Igwirirana ry’impapuro z’umutsindo ryaje inyuma y’iyongerekana ry’amashure matomato n’ayisumbuye ntiryasize inyuma n’ingendo igayitse yo kwigana izo mpapuro. Kubw’ivyo ishirahamwe Digital Africa ryabonye ko bitohora uko, rizana umugambi wo gukora impapuro ntasubirwamwo mbere no gukingira izo mpapuro ku buhinga bugezweho. Ivyo bivugwa na Serges Nikobamye arongoye iryo shirahamwe.
Kuva aho amashure ashikiye mu Burundi mu mwaka wa 1953 mbere na kaminuza ikiyongerako mu mwaka wa 1964, ikimenyamenya ko umwana arangije ayo mashure ni uko bamuha urupapuro rw’umutsindo. Izo mpapuro ziyongera umwaka ku mwaka ariko gushitsa ubu nta buhinga bubereye burashirwa mu ngiro bwo kuzishingura canke ngo barwanye biboneka gukora diplôme z’amagendu.
Serges Nikobamye amenyesha ko iruhande yo gufasha Reta kugira barwanye vy’ukuri iyo ngendo igayitse bipfuza no gufasha abavyipfuza gushingura impapuro ngirakamaro zabo kandi mbere zisanzwe zitoroshe kuronka.
Umuco w’abarundi ntiworohereje ico gikorwa
Nikobamye akavuga ko kubera abarundi benshi basanzwe batanazi ivy’ubuhinga bwa none, bibagora kubibasigurira. Agira ati: « Bobo batubonamwo ubudandaji. Ivyo tubigisha ku bijanye nogushingura impapuro zitangwa na Reta, ntibavyumva, ngo ntitwozibabikira na bo barakeneye kuziyegereza ».
Pacifique Ndayirata yize muri kaminuza y’Uburundi. Ku bijanye n’uwo mugambi agira ati: « Abarundi mu muco wacu dukunda ko utuntu twacu tutwegera. Ni ukuvuga ko utwanje ni turya nibikiye. Biragoye rero kwihutira gukora ikintu nk’ico mu gihe kitaremezwa hose mu gihugu ».
None hokorwa iki kugira abantu bijukire uwo mugambi?
Uwo arongoye iryo shirahamwe agira ati: « Hamwe Reta yobona ko iyo ngingo ibereye, yofasha uwo mugambi ikawutangaza nk’itegeko kuri bose gutyo abaronse urupapuro rutanzwe n’ubushikiranganji bw’indero rugacishwa ku buhinga bugezweho maze nyeneyo agahabwa agapapuro kariko inumero ya diplome gusa ».
Edick Niyonkuru, n’uwundi yiga muri kaminuza y’abigenga. Afatiye ku mpanuka zama zabaye ku mazu canke ku miduga zigahitana ibitari bike n’impapuro z’agaciro zirimwo, avuga ko nyabuna uwo mugambi ngirakamaro wari waratevye. « Ntawohora aho yabaye. Iryo terambere ry’ubumenyi mu gihugu rirakwiye kwigishwa urwaruka rukabona akamaro kawo. Reta ibicishije mu bushikiranganji butanga impapuro z’imitsindo bigakorana kugira batange impapuro zikingiwe, kandi zitiganwa n’abasuma ».
Nikobamye rero akavuga ko ishirahamwe Digital Africa ryatanguye mu mwaka wa 2012, rikaba ryemerewe gukorera mu bushikiranganji bw’amakaminuza n’ubushakashatsi igenekerezo rya 18 ndamukiza 2013 na yo mu bushikiranganji bw’indero batanguye kuwa 2 nzero 2014, ariko ko guskika ubu ibiharuro vy’abijukiye umugambi w’iryo shirahamwe bikiri bito cane, atashimye no kubitangaza.
Tubajije umuyobozi wa kaminuza y’Uburundi François Hakizimana ku bijanye n’uwo mugambi, akaba yavuze ko awuzi kandi ari mwiza ariko kaminuza y’Uburundi itarawutangura. Professeur Anastasie Gasogo D.G wa Enseignement Supérieur akaba na we uwo mugambi awukenguruka, ariko akavuga ko abariko barawurangura bawukora ku giti cabo ko mu bushikiranganji butanga diplôme batarawutangura.




