Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Mu Burundi, ibitigiri vy’abana barwara bivuye ku gufungura nabi vyaragabanutse gushika ku bice 4% mu kiringo c’imyaka 9

Naho hacibonekeza abana barwara indwara zituruka ku gufungura nabi, ivyo na vyo bikaba kenshi biva ku bukene canke ku kutamenya kwabavyeyi kw’ukugene botegura imfungurwa, Fidèle Nkezabahizi arongoye ikigo cigihugu kiraba ibijanye no gufungura neza Pronianut (programme National de l’Alimentation et la Nutrition) avuga ko kuva mu mwaka wa 2010 gushika 2019, ibitigiri vyagabanutse gushika ku bice 4%.

« Dukoreye ku bitigiri turonka ku mwaka ku mwaka, harabaye ihinduka ku bijanye n’abana barwara indwara ziva ku gufungura nabi. Ivyo bikerekanwa nuko mu mwaka wa 2010 abana barwaye izo indwara bari ku bice 58%, hama kuva muri 2016 gushika 2017 bija kuri 56%, ariko gushika ubu bageze ku bice 54%. Ni ukuvuga ko ibice bingana na 4% ari vyo vyagabanutse mu kiringo c’imyaka yababa 9 », nkuko bivugwa na Fidèle Nkezabahizi.

Abandanya avuga kandi ko igabanuka ry’ivyo bitigiri ryatewe n’ihimiriza ryabaye ku bijanye n’ugupimisha abana babifashijwe n’abari mu migwi y’abakorerabushake bazwi kw’izina ry’aba ‘mama muco’ ». Akamenyesha kandi ko intara zibangamiwe cane ari Muyinga, Cankuzo, Ngozi, Ruyigi na Kirundo.

Niyonkuru Anne Marie ajejwe igisata cakira abo bana mu bitaro Prince Régent Charles biri mu gisagara ca Bujumbura avuga koakenshi izo ndwara zikunda guturuka ku bukene buri mu miryango, ukutamenya no gufata ibintu minenerwe kw’abavyeyi kuko hari abo usanga bafise ivyo bofungurira abana babo ariko bakayoberwa ingene bobitegura neza. Akavunira akagohe abavyeyi agira ati : « Kugira umwana aronke amagara meza ategerezwa kugaburirwa uko bikwiye mu kumuronsa ubwoko bwose bw’imfungurwa aribwo nsanganyangaburo, ndemamubiri na ntanganguvu ».

Ibiriko birakorwa…

« Iyo havuzwe indwara ziva ku gufungura nabi abenshi batahura ko mu gihugu ata mfungurwa zihari, haba namba. Ico kumenya ni uko abarimyi bama bari ku bikorwa vyabo, gusa ikibuze ni ukumenya uko umuntu ategerezwa gufungurira ibibondo vyiwe.  Ku bw’ivyo, turiko turakora uko dushoboye kwose mu kugwiza ibibanza vyo gufungurira abana ku mashure (Cantines Scolaires), kwigisha gutegura neza ibimfungurwa, guhimiriza ingo n’imiryango kwijukira isuku kuko iyo ribaye rike n’ibifungurwa bitegurwa nabi gutyo bigatera indwara, turanahimiriza abavyeyi kwonsa abana nkuko bikwiye, … », nkuko bishikirizwa na Fidèle Nkezabahizi. 

Ariko ngo naho biri ukwo, ibikorwa vyo kugwanya ugufungura nabi bitwara uburyo bwinshi, akaba ari na yo ntambamyi ababikurikirana bahura. Fidèle Nkezabahizi agatumirira abantu bose gushira inguvu hamwe kugira bigishe ibijanye no gufungura neza akizera ko nko mu mwaka wa 2030 ibitigiri bizogabanuka gushika nko ku bice 30%.

Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top