Ico gikorwa kibaye inyuma yaho kuri ayo mashure hibonekereje ubukene bw’intebe gushika naho abana biga barambije hasi, abandi bicaye ku mabuyi.
Nk’uko bimenyeshwa na Clovis Irakoze arongoye umugwi wa Rotary Club Bujumbura Umuco, ngo batanguye babisoma ku rubuga rw’ikinyamakuru Jimbere ko kw’ishure shingiro rya Maramvya ya I n’iya IV hari ikibazo c’ubukene bw’intebe mu birasi.
Kubera rero ko mu vyo Rotary isanzwe ifasha hari mwo no kwitwararika indero mu mashure y’intango, ngo baciye bumva bogira ico bakoze kuri ayo amashure. Ni kwo kuja hamwe maze bamwe muri bo baranahishikira basanga koko abana biga bagundanye ku ntebe, aho vyanashika abana bakicarana ari bane canke batanu eka mbere naho bakiga barambije hasi.
Clovis Irakoze ari kumwe n’abo bakorana muri Rotary Club Bujumbura Umuco hamwe n’iyindi migwi bakorana bakaba bashikirije intebe 100 abarongozi b’ayo mashure kugira abana bashobore kwiga banonokewe kandi bisanzuye.
Si ivyo gusa, arongera akanamenyesha ko no mu ndwi imwe canke zibiri ziri imbere bazobongera izindi ntebe 66 gutyo, zose hamwe zizobe zikwiye 166. Yaboneye ho akaryo ko gusaba abarongoye ayo mashure ko bobwiriza abarerwa babo kubungabunga izo ntebe kugira barabe ko zomara na kabiri.
Iyo ntererano yakiriwe gute?

N’umunezero mwinshi wigaragaza mu maso, Ngerageze Odette umuyobozi w’ishure shingiro rya Maramvya ya IV yashimiye cane Rotary Club Bujumbura Umuco ku mfashanyo y’intebe yamushikirije.
Akaba yaciye amenyesha yuko kuri iryo shure mu vyukuri ubukene bw’intebe bwari bubaraje ishinga. Agira ati:” Twebwe twabona ko dufise ikibazo, ariko twabura uko tugira. Kuko burya umwana yiga yicaye hasi n’ubumuga bwoshobora kuzira mwo kuko aca yandika ahese umugongo. Ashobora rero kumugara umugongo canke ibikanu. Ikindi kandi umwana ntaheza ngo amenye kwandika umukono neza”.
Yagiriyeko asezerana ko agiye kumenyesha abana ico ari co Rotary Club, yo ibakuye kwicara hasi no kugundana ku ntebe imwe ari batanu.
Na we Nsabimana Bonaventure arongoye Ecofo Maramvya I yakengurutse imfashanyo bahawe kuri ico kigo. Akizera ko abana bagiye kworoherwa mu bijanye no kwicara mbere no gukurikirana ivyigwa bisanzuye. Ariko rero yanamenyesheje ko amashure shingiro ya Maramvya I n’iya IV asanzwe akorera mu birasi bimwe, ivyo na vyo bikaba ari 13 gusa.
Abana bahiga ngo barakurakuranwa bamwe baza mu masaha y’igitondo, abandi bo mu rindi shure bakaza ikigoroba, gutyo gutyo. Rero ayo mashure nkuko akorera mu nyubakwa zimwe ngo baramenya gutandukanya abo bigisha. Abana bahiga bose hamwe bangana 2064. Ni ukuvuga ko Maramvya I ifise abangana 1187 na yo Maramvya IV ikagira 877. Abo bose rero bakaba bakurakuranwa ku ntebe 227 zari zihasanzwe.
None Rotary Club ni iki?
Irakoze Clovis ati: « Rotary Club ni umuryango munini ukwiye kw’isi yose. Uri mu bihugu bishika 200, ukaba urimwo imigwi myishi mu bihugu bitandukanye. Rotary rero ikaba ikorera cane mu bisata 6 nk’ibijanye n’amahoro no kugabanya amatati, inyigisho mu mashure shingiro, amagara y’abavyeyi n’abana, ibidukikije, amazi hamwe n’igisata co kwiteza imbere ». Mu gisagara ca Bujumbura rero hakaba hari imigwi ya Rotary ishika itandatu, Rotary Club Bujumbura Umuco ikaba ari imwe muri yo. Hariho rero n’uwundi mugwi i Gitega hamwe n’i Ngozi.
Iyo yose ikaba ishigikirana iyo hagize igikorwa bagomba kurangura.




