Inyuma y’amezi atatu abarimyi bashikirijwe ibijanye n’imyiteguro ya reta yari igamije gutunganya neza irima ry’agatasi, hafatiwe kandi ku ngendo zagizwe n’ubushikiranganji hamwe n’abashingamateka kuva ku wa 18 gushika ku wa 20 munyonyo 2019 mu ntara icenda bagashira ko n’ivyegeranyo bitangwa n’abajejwe uburimyi mu ntara, muri rusangi imirima mu gihugu c’Uburundi irateye igomwe. Ivyo vyashikirijwe na Dr Déo Guide Rurema umushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije.
Hari kuri uyu wa 12 kigarama 2019, mu kiganiro Dr Déo Guide Rurema yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’ingene igihe c’irima c’agatasi cifashe. Umushikiranganji yashikirije abanyagihugu ivyigwa vyakozwe mu ntumbero yo kuraba ingene utwigoro twa reta two kugwiza umwimbu twoba twarafashije. Aho twovuga nko guha umwavu abarimyi ku giciro kitavuna, ishwagara yo mu mirima mw’isi irimwo umururazi, gutanga imbuto zirobanuye nk’ibigori eka mbere no kugwiza imiti ihasha udukoko n’ingwara zibangamira imirima.
Kabaye n’akaryo ko gushimira abajejwe uburimyi n’intwaro bo mu ntara zitanu n’amakomine atanu babaye aba mbere bitanze batiziganya mu guhimiriza abarimyi bagatako bagafata nkama ibikorwa bijanye no gukingira isi ndimwa eka mbere ngo muri izo ntara nta ngorane zijanye n’inkukura, gutwarwa kw’imirima hamwe n’ibihomoka bikiharangwa. Akavunira akagohe amakomine n’intara biza mu bibanza vy’inyuma kwikubita agashi maze zgafatira akarorero kuzashoboye kwitunganya neza. Yaboneyeho kubeshuza inkuru zitarizo zivugwa ko ifumbire Fomi ihingurwa n’ihinguriro ryaha iBurundi atari nziza kuko no mu karere iriko irahurumbirwa kubera bazi ko ari nziza.Iyo na yo igizwe n’ibice50% vy’umwavu w’ikirundi na 50% vy’umwavu w’ikizungu ikaba ishimwa no ku rwego mpuzamakungu.
Impeshi igeze hé?
Rurema agira ati: » Kugira twitegurire neza irima ry’impeshi, ubushikiranganji bw’uburimyi,ubworozi n’ibidukikije bufadikanije n’ihinguriro Fomi twariteguye bimwe bishimishije kuko igice kinini c’ifumbire kiramaze kuboneka kandi izoshika ku gihe. Mbere n’ikiringo co kuriha amahera ya vansi kikaba caratanguye kuva kw’igenekerezo rya 9 Kigarama uyu mwaka kikazorangira ku wa 7 nzero 2020″. Rero ngo abarimyi basabwe kubahiriza ico kiringo no gusidukana n’iyonka mu kuriha ayo mahera ya vansi mugabo uwo mushikiranganji anamenyesha ko ubu iyo fumbire izotangwa hakurikijwe ubwaguke bw’isi ndimwa uwuyisavye afise.
Nayo ngo abarimyi bahurikiye mu makoperative yo ku mitumba, basabwe kudacerwa kuriha nabo nyene ayo mafaranga kuko reta yamaze gushira ku makonti yabo amafaranga basavye angana n’imiriyoni 10 bazokwifashisha mu bikorwa vyo kugwiza umwimbu. Imiriyaridi 28 z’amarundi nazo, ziramaze gushirwa kuri konte y’abanyagihugu kubw’ico gikorwa ngo n’ayasigaye mu minsi mike azoba yashikiriye abayagenewe.
Nta vyera ngo de
Nkuko Dr Déo Guide Rurema abandanya abivuga, ngo ntawokwemeza ko vyose ari vyiza kuko muturere tumwe tumwe imirima y’ibiterwa na cane cane iy’ibiharage yarabenje bivuye ku mvura nyinshi imaze iminsi irwa mu gihugu cose. Nayo ku gakoko kamaze iminsi kibonekeza konona ibigori, umushikiranganji akaba n’umuhinga mu vy’uburimyi yamenyesheje ko ako gakoko bakazi eka mbere ko gushika ubu batarashobora kugatorera umuti wo kukagwanya,batanga imiti yo gupfupfahaza gusa. Ako rero ngo ntigahanze Uburundi gusa. Ngo kakomotse muri Amerika gaca kinjira gaciye muri afirika y’epfo, Zimbabwe, Uganda , Kenya, Urwanda gushika mu Burundi.
Abandanya amenyesha ko ako gakoko konona kurusha akahahora bita impongwa kuko kamaze gukura naho bogapompa umuti kadapfa eka mbere konona igiterwa ku rugero rwose kigezeko. Ahanura abanyagihugu kuba barakoresha ubuhinga bwo kukanoba nkuko abandi babitanguye mu kurindira ibizova mu vyirwa biriko birakorwa na Fao.
Mu ntara zigenjeje neza mu gukingira ibidukikije Kirundo iza ubwa mbere n’amanota 80,4% nayo Bujumbura igafata ikibanza ca nyuma n’amanota 36,7%. Mu makomine yakoze bigashimwa Muruta yo mu Kayanza iza imbere n’amanota 95,3% mu gihe Kabezi yo mu ntara ya Bujumbura ari iya nyuma n’amanota 15,3%.




