Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ishirahamwe « Alliance for a Better Generation » ryaronkeje amasabuni arenga 2000 abatewe n’umwuzurira

Muri iki gihe igihugu c’Uburundi gifise umwitwarariko udasanzwe wo guhamagarira abanyagihugu kwikingira ikiza ca Coronavirus, ishirahamwe ABG (Alliance for a Better Generation » ryaronkeje, kuri uwu wa 21 Ntwarante 2020 amasabuni arenga 2000 imiryango 162 yaburiye ababo n’ivyabo ku Winterekwa, zone Gihosha biturutse ku mwuzurira w’amazi wahateye

Ico gikorwa co gushigikira iyo miryango mu kuyironsa amasabuni cakiranwe umunezero udasanzwe n’iyo miryango kuko ngo bari bayakeneye gose ubona ko bataranongera kuronka uburyo ngo bashobore gusubira nk’uko bari bameze ubwa mbere.

Inyigisho z’ingene umugera wa Coronavirus wikingirwa zagarutsweko cane na bamwe mu bakozi ba Croix Rouge bari bakoraniye aho eka baranaberekera ingene bazohora bakaraba n’amazi meza n’isabuni. Eka mbere baranibukijwe ko umugenzo wo kugwana mu nda woba urabangirwa, ugusomagurana hamwe n’ibindi.

Rosette Bigirimana, umwe mu bakenyezi  bari bari aho, ntiyashimye kwigumizamwo akabazo kari kamubakiye aho yabajije  ati : «None nimba kugwana mu nda bibujijwe, ntitucemerewe kurarana n’abagabo bacu»? Abamukikuje bicwa n’agatwengo bati : « Tekana ibikundana birajana ».

Hari n’ubufasha bwo kuvura ibikomere vyo ku mutima bugiye gukurikira…

Nk’uko bishikirizwa na Gervais Ntirampeba yatanguje akaba ari na we aserukira iryo

shirahamwe ABG, ngo hari ibikorwa vyo kwumviriza no gufasha abagize ihahamuka inyuma y’aho baburiye ababo n’ivyabo eka n’abagisinzikaye mu mitima.

Elvis Rwamigabo, uwakurikiranye ivyigwa vy’inyifato agira ati : « Burya Kugarukira ku babuze ababo ukabaronsa  ibifungurwa canke ivyambarwa n’ibindi ni vyiza. Ariko rero hari igikorwa gikomeye co kubumviriza n’ukubafasha kuko hari nk’abo usanga bama bariko bararota babona ababo bagarutse gutyo bakamana agahinda mu mitima yabo. Abo rero ni bo tugiye gukurikirana tubayagishe, tubaremeshe, tunabereke ko naho vyashitse ubuzima butahagaze ».

Elvis Rwamigabo akamenyesha kandi ko iyo abantu bagize ibikomere mu mitima igihe kirekire bakabura uwubafasha hari aho bamwe bahitamwo kwiyaka ubuzima abandi na bo ugasanga bahavuye bata ubwenge. Kukaba nkako, umwe mu begeranirijwe muri iyo kambi ngo aramaze guta umutwe nk’uko vyemezwa n’abahaba.

C.D, umukenyezi wo muri abo bagize ivyago agashimira ishirahamwe ABGkuba ryabiyumviriyeko kuko ngo ha mpande y’uko ico kiza ca Coronavirus cakaze, abakenyezi co kimwe n’abigeme ngo basanzwe bama bakenera kugira isuku kenshi haba ku mubiri eka no ku vyambarwa. Agasaba n’ayandi mashirahamwe afise ico yobafashisha ko yobagarukirako.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top