Kuva aho hambere hahise, umurundikazi yamye akunda kwishariza, akambara utudede mw’izosi, mu kayunguyungu n’ahandi eka mbere yagendana n’ikazanga (amavuta yo kwisiga), yashika ahikinze akiramba tuno tuvuta ku munwa kugira ngo yame aboneka neza n’iminwa ntigaduke. Uno munsi mu gushaza barisaragura ku mubiri « tatouage », bakimonora « maquillage » bakanitobora uruhu « piercing ». Ariko rero ngo bishobora kubakwegera akaga ….
Kurondera kwama bajejeta itoto ni yo nyamuko y’ukwibabaza. Aho ubona na kera narindi ngo abarundikazi bamye bashaza mu buryo butandukanye. Eka ngo kwisatuza iryinyo uriko urondera inyinyi ngo kwari ukurondera ubwiza ariko vyasaba gutimbisha nk’uko vyemezwa na M.N, umutamakazi w’imyaka 80 yabonye ako ga kuku akiri muto. Ngo umwigeme bamaze kumucira ako kenge hagati y’amenyo ngo vyaba bibereye cane kuko ngo yararenga imisore ikarenguka.
Reka umwigeme w’aho hambere yikore kuko na we yarashaka kubwirwa utujambo twabwirwa abeza muri ico gihe ngo : « Uri mwiza nk’ayo kw’iteke, nyene amenyo y’intaragande yabuze ikiyaharura agaharurwa n’Imana, ufise ubwirabure nka nanda, uri maso y’inyana, nyene imirundi izira imibango, imisaya yawe isa n’isenga, … ». Asanzwe afise akayobe ho bagira bati : « Genda mwigeme uri Nzobe y’ikimonge pe. »
Uno munsi ho birakomeye
Uwutitoboye ku mubiri ngo ace umwenge aho azocisha ihereni aharurwa nk’uwasizwe n’amajambere. Ubwa mbere hari hijukiwe amatwi, ubu amazuru n’imikondo ni vyo bigeramiwe. Icibagiwe ni ibigohegohe zirirwa ku rwembe. Burya ngo gushaza ni ugushinyiriza. Umwigeme K.C n’uno munsi yambaye ihereni ku zuru. Uwo, amenyesha ko ububabare yagize atazopfa abwibagiye. Ngo yagwaye ikiguma ukwezi kwose. Ariko aragaruka akagira ati : « Jeho ndivugisha. Hari mugenzanje we yitoboje ku mukondo, ivyamushikiye ni akamuna. Burya yamaze umwaka wose atarakira neza ».
Hari n’izindi ngaruka zikomeye …
Muganga Belyse Kaneza yanonosoye ivy’ingwara zifatira ku rukoba amenyesha ko n’ubwo vyirukirwa cane, hari ingaruka nyinshi usanga zivyihetse inyuma : « Iyo umuntu yisiga ama-« produits » adahuye n’urukoba rwiwe, biratuma ibiherehere vyamuza ku mubiri, umubiri ugasaza hataragera, uruhu rukajako amabarabara yaturutse kuri vya bihere vyavyimba bikimena hagasigara inkovu. »
Muganga Belyse arongera akamenyesha kandi ko ku bakoresha ama « tatouages », ingaruka zishobora kuba nyinshi mbere na « cancer » yo ku rukoba igateba ikinjira biturutse kw’irangi ryakoreshejwe. Haraza uduherehere, tugasha, tukimena n’ibikomere bikaza. Uwo muganga akagira ati : « Ababigira barahore babigira bazi ingaruka zavyo ».




