Ku bantu 100 baba banduye ikiza c’umugera wa Coronavirus, abashika 2 ni bo bashobora gupfa, na yo 98 bagakira bivanye n’ingene abasoda bo mu mubiri bafise ubushobozi bwo kwigwanira neza. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu mu Burundi Thaddée Ndikumana mu nyigisho nkarishabwenge zerekeye ico kiza zariko zirahabwa abanyamakuru kuri uwu wa 20 ntwarante kuri Hoteri Royal Palace.
Ku bijanye n’ababangamirwa na coronavirus, umushikiranganji Thaddée Ndikumana agira ati : « Ico kiza ahanini gikarira abantu bitereye mu myaka, abantu usanga bariziziwe n’ibitabi bikabasinzikariza amahaha hamwe n’abantu bagendana indwara zidakira nk’igisukari cananiranye kuvura, abafise indwara y’umurindi w’amaraso, za cancer, aho usanga abo bantu ata basoda bo mu mubiri bagifise babafasha kwigwanira ». Uyo mushikiranganji akaba yavuze ko iyo umuntu afise abasoda bakwiye mu mubiri kandi bakora neza bavugwa vyoroshe nka kurya bavura « Grippe » kandi bagakira. Ariko ngo iyo umuntu abasoda biwe badakwiye, baca bamushiramwo akuma kamufasha guhema gutyo abasoda bo mu mubiri bamurwanirira bakaba bariyongera maze akavurwa ugasanga arashoboye gukira.
Thaddée Ndikumana avuga kandi ko ico kiza kidatandukanye cane na « Grippe » kuko vyose bihurira ku kwasamura, kurekereza ibiseru, kumeneka umutwe, ubushuhe usanga bungana canke burenza 38,5c°, ugukorora cane ariko ikintu gica ciyongerako iyo ari Coronavirus n’uko uwuyirwaye ahema vyanka, akabura impwemu nziza gutyo amahaha akononekara.
Hokorwa iki ngo Uburundi ntibwinjiranwe ?

Ko mu Burundi ata muntu n’umwe arandura ico kiza c’umugera wa Coronavirus, muganga Liliane Nkengurutse avuga ko abantu bakwiye kubanza gutekana mu mitima, bakirinda inkuru zose zibaca ivutu maze bakijukira gushira mu ngiro amabwirizwa ajanye no gukinga hamwe no kwikingira Coronavirus bahabwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.
Muganga Nkengurutse avuga ko mu gihe hagiyemwo ugushaka, kwikingira no gukingira abandi ico kiza bitagoye. Agira ati : « Abantu bakwiriye gushira mu bwenge bwabo umuco wo kwama bariko bakaraba bakoresheje amazi meza n’isabuni, kwirinda kwasamurira mu bantu, kutimyirira no kutikokomorera aho ari ho hose, gukoresha amazi arimwo chlore, gukoresha amavuta yica imigera, kwirinda gukoranako, kutaja mu migwi irimwo abantu benshi, … Ivyo bikozwe neza bizokinga Coronavirus hamwe n’izindi ndwara zituruka kw’isuku rike ».
Na yo ku biyumvira ko ico kiza bocirinda bakoresheje twa dutambara dufuka umunwa n’amazuru (masques), uwo muganga avuga ko abibaza ivyo bihenda cane. Agira ati : « Utwo dutambara duhabwa abanduye kugira bakoroye canke basamuye imigera igumemwo ntibayikwiragize mu bo barikumwe. Hari n’uduhabwa abaganga bakoresha iyo bariko baravura abo bagwayi ». Yaciye aboneraho n’akaryo ko kumenyesha ko usivye ko ababugura baba bariko baronona amahera yabo ata co gafasha kinini kuko iyo umuntu akambaye ari kumwe n’uwanduye atakambaye arinze amwasamurirako ntakibuza ko na we nyene aca yandura. Kiranoneho uyo muganga avuga ko n’iyo ako ka « masque » gahawe umurwayi agakoresha amasaha atarenga atatu gusa kuko ari co kiringo katarenza gakora neza.




