Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Mu Burundi, n’abakenyezi basigaye batirwa mw’ibanga ry’ubushingantahe

Jean Baptiste Ntahokaja, mu gitabu ciwe yise « Imigenzo y’ikirundi 1978» ngo kuva kera na rindi umushingantahe yaratorwa ariko babanza ku muca irya n’ino bakamwiga, hama bakabona kumwatira akamira akabuye k’abagabo, agahabwa intahe, maze akabona kuba umucamanza abushitse. Carazira ko umugore canke umwana yatirwa. Ariko kubera ko amategeko agenga abashingantahe yahinyanyuwe, n’abakenyezi ubu baratirwa.

Nkuko bishikirizwa n’umushingantahe Balthazar Habonimana arongoye urwego rw’abashingantahe mu Burundi, ngo umushingantahe ni uwo wese yatiriwe ibanga ry’abashingantahe bene umurango babona, yaba umugabo canke umugore, hakurikijwe ibiranga umuntu abereye kwatirwa. Agira ati: «Ubu hatirwa umurundi canke umurundikazi ashikanye canke arenza imyaka 35, yabisavye ashigikiwe n’umuhetsi ari we muvyeyi wo ku ntahe kandi akemererwa n’abashingantahe n’abapfasoni bo ku mutumba abako be n’abarongoye urwego rw’abashingantahe muri komine. Ntawushobora kwatirwa atubatse urwiwe kiretse iyo asanzwe arangura amabanga azwi kandi yemewe ajanye n’ukutubaka ».

Ibiranga uwubereye ibanga ry’ubushingantahe

Nkuko biri mu gatabo k’amategeko agenga urwego rw’abashingantahe ku rupapuro rw’7, uwatirwa ategerezwa kuba ari imvuga kuri, agwanira ubutungane kandi agatunganiriza bose, abanye neza n’uwo bubakanye kandi akamana ubwira mu gutunganya urugo rwiwe, yitaho imibano myiza y’abantu, yizigiwe n’abo babana hamwe n’abo bakorana, agumya ibanga akanarigendera, afise impuwe, kuba ataraba nkunzi adakunda inda canke ngo aguze amaronko ijambo, kuba atari imborerwa canke igihumbu, kuba azi kuvuga neza ikirundi kandi agashikiriza ijambo ritumbereye kandi afise ubwenge butazindwa, yihangana kandi afise n’inzindi ngeso nziza zo mu mico kama y’abarundi.

Aho hambere ntibatira umugore, ariko ubu…  

Kera umugore we ntiyatirwa, imvo ngo ni kubera yagereranywa n’umwana, yibaraguza ntabike ibanga. Babona ko yozindwa mu kuvuga agahava avuga ibitaroranye mu rubanza. Ariko iyo umugabo yatiwe mu rugo, n’umugore wiwe yaba yatiwe intahe igashikirizwa umugabo gusa, kuko ngo nta ntahe zibiri ziba mu rugo.

Umushingantahe Balthazar Habonimana ati: «No muri iki gihe ni ko bimeze. Muga ubu iyo umugore yapfakaye agasaba kwatirwa, iyo akwiza ibisabwa mw’ibanga ry’ubushingantahe, aratirwa akarahira indahiro imwe nk’iyabagabo gutyo akitwa umupfasoni (Umukenyezi yatiwe). Ariko rero aho umugabo ahabwa intahe, umupfasoni we ahabwa agaseke gafundikiye kagereranywa n’ibanga ry’ubashingantahe azogumya kandi akazogendera kuva umunsi yatiwe ». Uwomushingantahe akagirako anatanga akarorero k’umupfasoni Christine Ntahe azwi kw’izina rya « Mama Dimanche » yatiwe bose babiraba kubera babona ko abikwiye.

Godefroid Sindayihebura umushingantahe yabunyoye aba i Gitega na we avuga ko intahe idahinduka, iguma ari imwe. Ngo umupfasoni kirazira ntiyigera afata intahe. Ico akora, mu rubanza arashikiriza ijambo bigasosa kandi rikemerwa ahandi ho intahe igumana umugabo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top