Jimbere

ikirundi French English
UBURIMYI

Akazu ka surwumwe ngo gashinguye ifumbire y’akarorero

Abanyagihugu bo mu ntara za Muyinga, Kirundo n’ahandi barishimira cane umwimbu baronka kubw’umwavu bakoresha bimba mu binogo vy’utuzu twa surwumwe iyo bimaze nk’amezi 9 vyarafuriwe. Nayo umwavu wa Fomi ngo bawugura ari nk’ukwongereza gusa.

Mu gihe mu bisagara bitandukanye imbere yo kwinjira mu kazu k’ubwiherero ubanza kuriha amafaranga atari munsi ya 200, abanyagihugu birimizi bo muri  izo ntara bo ubagendeye baramenya ko urinze winjira uba ujanyeyo akavu, nta wugukomakoma ngo arakurihisha. Kukaba nkako, uwifitiye ikinogo c’akazu ka surwumwe kimaze kwuzura, aba aryamanye ubuhiye.

Mu kugura uwo mwavu, nyene ikinogo amenyesha uwuwukeneye ingene ikinogo kireha canke igitigiri c’imetero ico kinogo gipima (aho aba ari we azokwiyimbishiriza), hanyuma bakumvikana amafaranga ku metero y’ubujakuzimu. Wiyimbira, imetero imwe igurwa hagati y’amafaranga 3500 na 4000.

Franck Niyobuhungiro, umwirimizi amaze imyaka irenga 4 akoresha uwo mwavu, avuga ko ibigori ateye muri bene uwo mwavu ata ho usanga bihuriye n’ibindi. Agira ati : « Biduga bivyibushe nayo akavura kabikorokeyeko ho usanga biteye amamezwa aho bihagaze mu murima. Kenshi vyama ibigori bibiribibiri vy’inguvu eka mbere hari n’aho bimwe usanga bihetse bitatu bitarangwamwo igihumbwa na kimwe »

Uwikenereye umwavu vuba yimba ikinogo kigufi

Kubwa H.Emmanuel, uwimba  « toilette » ndende aba ariko arahomba kuko ica imara igihe kirekire cane itaruzura. Ariko uwimba nk’imetero  zibiri canke zitatu akaba afise abantu benshi bagendera ako kazu ka surwumwe ku munsi, bakuzuza vuba hanyuma bakimukira mu kandi gutyo umwavu ukagwira mu kiringo gito.  Ivyo bifasha nk’abarima ibiterwa vyera n’ingoga na n’ingoga ari nk’imboga batera mu myonga n’ibindi.

Naho biri uko, kwimba ikinogo c’akazu ka surwumwe kagufi bishobora kugira ingaruka nko kunuka, ivyo bigatuma  urusazi rugwira, eka mbere bikaba vyotera n’ingwara. Mu kugabanya ako gahumuro kabi, Emmanuel amenyesha ko baheza bakaza barasukamwo umunyota kandi bakirinda kuza barasukamwo amazi

Ingene uwo mwavu utegurwa imbere yo gukoreshwa

Nk’uko vyiganwa n’umwe mu barimyi bakoresha uwo mwavu, ikinogo c’akazu ka surwumwe kimaze kwuzura, baragifurira neza bakabanza bakarindira hagahera nk’amezi 5, 6 canke arenga. Ico kiringo giheze, umurimyi aragenda agafuruza isuka agasanga umwavu uratunganye neza. Nyene ico kinogo araheza akimba uwo mwavu, akawuyora, akaja awurunda i musozi ahantu aba yarateguye neza. N’aho nyene ntihaba haragera ko uwo mwavu ukoreshwa. Bararindira nk’ikiringo c’ayandi mezi nk’atatu umwavu ukuma hama ukisya neza hanyuma bakabona kuwutabiza.

Tubajije mu bushikiranganji bujejwe uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ico bawuvugako, Jean Claude Mbarushimana, umuyobozi mukuru araba ivy’uburimyi amenyesha ko ubwo bwoko bw’umwavu babuzi kandi bazi ko hari akarusho kawo. Ariko rero avuga ko mu bushikiranganji hakiriko harakorwa ivyigwa kuri wo kugira ngo bamenyeshe abanyagihugu ingene bowukoresha neza hatagize icononekara.

Mu gihe rero uwukeneye ifumbire wese yahora ahanga amaso ibitungwa (inka, ingurube, impene, n’ibindi ) canke umwavu w’ikizungu nka Fomi n’iyindi, hari abamaze gutahura ko bishoboka gutabiza umwavu watwiviriyemwo mu kurondera ibizotujamwo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top