Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Abanyeshure barahagaritse umutima kubera ikiza c’umugera korona

Kuva aho hamenyekaniye ko mu Burundi hari abantu bagwaye umugera korona, ubwoba ni bwinshi mu banyeshure babandanya bahurira hamwe mu mashure. Uwo ari we wese atonda umutima utari mu nda yibaza ko hamwe hoba hari umwe muri bagenziwe yoba yaranduye uwo umugera yohava yanduza abo bigana bose.

M.G ni umunyeshure yiga muri imwe mu makaminuza yigenga iri mu gisagara ca Bujumbura. Kuva acumva ko mu Burundi ico kiza cahageze, yifatiye ingingo yo kudasubira gutonda mw’ishure kiretse agiye gukora ikibazo gusa. Agira ati: «Urabona mw’ishure tuhahurira tuvuye mu makaritiye atandukanye. Hari igihe wosanga hari umunyeshure yaba mu gace uwatowe uwo mugera yabamwo ugasanga nawe aranduye. Kubera abanyeshure tuguma duhura wosanga ibigo vyose vyafashwe. Rero jewe nzoba ndabangira,nzosubirayo mu gihe mbona bikenewe, dufise nk’ikibazo».

Nawe M.J yiga muri kaminuza nderabigisha ENS, avuga ko n’ubwo atonda kw’ishure, agenda afise ubwoba bwinshi. Agira ati: «Ntubona ko ubu bamaze kuvuga ko hagwaye koronavirisi abantu 3, nibakwira nka cumi bataratanga itegeko ryokwugara amashure, nzoca ntekera utwanje nidugire iwacu ruguru kuko hoho vyopfuma nta ruza n’uruja ruriyo. Maze hariho n’abatagitonda kw’ishure iwacu kubera ubwoba»!

Naho ku mashure hafashwe ingingo yuko umunyeshure wese abanza gukaraba n’amazi meza n’isabune imbere yo kuja mw’ishure, bamwe mu banyeshure bavuga ko ivyo bidahagije. Kuko ngo baheza gukaraba bagaca bahurira ku ntebe imwe barenga babiri, eka mbere ugasanga baguma batizanya utuntu n’utundi banasamuriranirako. Mw’ishure ngo no gusiga umwanya mu gihe bavugana hagati yabo ntibidakunda.

 Reta y’Uburundi iti: «Nimugume ku bikorwa vyanyu»

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye ku 02 ndamukiza 2020, irahumuriza abantu bose ko boguma ku mirimo yabo. Imenyesha ko kugeza ubu ata zindi ngingo zirafatwa kiretse izihasanzwe zo gukurikiza amabwirizwa y’isuku. Ahubwo nyabuna ihamagarira abantu kutumviriza inkuru zica ivutu no gushengeza abakwiragiza ibihuha ko nihagira igihinduka mu bijanye n’ingingo bizomenyeshwa na Reta ibicishije mu nzego zibijejwe.

N’umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu avuga ko abantu badakwiye kugira ubwoba,ahubwo borema bakijukira kwikingira. Bishitse umuntu akagwara uwo mugera naho ngo ni ukumenya ko uwo mugera uvurwa ugakira. Kubw’ivyo rero, ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu buhamagarira abantu bose gutekana maze bakaguma ku bikorwa vyabo nk’uko bisanzwe ariko bakitwararika gusumba gukurikiza ingingo ngenderwako zitangwa n’abajejwe amagara y’abantu.

Mwomenya rero ko mu vyo kwitwararikwa cane kugira abantu birinde ico kiza ari ugukaraba kenshi hakoreshejwe amazi meza n’isabune, kwirinda kuramukanya indamutso zo guhoberana canke gukorana mu ntoke, kutikora mu maso ku mazuru no ku munwa kutaja mu migwi ikoraniyemwo abantu benshi, gusiga umwanya ungana n’imetero hagati y’umuntu n’uwundi, kudakororera canke ngo wikokomorere aho ariho hose, kwasamurira mu ntege y’inkokora, n’ibindi.

 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top