Mu ntumbero yo kworohereza abadandaza b’abarundi kuronka amakuru ajanye n’ubudandaji ku gihe, reta y’Uburundi ifadikanije n’ikigo mpuzamakungu kiraba ivy’ubudandaji ITC na CNUCED, igiye gushiraho urubuga ngurukanabumenyi aho umudandaza wese yipfuza inkuru ijanye n’ivyo akoreramwo azohora ayisanga.
Nk’uko Adolphe Manirakiza ajejwe ivy’imipaka mu Burundi abimenyesha, ishirwaho ry’urwo rubuga riri mu mugambi MARKUP (Market Access Upgrade Programme) rigiye kuzotuma umuntu wese amenya uko urudandaza rw’i Burundi rukorwa, amategeko agenga abakora urudandaza rutoruto mu karere ka Afirika y’ubuseruko, n’ibindi.
Uwo muhora uzoba uvyerekana neza: uri uwukeneye inkuru ijanye n’amavoka, ntuzoyisanga mw’ikawa. Bizoba bitunganijwe neza hisunzwe ubwoko bw’ikidandazwa kimwekimwe. Ivyo rero bikazotuma umudandaza uwo ari we wese agirira icizere ibikorwa vyiwe kurushirizaho kuko azoba abona inkuru zose zijanye n’ibidandazwa vyiwe.
Victoria Tuomisto yaserukira ikigo ITC (International Trade Center) amenyesha ko ishirwaho ry’urwo rubuga rije rihamvya ibihugu bibanyi nka Kenya, Rwanda, Uganda na Tanzaniya aho, bishigikiwe n’ikigo ITC na CNUCED (Conférence des Natons Unies sur le Commerce et le Développement), vyatunganije urwo rubuga kandi bigirira akunguko gakomeye ibihugu mu karere n’abadandaza barimwo.
Kubera ivyo, igihugu c’Uburundi cinjiye neza mu muryango uraba ivy’ubudandaji kw’isi OMC (Organisation Mondiale du Commerce) kuko ari kimwe muri vyinshi bikomeye bisabwa kugira ngo igihugu kibe ikinyamuryango nk’uko biri mu masezerano yawo mu ngingo ya 12 ivuga ivy’ugushira ku rubuga inkuru z’igisata c’ubudandaji.
Inkuru yishimiwe n’abadandaza …
Bamwe mu badandaza twayaze banezerejwe cane n’urwo rubuga rwabo rugiye gushirwaho. Pontien Hategekimana umudandaza asanzwe arankura impuzu mu gihugu ca Uganda amenyesha ko vyahora bishika akajabuka ata nkuru n’imwe ku bijanye n’amabeyi y’ibintu afise, yagera yo agasanga ibintu birazimvye. Ubu akavuga ko azoca aza araja ku rubuga ahaguruke azi neza amakuru y’ivyo agiyemwo.
Béatrice Manirakiza aba mu ntara ya Rumonge agira ati: «Nizigiye ko kuri urwo rubuga nzosanga ko n’amategego agenga indimu n’imicungwa bitume tuzohora twihagararako hagize uwutwitsitazako. Hari n’aho duhora tubishora tugasanga muri Tanzaniya na bo baravyejeje tukaruhira ubusa….».
Mwomenya ko inyigisho ku bakozi b’ikigo OBR bazohora bashira kuri urwo rubuga inkuru zijanye n’igisata c’ubudandaji muri uwo mugambi zatanguye kuva uwu wa 17 Ruhuhuma zikazorangira ku wa 20 z’uku nyene, kuri Martha Hotel, i Bujumbura.




