Mu gihe aho ico gitabu cagiye kiracishwa mu ntara zitandukanye cerekwa abantu bose, mu ntara ya Kayanza cashikiriye urwaruka rw’abanyeshure muri komine Kabarore itariki 9 Nyakanga, 2019. Kw’ishure ryisumbuye rya komine riri mu Rwegura, abanyeshure n’umuyobozi wabo barakengurutse. Vyabereye ku kibuga c’iryo shure. Abakenyezi Mariya Roza Nicimpaye na Koreta Ndaruzaniye bakaba barahashingiye intahe.
Abanyeshure bari bahimbawe aho bari ku kibuga c’ishure. Hari akabeho igihe c’isaha zine z’agatondo. Mu burengero hari imirima minini y’icayi. “Yooo ! Ndabonye icayi yemwe ibi bintu binyeretse ico ntari bwabone! Sinobabesha jewe sinari bwabone icayi.” Uwo ni umwe muri ba bapfasoni baje gushinga intahe bava i Karusi atangaye.
Umuyobozi w’iryo shure yaratanze ikaze, maze asaba abanyeshure gutega amatwi abagira babayagire ubutwari bagize mu bihe vy’amakuba.
Yagize ati: “Ndahaye ikaze aba bantu bashitse hano namwe mubatege yompi kuko ni mu ntumbero yo guharanira amahoro. Twama twababwiye tubaha impanuro ko mwobumbatira amahoro. Mu mahoro ni ho muheza mukiga mugatera imbere. »
Adatevye Mariya Roza yaciye afata ijambo abagira ku muriri ivyamushikiye mu gihe c’amakuba yo mu 1993. Na Koreta nyene vyagenze uko, bompi baravuze ukuntu bemeye kwitangira amahoro bakahakurwa n’Imana gusa bagira bicwe kubera kunyegeza abo badasangiye ubwoko.
Aho hose, ubona ko mu banyeshure bari ngaho ata n’umwe yari bwavuke igihe iryo bara ryagwa, warabona ko bateze amatwi batangaye cane.
Christine Ntahe na we nyene yaragarutse ku mpanuro yagiye aratanga mu ntara zose 17 ico gitabu caciyemwo. Yasavye nya banyeshure kugaragaza urukundo bahereye mw’ishure no mu kibano i muhira iwabo.Gukundana ngo bibonekera mu gutizanya agakaramu n’utundi.
Barakengurutse biyemeza guharanira amahoro
« Twimirije ibihe vy’amatora. Twebwe urwaruka dukundane kuko turi bato ntituri abanyeporitike. Dufatane mu nda nk’abanyeshure. Igihugu ni rwacu, twe Burundi bw’ejo dufashanye kwimura mw’ikaye, dutizanye ikaramu. »

Ivyo vyashikirijwe n’umwigeme Nibaruta Josephine. Abari aho bose baciye bamukomera amashi.
Uko uwo mwana yavuze, n’abandi barashikiriza ijambo ry’inkoramutima. Uwitwa Jonathan Tuyisenge wewe ni umwana muto gose yiga mw’ishure shingiro mu mwaka wa gatanu. Yemeje abari ngaho bose ko azogaragaza urukundo agatiza agakaramu n’agakaye uwugakeneye, ataravye iyo ava canke ikindi ico ari co cose comutandukanya na we. Uwo mwana na we nyene baramukomeye amashi.
Uwitwa Jimmy Bukebuke na we nyene yaremeje ko agiye kubumbatira amahoro, mugabo yerekana ko hari n’ibindi vyamushegeshe.
Yarinamuye ati: “Binyigishije kubumbatira amahoro kurusha. Ibi bihe usanga abanyamahanga baririmba guhuza ibitsina, ugasanga urwaruka rurapfuye kubera kwitwara nabi. Mpanuye n’abandi bave muri iyo ngeso bareke kwitegereza ivyo bintu. Dufise ingeso nziza binezera abavyeyi.”
Abandi mu rwaruka rwo kuri iryo shure, bariyemeje gufasha ukundi. Uwundi yavuze ko agiye guhimiriza urwaruka gufasha abatishoboye ataravye ubwoko canke ikindi gitandukanya abantu.
Ubona ko ata mwonga ubura isato iba idahizwe, no muri iyo komine yabo ya Kabarore ngo amacakubiri aracariho. Uwitwa Irakoze Ariane yamenyesheje ko mu kibano iwabo abakiba mu makambi y’abateshejwe izabo n’abasigaye mu zabo hari abatarabana ryiza. Yasavye urundi rwaruka gufasha kwubakira abakiba muri bene ayo makambi. Yaciye anagirako avuga ko yiyemeje gufasha gukura abana mw’ibarabara abicishije mu migwi (clubs) bazoshinga hamwe n’abandi bangana. Yarateye akamo abana bose ko bogwanya amacakubiri bivuye inyuma.
Uwasozereye gufata ijambo mu banyeshure ni uwurongoye abandi yitwa Salvator Nyandwi. Yavuze ko bagiye kubandanya bakora uko basanzwe ati: “Ico twashize imbere ni ukurondera ubumenyi. Twese turaja kuraba uwugwaye muri site n’udukwi, n’utundi. Turafungurayo, twitwaza imbombo ivyo vy’amoko twarabirengeye.”
Umuyobozi n’abanyeshure barashimye cane kubw’impanuro n’inyigisho zidasanzwe bahungukiye. Abafashe amajambo rero bakaba baciye bahabwa ubushimwe, ishure na ryo risigarana ibitabu bitari bike.
Igitabu cari gihejeje kwishikira mu ntara zose z’Uburundi




