’ido ico yiyumvira kuri vya bibazo twateguye. Inyishu zabo, muzozisanga kuri Twitter, Facebook, YouTube canke Instagram.

Ni mwaheza gutega amatwi abo bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, muraheza muterere mur’ico kiyago, mwutwunganire mu bibazo, maze urwaruka canke abakenyezi bazoza gutora itariki 20 Rusama 2020, baze babikore bisunze inyishu zahawe ibibazo vyo, ibibazo vy’ubuzima bwabo bwa minsi yose.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top