Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Kimwe mu vyokorwa mu gutuza inzige ni ukuzifungura

Mu ntumbero yo kwitegurira kuvugutira umuti inzige hamwe zotera mu Burundi, reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ihamagarira abanyagihugu kuzozitoragura bakazifungura. N’Ubushikiranganji buri ku kivi…

 Igitero ca mbere c’inzige cateye mu Burundi conona ibintu bitari bike, cibonekeje ku ngoma y’umwami Mwezi Gisabo. Icasubiriye, cabonetse mu 1986 ( ico gihe abanyagihugu baraziriye barazikomesha). «N’ubu tuzozitamira hamwe zohangara Uburundi».

Kuki inkuru y’inzige igarutse muri iki kinjana ?

Mu mpera z’umwaka wa 2019, ibihugu nka Kenya, Etiyopiya, Sudani y’epfo, Erythrée na Somaliya  vyaratewe n’inzige zitwa «Schistocerca gregaria» zizwi ko zikwiragira ahantu hanini kandi mu mwanya muto . Hirya y’ejo kw’igenekerezo ryo ku wa 26 nzero 2020, uburere bushika 10 bwo muri Kenya bwari bwamaze guterwa ndetse zirakwiragira no mu tundi duce two muri ico gihugu. Reta y’Uburundi rero ikaba igomvye kuzitirira itaronerwa, ubona ko zitandukiriye ibihugu vy’akarere ka Afirika y’Ubuseruko .

Kuzifungura birakwiye kugira ngo zituzwe ?

Nk’uko ubushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije bubimenyesha, hari ibikorwa biriko birategurwa: Gushiraho umugwi uhurikiyemwo ibisata bitandukanye uzoshobora guhagarikira ibikorwa vyo gukinga, uw’abahinga bajejwe gucungera no gutangiriza hakiri kare, ingendo yo guhanahana ivyiyumviro mu bihugu bimaze guterwa n’ivyo biza vy’inzige, gutumatumana ko amakuru mu karere….

Ubwo bushikiranganji bubandanya bumenyesha ko bwamaze kwiga ubuhinga bumwe bumwe bwofasha mu kugwanya izo nzige na bwo bukaba ari nko kuzitora n’iminwe ndetse no gukoresha imiti ihinguwe. Ariko rero, ic’iyo miti ngo ikoreshwa barinze gupompa, ngo si ico guhera ko kuko hanini hakoreshwa indege ivyo na vyo bigatuma hashobora kwononekara ubuzima bw’abantu n’ibidukikije na canecane amazi n’ikirere. Hejuru y’ivyo, izo nzige zishwe n’imiti  ziba zirimwo ubumara zirahindukira zikaba indya z’inyoni ndetse n’abantu.

Kubw’ivyo vyose rero, amashirahamwe nka Fida, ibanki y’isi yose, ishirahamwe  FAO akaba ahamagarirwa n’ubwo bushikiranganji kwifatanya na bwo mu gushiraho integuro yo gukinga ico kiza mu ntumbero yo gukingira Uburundi, abarundi n’ivyabo.

Cyriaque Nimpagaritse, umwe mu banyagihugu twayaze akagira ati :« Nimba ziribwa bwa Swa canke bwa mivuri ( imisenene), zizokwona ibiterwa ni vyo ariko na twe amenyo yo kuzisya tubaye turayakarisha».  Weho ubivugako iki ?

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top