Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

« Umukenyezi ni kirumara mu muryango, mu kibano no mu gihugu »

Mu gihe mu Burundi abakenyezi ari bo benshi kuko barenga 51%, kuri rino genekerezo rya 8 ntwarante aho isi yose ihimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi, Njebarikanuye yaramutse ahanura abagabo bataratahura uruhara rw’abakenyezi kujijuka.

Sindabibazwa mugenzi wanje,

Mbanje kukuramutsa ndakwipfuriza kunezererwana n’umukenyezi wawe kuri uno munsi mukuru.

Ncuti yanje dusangira akabisi n’agahiye, maze iminsi nihweza ingene abandi bagabo bafashanya n’abakenyezi babo mu bikorwa vy’iterambere ryaba iryo mu ngo zabo, mu kibano eka no ku gihugu. Ndakurahiye bitananiye kwigumya mfatiye ku kuntu wigira sindabibazwa iwawe no mu kibano ubayemwo.

 Burya ga mugenzi urazi ko ata terambere woshikako mu gihe umukenyezi umushize inyuma? Mbe ko kuri uno munsi mukuru wahariwe agateka kabo, uyu mwaka bagira bati: «Nanje ndi mu baharanira ukungana: Duhagurukire uburenganzira bw’umukenyezi», ubwo none nawe ubona uri mu bashigikira ukungana? Irimbure.

Mwana wa mama ikubite agashi uje hamwe n’abandi amajambere ntagusige. Hagurukira agateka k’abakenyezi. Bavugire. Ko ugira Imana ukaba warize, fadikanya n’abakenyezi kuremesha ibiganiro mu bataratahura agateka k’umukenyezi. Burya ho war’uzi ko ivyerekeye ukungana hagati y’abagabo n’abagore bivugwa mu bantu baciye ku ntebe y’ishure gusa? Va hasi rero wifadikanye n’abandi, wigishe abagabo n’abagore baba abize canke abatize, ubamenyeshe ko bose bafise uburenganzira bungana.

Mu minsi iheze n’umvise abo mubana bavuga ngo wirirwa urabwira umukenyezi wawe ngo n’uwo kuguma mu kigo no mu mirima gusa. Naragize agahinda kuba utaratahura ko ivyo mu rugo bibaraba mwese. Raba nk’ubu abarundi barenga 90% batunzwe n’uburimyi ariko ku bantu 10 barima 8 n’abagore. Mugenzi niwige gufasha umugore wawe, muhimirize ndetse umushigikire aseruke aje mu mashirahamwe. Mufashe abe mwa vya bice 30% bihariwe abakenyezi baja mu nzego zifata ingingo. Ivyo niwabigira muzotera imbere muteza imbere n’igihugu c’abibarutse.

Mugenzi, erega uribuka ko aha mu Burundi abakenyezi ari bo benshi kuko barenga 51%. None ubwo n’imwabakumira ubona abagabo mwenyene muzigeza he hamwe mwosiga igice kini c’abantu inyuma? Urakwiriye nyabuna kwigisha ikibano cose kikamenya ko umugabo n’umugore bafise uburenganzira bumwe. Uranakebura abakenyezi bagitinya kuja ahabona, bumvishe ko na bo bashoboye, ata kazi umugabo akora umugore atoshobora.

Numva norangiza ndaguhimiriza no kwigisha urwaruka, abahungu n’abakobwa ko bose bangana kandi n’ibikorwa vyo muhira ari bimwe. Gutyo bazokura bazi ko bose bangana bafise n’uburenganzira bumwe haba mu mategeko eka no mu muryango. Na yo abacinyegeje ku mico n’imigenzo ikandamiza umukenyezi, urafata iya mbere ubumvishe ko hari imico itakiri ku gihe. Mbwiye wewe, nshaka ko n’abandi bumvireho.

Umugezi wawe agukunda Njebarikanuye

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top