Mu Burundi, hari ibikoko vyinshi. Ariko nta kirya inomero imbwa mu gusuzugurika ku buryo kugereranya umuntu na yo bingana igitutsi gikomeye. Naho biri uko, ngo yitwa Inziraguhemuka. Hambavu y’ivyo, iritizwa cane haba mu myibutsa y’ikirundi ihanura abantu ndetse ikishimikizwa no mu kugereranya ibikorwa vy’ubuhizi bw’abantu. Kuki rero ico gikoko kigendanira shebuja, kikiryamira aho avyagiye cahavuye cakwa agaciro ?
Burya umurundi nta co abonera ubusa. Atagikuyeko igitutsi agikurako umugani. Imbwa iramurarira mbere rimwe na rimwe akayituma inyama mu ruhigi. Ntayituma kurahura ariko arayikenera kenshi. «Uragasangira n’imbwa» ni igitutsi gikomeye kuri we. Ntayirya ariko ariye ntayibagira, kanatsinda n’iyo yagize ico ifata mu ruhigi, hari inyama ayisigira mu kuyishimira. Bivugwa ko ata gaciro kazo mu Burundi ariko n’i bwami zirabundabundirwa mpaka zibwe( Maconco, i Bwami)….
Imbwa irakoreshwa mu ngereranyo zirora ivyiza
Naho ico gikoko kiboneka ko gikengeretse nyabuna hari ivyo tucigirako. Hari uburanga bwaco umurundi yitiza ( Cane cane mu mvugo) iyo ashaka ko n’abandi bohakura icigwa. «Afise umwete nk’imbwa isara»: Bisigura ngo uwo muntu ntiyirazako ikivi, arashiruka ubute. Yiruka nk’imbwa : aranyaruka cane gose.
Erneste Nahimana, umukurambere yize ivy’imico n’akaranga nyafirika muri Kaminuza y’Uburundi avuga ko burya imbwa bayita Inziraguhemuka. Ijanye n’umuntu akagwarira ku nzira, ngo ntiyigera imuva i ruhande. Ngo iranuranura hafi y’aho ariko iragaruka ikarara aho araye. Uwo muntu n’iyo apfiriye ku nzira, imuguma impande gushika anuke kandi na ho nyene nanzi ngo irakunda inyama, ntigeza kumurya. Igukunda ukomeye, ikagukingira kandi n’iyo upfuye, itasaze, ntipfa ihemutse ngo irye ikiziga ca shebuja.
Ariko rero…
Ngo amakosa yayo ntaharurika. Ernest abandanya agira ati:«Burya imbwa ni ikimenabanga kandi imaramaza umuntu muri vyinshi. Imbwa nta co yinenaguza.N’amazirantoke iraheha. Ikaguherekeza mu rubanza izokumaramaza kuko bugingo baguhaye icicaro yo izokwiruka gusutama aho bariko barateka canke naho ije kunuranura irondera amagufa mw’iyarara. » Abarundi bati imbwa y’umukwe ni yo mukwe ( Nimba atashoboye kurera imbwa yiwe, n’uwacu bizomugora kumukurikirana. Kubw’ivyo, nta mugeni wacu tumuha). Erega umuntu nya muntu afise ubuntu, ni uwanka ko bomugaya. Imbwa yo rero ntinena kandi irangwa n’umwanda. Ni insuma (Imbwa itobotse ubuhanza ntiba yamenye inzu nke). Ari na yo mpamvu bavuze ngo naka afise amakosa nk’ay’imbwa baba bakubonye ko amafuti menshi cane nk’ayo yose yadondaguwe ku mbwa.
Imwe mu myibutsa y’ikirundi ifatira ku mbwa
Fréderic Manirambona, mu gitabu yise «L’Univers Sémantique du chien Imbwa au Burundi», 2011 yerekanye, afatiye ku matohoza yagize, ko imyibutsa myinshi ifatiye ku mbwa ikoreshwa muri «sens négatif» :
Ha kuba imbwa woba imva (agateka)
Urya nk’inka ugapfa nk’imbwa( ugusesagura)
Imbwa ntitinyirwa amenyo maremare itinyirwa Shebuja (Akarengane)
Abagabo bararya imbwa zikishura( Akarengane)
Imbwa ntiseka iba igomba kukurya( Ubwiyorobetsi)
Amabinga y’indura ashira ipfuye(Kamere)
Imbwa irakira ariko ntikira uguhunahuna( kamere)
Umuntu iyo ashonje aribuka n’ubwo yahaye imbwa( ibihe bitoroshe)
Ugaburira umworo imbwa zikagwana( Ishari)
Imbwa iravyagira ikaba iraye inzara( ingaruka z’ubunebwe)
Imbwa y’umworo yiba igwaye (Ubukene)
Akaje karusha imbwa kwota kaba gashaka gusha( Ubwibone)
Usangira ibanga n’imbwa ikarikwiza ibisaka( Kutagumya ibanga)
Imbwa ibura se ntibura shebuja (inzego)




