Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Kaminuza za Reta: amahera 2000 yo gusinyisha «contrat de prêt-bourse» arateye amakenga abanyeshure

Mu gihe «prêt-bourse» yariko irakwiza imyaka itatu itangwa mu makaminuza ya reta ata kirinze gusabwa, ikigo BBES (Bureau des Bourses d’Etudes et de Stages) carasohoye urwandiko rumenyesha ko umunyeshure wese asaba ingurane abwirizwa gutanga 2 000 Fbu yo gusinyisha «contrat de prêt-bourse». Ayo nayo agahabwa umu «notaire». Abanyeshure bakaba baserura amakenga ku maherezo y’ayo mafaranga mu gihe atahora atangwa.

Haraheze iminsi ikigo BBES gisohoye itangazo no Réf:611/BBES/58/2020. Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta baronka «prêt-bourse» ntibaryakiranye urweze. Ikigo BBES kivuga ko umunyeshure atanga ifishi yo gusabirako ingurane iherekejwe na 2000 Fbu. Ayo na yo, bakavuga ko ahabwa «notaire» kugira yemeze ko umunyeshure agiriraniye amasezerano na reta yo gusaba ingurane kandi azoyisubiza (contrat de prêt-bourse).

M.J umunyeshure aserukira abandi muri imwe mu ma kaminuza y’Uburundi iri mu gisagara ca Bujumbura, avuga ko imbere yuko hasohoka itangazo, habanje kuza abakozi bo muri BBES kubasigurira ibijanye n’itangwa ry’ayo mahera, bababwira kandi ko n’abagenzi babo b’i Nyamugerera bariko barayatanga. Ayo mahera atozwa na «délégué» agashikanwa muri BBES hama akaronka akaresi kemeza ko ishure aserukira ryarishe.

Ivyo rero bikaba bitera amakenga abanyeshure kuko batumva igituma akaresi gahabwa ishure aho guhabwa umunyeshure umw’umwe wese. Banafatiye ku kuntu bari basanzwe baronka iyo ngurane ata na kimwe kirinze gusabwa kiretse kwuzuza impapuro bahabwa, abanyeshure benshi  ntibatahura neza iyo ngingo nshasha. Bitayeko, n’itangazo ribahamagarira gutanga ayo mahera ryamanitswe ku bigo vya kaminuza bararinegura kuko ritagira itariki ryatereweko umukono. Bakavuga ko bakeneye umuco ukwiye.

Muri BBES bati: « Ayo mahera ntiyibwa ahabwa notaire »

Eddy Claude Nitegeka umuhanuzi muri BBES agira ati:«Abanyeshure bagitangura gusaba ingurane, ni bo gusa bisinyira amasezerano y’ingurane basavye. Ariko haribonekeje agahaze. Umuntu yarashobora kuyisaba yiga nko muri kaminuza y’Uburundi, yayoberwa agaca aja kwiyandikisha gushasha nko kuri ENS canke akabiheba kugira acikane ingurane yasavye reta. Hari n’igihe umunyeshure yiyandikisha nko kuri ENS atararonka iyo ngurane agaca ahindura akaja kwiga nko muri INSP, amahera ugasanga asohoka kabiri. Kubera rero ko Reta idaheranwa, hafashwe ingingo yuko abasavye bose iyo ngurane baca kwa « notaire » umwe kandi afitaniye amasezerano n’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza akavyemeza mu mategeko. Izo nyandiko z’abasavye ingurane ni nawe azishingura kugira abayisavye babe bazwi kandi bazotorwe hamwe mu gihe co kwishuza. Rero, mu mategeko ikintu cose «notaire» agiriye « légalisation » bamuha 2000 Fbu. Ni co gituma n’abo banyeshure babwirizwa kuyariha.

Na yo ku bijanye n’igituma ayo mahera atoza aba « délégués » mbere n’uturesi akaba ari bo duhabwa, Nitegeka avuga ko bashatse ko bibera ku rutonde ata kajagari kagiyemwo. Agira ati : « Turetse umwe wese akayijanira kwa «notaire», hari aboyatanga batevye ugasanga bacereje abandi kuronka iyo ngurane ku gihe. Ariko biciye k’uwuserukira abandi, bica binyaruka kuko atangira rimwe urutonde rw’abarishe gutyo agahabwa akaresi kemeza ko amahera yashikanye ahuye n’igitigiri c’abayisavye ». Nitegeka akavuga ko abafise amakenga yohera kuko umu « notaire » bakorana azwi kandi abimenyereye. Uwo na we akaba ari Clotilde Niragira yigeze kuba arongoye ubushikiranganji bw’ubutungane.

Rero, bivanye n’uburyo Reta ifise, abanyeshure bahabwa iyo ngurane ibafasha kwiyungunganya mu bijanye no kwiga ari abo muri kaminuza y’Uburundi, abo kw’ishure nderabigisha ENS, kuri INSP n’abo kuri ISGE, umwe umwe akaba yandikiwe 60.000 Fbu ku kwezi, ariko akaba aronkera rimwe 177.000 FBU mu mezi atatu kuko hakurwako 3000 Fbu vy’ayo baba barihiwe agakarata ko kwivurizako.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top