Nimba hari urubanza rusosera umusore mu zibera iwabo w’umwigeme inyuma yo gukwa, urwo yitegana igishika n’akayabagu kenshikenshi, ni urwo: umusore ashikanirwa isake yose ata n’agashitwa kavuyeko. Uhirahiriye ugakurako ibitari amoya, inzara n’ivyo mu nda, ntapfa ayikuririye ndakurahiye. Gomba ubaze umuntu wo mu Cibitoke, Bubanza, canke Bujumbura rural, arakubwira ko uwariye inkoko iw’i bukwe n’ubu akiyinovora …
N’ifyeri ryinshi, umusore aritora, ari kumwe n’abandi bagenzi yicaguriye bagashogomangana n’iwabo w’umukobwa ngo ba! Akenshi abo basore baba bafise iradiyo bakagenda barakata umuziki inzira yose, bashika kw’irembo ho bagasura agakungugu bigakomera.
Abo basore baraheza bagasanganirwa kw’irembo n’abandi bigeme batowe n’uwakowe, maze bakabaha ikaze, bakabashikana mu kibanza c’iteka baba bateguriwe, bakabaronsa umwe wese ico afata mu ntumbero yo kubuhagira agatuguta.
Wa mwigeme aheruka gukobwa araheza akikubita mu cumba aho baba babaye barashize inkoko iteguye neza agaheza akayigemagemana mu masorori n’imbere ya wa musore azomubera umunega, akayitereka aho, uwuri uwundi akayiraba ryiza. Ntapfunduruye ? Uno musore arayigaragura. Bishitse agasanga hari n’agashitwa kavuyeko, haca uwambaye.
Odile, umwigeme wo mw’Isare, agira ati: « Mukurwanje aheruka kurongorwa yariboneyeko. Iyo sake yariyatabutse gato. Burya iyo badahoyahoya, ngo bamuhendahende hafi kumuheka, uwamukoye yahatswe kuyizira, mbere bagira bisubirire inyuma ».
Gute iyo nkoko bisabwa ko iba iteguye?
N’umubiko utegerezwa kuba uboneka kw’iyo sake. Bimenyerewe ko mu kubaga isake bayikata izosi, umutwe wayo ugatererwa ku ruhande. Uw’iyo wo uwuninkuye (uwukuyeko na gato) uragukora.
Pacifique Miburo aba mu ntara ya Cibitoke agira ati : « Iyo sake itegerezwa kuba yarahaze intete, ifise agatorero yisangije, itako ryayo rikaba ritera amamezwa eka ishobora guhonyora hasi ukumva ko haciye ikintu …».
Iyo sake ibagwa n’umuhinga, igakarangwa n’uwabizobereyemwo. Ng’uku uko iba ihagaze mu masorori mu gihe ishikanirwa umukwe : barafata amaguru yayo bakayatsindagira mu muceri kugira ngo bikunde ko ihagarara neza, maze bakugurura ivyubi bikamera nk’ibigara, bishigikijwe ku mbiga z’ayo masorori (usanga umenga igira iguruke). Baraheza bagafata udu «cure-dents» bakaduseguza izosi rya ya nkoko gutyo igashikirizwa wa musore ihagaze neza. Ivyo birangiye, baca bamuhereza imbugita akayisangira na ba basore bagendana, baheza kuyigandagura bakisubirira inyuma. Uko ni kwo umusore yakoye arya isake idatabaguye.
None ko bamwe mu bo twayaze batubwira ko batazi igituma iyo sake bayirengukana yagaye mw’isorori itikorako abandi bakagira bati baba bagomba kwerekana ko uwo musore aba afise ijambo ryinshi, abari abandi bati vyerekana ko uwo mukobwa atari inda ndende, n’imbere y’akanyama k’inkoko ashoboye kwigumya, nawe ni ko uvyumva ?




