Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Tuyage ivy’agateka k’abana tubicishije mu bicapo

Vyaraye bibaye kuri uwu wa 9 Munyonyo aho abasore Daniel Kibamba, Don Kevin Habonimana na Hervé Ndayishima baronswa udushimwe kubw’ibicapo vyabo vyayaze bitagira umunwa ivy’agateka k’abana. Abo batatu batowe mu bacafyi 41 bariko barahiganwa.

Muri ivyo birori vyabereye kw’ishure ryigisha ivy’ugucapa ETSA ry’i Gitega, hari hakoraniye abatumire batandukanye nk’abari bahagarariye ishirahamwe UNICEF, Margaux Mathez-Loic na Jean Sacha Barikumutima, Isidore Nteturuye Umuremeshabikorwa w’ihuriro ry’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb, n’abandi. Igikorwa catunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 30 irangiye hashizweho Amasezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abana.

Gute amasanamu avuga?

Nk’uko Daniel Kibamba, umusore yabaye uwa mbere mu mahiganwa abisigura, umuhinga wo gushushanya agerageza gusohora ibiri muri we akabiyagira abandi abicishije mu gicapo, ababibona bakiha ishusho bo nyene y’ivyavuzwe mbere n’icigwa bakakihakura. Agira ati: «Jewe nahisemwo kwerekana ko umwana afise uburenganzira bwo kuvuzwa. Mu gihe adakurikiranwe rero, kandi kugira amagara meza vyari mu vyo afitiye uburenganzira, agateka kiwe kaba gahonyanzwe ».

Don Kevin, umunyeshure yiga kuri ETSA, mu gicapo ciwe yerekana ko kujana umwana mu ntambara ari amakosa akomeye cane kandi muri ico gihe aba ahonyangiwe agateka. Yagize ati: « Nimba urwaruka ari rwo kazoza k’ejo, kujana umwana atarakwiza imyaka 15 mu ntambara ni ukwica kazoza kiwe. Nacafye nisunze inyigisho nakuye mu vyo nasomye mu gitabu c’amategeko agenga agateka k’abana igice ca 38, ariko ndabiserurira mu bishusho kugira ngo ndabisangire n’abandi ».

Muri iryo higanwa, Daniel Kibamba uwabaye uwa mbere yaronkejwe umuriyoni w’amarundi (1.000.000Fbu), Don Kevin Habonimana, uwa kabiri ahabwa ibihumbi amajana atanu (500.000FBu), nayo Hervé Ndayishima, uwa gatatu, atahana ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu (250.000Fbu).

Eka na Hervé Ndayishima, uwabaye uwa gatatu muri ayo mahiganwa, ngo ugucapa ni bwo buryo bumworohera bwo gushira ahabona ivyiyumviro vyiwe. Uwo avuga ko amajambo igihumbi ashobora kuyavuga mu gicapo kimwe. Mu gicapo ciwe, yipfuje ko impano yiwe yoseruka mu gushigikira no guteza imbere agateka k’umwana, abasa n’abibagiwe bagakuzwa bakaja ku rugero rumwe n’urw’abandi babayeho neza babifashijwe mwo n’ababakuriye.

Hari icigwa vyatanze ku bandi banyeshure

Bamaze kwihweza ibicapo vy’abahiganwe bakanyugwishwa neza ko gutanga inyigisho bishoboka utarinze kwugurura umunwa ngo utaramure ururimi, bamwe mu banyeshure biga kuri lycée Notre Dame de la Sagesse (LNDS) bari baje aho hantu bahavuye bahahamira uwo mwuga.

Julès Niyokwizera yagize ati: « Iyo biba ibishoboka nahava ndavyize kuko ntahuye ukundi ko kumenya gushushanya ari ukugira ururimi rugira kabiri ». Eka na Collette Igiraneza, adashobora kuvuga, yahavanye ishaka ryo kuzokwiga ivy’ugushushanya kuko yabonye ko umuntu yavyize akabimenya yokwiyungunganya, mbere bikamuteza imbere mu buzima.

Isidore Nteturuye aserukira urunani Fenadeb akaba yakengurutse itunganywa ry’uwo munsi mukuru aho yahamagariye urwaruka rwose guhora baharanira agateka kabo, ndetse n’ugushira ahabona impano zabo n’abigeme badasigaye inyuma.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top