Jimbere

ikirundi French English
Ijwi ry'Abana

Ingene amareresi ashobora kwonona ubuzima bw’umwana

Mu bisagara, ingo nyinshi usanga zifise imboneshakure zifasha imiryango guterama, kumenya amakuru, kwigisha abana ivy’indimi n’ibindi . Ariko rero zirashobora no kubangamira kazoza kabo mu gihe ivyo baraba bidakurikiranwe neza n’ababakurira.

Mugani w’abakurambere, ngo ibintu birinze bibabaza umutima w’umuntu bitegerezwa kugira inkurikizi ku bwenge bw’umuntu nkuko nyene ibibangamiye ubwenge bigaragaza ingaruka ku mubiri. Ivyo ngo Minani Immaculée wo mu Ngagara afise umwana yitwa Jean Michel Horicubunye yaravyiboneye n’amaso yiwe.

Uwo muvyeyi agira ati: «Jean Michel agifise imyaka itandatu yaragiye gukina ku babanyi nkuko vyama ariko amaze gutaha I muhira yaranse gufungura, nyina abifata ibisanzwe.  Ntihageze kuryama umuhungu araturikisha ararira yanka kwirarana nkuko vyahora. Imvo ya vyose ngo yari yaravye ireresi iteye ubwoba cane kandi aho rero yari kumwe n’abakuze batiyumviriye kumusohora. Mu vy’ukuri kugira uwo mwana wanje bimuvemwo vyafashe igihe kitari gito».

 Gute ho mu bibanza birabirwamwo amareresi?

Uretse mu ngo hari n’utundi tuzu two kuroreramwo amareresi bakarihisha amahera. Kenshi na kenshi ineza y’umwana si yo iza imbere. Dénis Karibwami umwe mu bafise inzu zirabishirizwa mwo amareresi muri karitiye Nyakabiga ya III iri mu gisagara ca Bujumbura. Ukihashika usanga ahagaze ku muryango n’amafaranga mu ntoke. Ataravye imyaka canke urugero rw’umuntu, wumva aguma agira ati: «Harimwo iy’urusase. Kwinjira ni 100Fbu ukirabira finale ugaca uraba n’iyikurikira. Ubu haca hajamwo iy’igipfunsi kimeze neza». Ntaraba abana canke abakuze. Akira kwiyegeraniriza inoti. Ariko abana ngo abemerera mu masaha y’ikigoroba bavuye kw’ishure, nkuko Dénis avyiyemerera.

No mu kibanza kimwe muri vyinshi biri mu Cibitoke ca Bujumbura, ngo mu kwinjira ni amahera imbere. Ngo ukira kuba ufise ayo basaba gusa winjira hatarabwe ubukuru mu myaka canke igihagararo. Nkuko kwa Dénis ngo nawe umwana yavuye kwiga aramwemerera. Erega ngo barakuramwo ayatari make. Abo bose ubabajije ayo bashobora kuronka ku munsi bakubwira ko ari hagati ya 20.000 na 30000Fbu.  Ariko bakemeza ko mu gihe c’imipira hoho kubera ukunzwe ngo baratoza amafaranga arenga ayo bavuze

Ingaruka nti zibura ku mwana araba amareresi ateye ubwoba

Alexis Nsabimana umuhinga mu vy’inyifato agira ati: « Naho bamwebamwe mu bavyeyi badakurikirana ivyo abana babo baraba ku mboneshakure, burya birakenewe cane kuko hari ibizana ingaruka mbi nk’ihahamuka, kuba intagondwa, ukwigana imico mibi, guheba ishure, eka mbere hari n’abashobora kwizizirwa burundu n’ivyo baraba bikabangamira ugukura neza kwabo,n’izindi nyinshi».

Kubw’ivyo vyose ngo  abavyeyi bipfuza kubaangiira ama «chaines» amwe amwe ku mihora ya «Canal+» na za ‘Startimes’ barashobora gushika ku biro vy’ayo mashirahamwe bakabashirira mwo ibiharuro biba bizi abavyeyi gusa (code parental) mu ntumbero yo gukingira abana babo.

Inkuru yatororokanijwe na Katia Gretta Iradukunda, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top