Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Icapati: ivyo mukwiye kumenya kuri iyo mfungurwa

Abantu benshi babona icapati mu mazu y’uburiro abandi bakazibona mu tudobo bariko barazitembereza bakazigura bazifungura ariko batazi uko zitegurwa ndetse n’ivyo bavangamwo kugira zigire akanovera gatuma abantu benshi abato n’abakuze bazihurumbira. Nimuvyisomere.

Uramaze gufungura icapati? Nimba utaragifungura ngo wumve ingene kiryoshe ndibaza uramaze kwumva abacumvirije bacivuga ko ata yindi mfungurwa borya mu gatondo. Cédric Barutwanayo aba mu Bwiza. Icapati ngo yakigize umugenzi ubu. Agira ati: « Abantu benshi bazi icapati ku duharage. Ariko mu vy’ukuri icapati kw’isose y’inyama ndagutumiye uze wumvirize nawe. Ni wararaye. N’intoke wocirako ndakurahiye. Jewe amafaranga ari mu kumperako ». Nayo Birori mu kuyica umurya avuga ko icapati ari nk’itabi ry’igikamba. Iyo wamenyereye aho kiryoshe uhakurwa n’amadeni amahera yaguhezeko.

Kukaba nkako, ushitse mu nzu z’uburiro harimwo icapati wumva abavyihereza baguma bagira bati: « Jewe icapati ku duharage. Nanje icapati ku mata ». Eka hari n’abo wumva babisabirako icayi. Erega no ku mabarabara urwaruka rwicira amaranga rurabitembereza mu tudobo kandi ruvuga ko ruca ayatari make. Ndoricimpa Martin avuga ko iyo vyagenze neza akavyuka yumva afise ingoga zo gukata amakaritiye neza, ashobora kudandaza icapati ijana, gutyo 40.000Fbu akazizingira ku w’inyuma kuko imwe ayitanga ku 400Fbu.

Ngezahayo Porotazi umusore adandariza mu nzu y’uburiro iri mu Kamenge ku rya 5 na we aremeza ko icapati gikwega abakiriya. Akishimira amahera abikuramwo kuko ashobora kudandaza icapati ziri hagati ya 100 na 200. Akaba akora izitandukanye, iza 200 n’iza 300Fbu. Akavuga ko ashobora kudandaza mu capati gusa amafaranga ari hagati ya 3.000 na 60. 000Fbu ku munsi.

Menya rero ingene icapati gitegurwa

Ngezahayo uwo benshi bahamagara « Ngeza » avuga ko ico kumenya kubijanye n’itegurwa ry’icapati ar’uko gigorwa mw’ifu y’ifarini iva mu giterwa c’ingano. Uti none bigenda gute? Uyo musore aratugira ku muriri: « Ufata ifarini ukavanga n’amazi ashuhe. Uragerageza ukagereranya amazi bivanye n’ibiro vy’ifu ushaka gukoramwo ico capati. Nko mu biro 10 vy’ifarini ncanshiramwo ijage zibiri z’amazi ashushe hama nkavanga n’amata iritiro zibiri, ibitunguru, n’amagi. Mpejeje gukandura ndaheza nkashira ku meza kugira nshobore kuyiha incapuro yayo nkoresheje akantu twita umushoferi gakozwe mu giti. Ndangije ncashira mw’ipanu nkayikaranga. Iyo bakayita Crêpe simple ».

Na we Olivier Manirambona asanzwe yararonse inyigisho ku bijanye no guteka, amenyesha ko icapati ziri mu migwi ibiri. Ubwa mbere akaba ari crêpe simple, na yo iya kabiri ikitwa crêpe dessert. Iyi rero mu gutegurwa bakaba bayikora nka kurya bakoroga umusururu. Agira ati:« Ufata ifarini ukayivanga n’amata ugashiramwo amagi, ibitunguru, sucre vannille, isukari ndetse ubishoboye uranakatiramwo udushishwa tw’indimu dutoduto ».

 Icapati kiri n’akamaro mu mubiri w’abacihereza

Athanase Ntiyanogeye Umuhinga mu vyo gufungura neza avuga ko icapati gifise akamaro mu mubiri w’umuntu kuko gihingurwa mu ruvange rw’intunga mubiri. Nk’akarorero ingano ziri mu mugwi w’imfungurwa ntanganguvu. Agira ati: « Icapati ni ikiribwa kiryoshe kuko mu kugitegura bavangamwo utuntu turyoshe twinshi nk’amata, amagi, isukari, n’ibindi… » 

Uyo muhinga mu bijanye n’imfunguro avuga ko iyo mfungugwa yahoze ari iy’abaswahili ariko ubu ihurumbirwa na benshi ari vyiza kuyisomeza icayi, ibiharage, umusururu naho nayo nyene ubwayo isanzwe imirika.

Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top