Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Ukutubahiriza akayira k’abagenda n’amaguru biri mu bitera amasanganya mu bisagara

Kuba imirongo yerekana urubibe rw’inzira zagenewe abagenda n’amaguru iriko irafudika, ahandi na ho ugasanga hateretse ingunguru z’umusenyi, bisigaye ari bimwe mu bituma amasanganya mu mabarabara yo mu bisagara yiyongera.

Witembereje mu mabarabara y’aha mu gisagara ca Bujumbura, usanga imiduga, amapikipiki, eka n’abagenda n’amaguru bariko baranyuragirana.  Bamwe mu b’amaguru basigaye bagenda bacunga ipine ku rugohe kugira ngo imiduga ntibagonge.

Ntibicoroshe kumenya ko umuntu agenda n’amaguru yoba afise akayira kiwe kamugenewe : Imbere y’ibarabara rica hamapande y’ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi, hateretse ingunguru z’imisenyi nayo imbere y’ubuserukizi bw’Uburusiya n’ahandi harazibiye.

Ingaruka ziva kw’ifudika n’izibirwa ry’utuyira tw’ab’amaguru

Gérard Ngendanzi, umusore w’imyaka 30 twabajije avuga ko amaze guhakwa kugongerwa ku mubari w’ibarabara incuro nyinshi. Yagize ati : « Iyo imiduga iriko irabisikanya hagati yayo canke amapikipiki, igusanga iyo wayibisirije kandi vy’ukuri wegeye kure. None karashize ingani tuze turayihungira mu mivo » ?

Marie Christine Igiraneza we avuga ko atahatswe ahubwo yagongewe n’ipikipiki kuri Cotebu kandi yari mu nzira yagenewe ab’amaguru. Burya ngo « ingwe igutwara umwana ikagutanga kuraka ». Nk’uko abandanya avyivugira, ico gihe ngo yarashwaniwe bikomeye iyo atahabona abahita ngo bamurenganure, uyo agendesha ipikipiki yagira amufate mu kanigo ngo ni we atumye ipikipiki yiwe yononekara.

Bamwe mu batwara amapikipiki twayaze, bariyemerera  ko hari aho bishika bakitiza akayira k’abamaguru bivanye n’uko habaye nka « embouteillage » mw’ibarabara canke bageze ahantu hari « dos d’âne », mu gihe baba bariko barihuta canke na ho bakahaca kuko baba batabona neza imirongo ibereka aho badategerezwa kurenga. Bakagira bati : « Ni vyo hari aho bishika tukabikora mu makosa ariko rero n’abajejwe ivy’amabarabara barakwiye kwikubita agashi bagasiga imirongo ikaboneka neza ».

Ababijejwe babivugako iki ?

Dr. Jean-Claude Ngenzi, komiseri mukuru aserukira ikigo Obuha (Office Burundais de l’Urbanisme, habitat et de la construction, amenyesha ko ico kibazo bakizi kandi ngo si mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura gusa ahubwo ni nko ku migwa mikuru y’intara z’Uburundi yose.  Agira ati : « Ni ikibazo kigaragara gisaba ko dukorana n’abo vyega bose, caba igiporisi kiraba ivy’amabarabara, abagendesha ivyuma n’abagenda n’amaguru nyene bakaronswa inyigisho kuko usanga benshi badatahura ivy’amategeko y’ibarabara, bano baporisi na bo ntibafate abariko bahaca mu makosa ».

Naho biri uko uwo mukomiseri amenyesha ko ikigo Obuha kiriko kirabanza kwihutira gutunganya ibiheruka kwononwa n’imvura imaze igihe igwa nabi ariko ngo inyuma y’ico gikorwa bazohava bakorana n’abo vyega bose bahagurukire ico kibazo.

Mwomenya ko ubwaguke bw’akayira k’ab’amaguru gashobora gupima imetero n’igice canke irenga bivanye n’ubwoko bw’ibarabara.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top