Mu gihe hibonekeza ukutabona kumwe uburimbi butandukanya amakomine n’ayandi canke igisagara ca Bujumbura (Mairie) n’ayandi makomine bihereranye yo mu ntara ya Bujumbura (Rural), ngo ubushikiranganji bubijejwe bugiye gufata mu minwe ico kibazo ku buryo hazoshirwaho imbibe zerekana neza aho bamwe n’abandi bagarukiriza.
Vyashikiririjwe mu ngoro y’inama nshingamateka mu Kigobe, igihe umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, hamwe n’uwujejwe iterambere ry’amakomine, Jean Bosco Hitimana, aho bari baramutse bishura ku bibazo vy’abashingamateka.
Nkuko vyagiye biragarukwako n’abashingamateka batandukanye, ngo hariho ikibazo mu bijanye n’uturimbi tugabanya uturere tubamwo abantu, haba hagati mu gihugu canke mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo rero ngo bikaba bishobora gutuma abantu batamenya neza aho batwarwa mbere n’ibikorwa vy’iterambere rusangi ngo bakabikora aho bategukira.
Mu gisagara ca Bujumbura …
Uko igisagara ca Bujumbura kiguma caguka, ni ko kumenya mu vy’ukuri aho Mairie ya Bujumbura igarukira bigora. Ivyo rero bikavugwa n’abashingamateka bafatiye ku kuntu ahahoze hari mu ntara ya Bujumbura (bamwe bita Bujumbura rural) hegeranye na Mairie harinze hubakwa inyubakwa nziza canke hagashirwa i karitiye yubatse bishemeye ica yitirirwa Mairie. Akarorero ngo ni ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndandaye kiri mu Maramvya. Ngo iyo Maramvya rero ntiyahoze iri muri Mairie, ariko ngo iyo havuzwe ico kibuga baca bavuga ko kiri muri Mairie.
Ico ngo ni na co kibazo kiri mu ma karitiye ya za Sororezo n’ahandi hari ku mpera z’igisagara, kubera hubatswe neza, ngo baguma bahitiranya mbere n’abarongozi bo muri Mairie ugasanga barinjiranamwo n’abo muri Rural. Ubu naho hari ugushaka kumenya nimba ingoro y’umukuru w’igihugu yitiriwe umwami wa mbere Ntare Rushatsi yubatswe mu Gasenyi izohava yegukira igisagara ca Bujumbura canke intara ya Bujumbura nkuko isanzwe ari na ko karere irimwo.
Mu makomine yo mu gihugu hagati
Ico kibazo c’imbibe ngo ntikiri mu gisagara ca Bujumbura gusa. No mu makomine yo hagati mu gihugu, ngo hariho nk’ingo ziba zibereye kure cane y’umugwa mukuru wa komine, ugasanga zubatse munsi y’imisozi ariko zegeranye n’izindi komine.
Iyo hagezweho igihe co gukora ibikorwa vy’iterambere mu makomine, izo ngo zisunga ivy’ikomine zihereranye kubera ukutamenya neza aho zibwirizwa kuba. Akarorero katanzwe kakaba ari ako mu Cankuzo, aho abantu baba ku mitumba ya Nyabisindu, Nyanembo na Twinkwavu ivyo bakora usanga bisunga ikomine ya Cendajuru, ivyo vyose bikava ku kutamenya neza uturimbi. Eka ngo ni henshi mu gihugu hibonekeza bene utwo turorero kuko na komine Ndava na Giheta nta kintu na kimwe gihari kihatandukanya, usanga ari igikumba c’inkaratusi gusa kihatandukanya.
Pascal Barandagiye amaze kwumva ivyashikirijwe n’abashingamateka batandukanye ku bijanye n’imbibe, yaciye abamenyesha ko ico kibazo nabo cari kibaraje ishinga cane, kuko ngo mu bushikirangaji arongoye bari bagifise ku mutima. Akavuga ko hari integuro zitegekanya ivy’imbibe ziriko zirigwa, ko nizahera gutunganywa zizoshikirizwa kugira zizoshirwe mu ngiro bamwe bose babone aho bagarukiriza gutwara, abanyagihugu na bo bamenye neza aho begukira.
Mwomenya ko mu Burundi hari intara 18, zigizwe n’amakomine 119, imitumba 2 639 n’amakaritiye 363, vyose hamwe uturere tw’uburongozi 3 002.




