Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Mu Burundi, mu miryango yifise, urupfu rw’umuntu ruherekezwa n’imiriyoni zababa 5

Amafaranga yababa imiriyoni zitanu ni yo  imiryango yifise yabuze umuntu canecane iyo mu gisagara ca Bujumbura yegeraniriza umupfu, uhereye ku kumusiga ugashitsa ku kuganduka. Ivyo bikavana n’ukuntu bene kubura  baba bipfuza guherekezanya iteka ikiziga c’uwabo ndetse no kucubakira. None vy’ukuri  nyakwigendera hari amahera angana gutyo aba agiye yarakoreye ?

Uwari muzima  amaze guhwera, imiryango irisuganya, igakorakoranya uburyo, bitegurira gufuba uwabo. Yaba ava mu muryango ukenye, uwubayabaye canke uwutunze, bamwe bose barikazanura  uko bashoboye  ariko uwabo bakagerageza kumunezereza naho aba atakiriho . Ivyo bikaba biva ku kuntu baba bashaka kumusezerana iteka mu rugendo rwiwe arangije rw’ubuzima bwo kubaho kw’isi.

Mu buruhukiro

Iyo imyiteguro itarakwira neza canke ngo imiryango iri hirya no hino yegerane, ikiziga c’umuntu kirashobora kumara iminsi irenga cumi mu buruhukiro. Ibiciro vy’icumba birahindagurika bivanye n’ibitaro, ariko ni kuva ku mafaranga ibihumbi bitanu kuduga nk’uko twavyiganiwe na bamwe mu bamaze kubura. Ku bitaro vy’abasirikare vy’i Bujumbura ni 10.000 mu gihe kuri Kira Hospital ari 200.000 ku munsi.

Isandugu

Uciye ku mazu y’idandarizo y’amasandugu y’abapfuye anatunganya imanza bijanye,  usanga atondetswe uko asumbasumbanya ibeyi. Hari izikuyengeje (zibaje) neza zikozwe mu mbaho ziva hanze zikagira aho bafata  mu gihe baziterura , mbere n’aka «mousse» imbere bagashiramwo. Izo zigurwa hagati y’ibihumbi amajana atatu na mirongo ibiri (320000) n’umuriyoni (1.000 000) kenshi zikagurwa n’abifise nk’uko Déo Manirakiza azidandaza abimenyesha.

Iz’ababayabaye zigugwa hagati y’ibihumbi ijana (100 000)  n’ibihumbi amajana atatu na mirongibiri (320000). Nayo iza batobato zikozwe mu mbaho zisanzwe ariko zishanjeko agatambara zikagwa mu bihumbi 20 n’ibihumbi mirongo itanu. Kuri izo sandugu zose, ibiciro birahindagurika bafatiye ku bunini bw’uwashengeye. Mu ntara zo hagati mu gihugu ho nka Kayanza, Muyinga, Kirundo, abakene bitiza ibirago bigasubirira isandugu.

Imva

Nk’uko twavyiganiwe na Patrick ajejwe ivyo gutunganya imva, ngo na zo nyene ibeyi yazo iratandukanye bivanye n’aho umuntu aba yipfuza kwubakira uwiwe yitahiye. Agira ati:« Burya zirya parasera zo ku mpanda haba hari abantu baziranguye. Abo ni bo witura iyo ugomba gufuba uwawe mukavugana maze bakakwubakira bisunze ivyo uba  wasavye. Imva iteye amakaro imbere n’inyuma, yubakiye, bayigushikiriza ku 850.000 Fbu. Iyibayabaye ikagwa mu mafaranga 200.000».

Kuja ku maziko

Umunsi w’amaziko ugishika, ababuze umuntu baba baramaze gukotesha amabisi bisunze ibitigiri vy’abazobaherekeza ukuntu bangana. Bisi ziba nyinshi canke zike bivanye n’abaje guherekeza nyakwigendera. Imwe ikaba ikotwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi 100  na 150  ku munsi. Aho rero umuntu ntiyokwiyobagiza ko imodoka itwara isandugu y’uwapfuye ikoteshwa hagati y’ibihumbi 50 (minibus ) na 80 000 (limousine)

Gukaraba

Bakiva ku maziko, baraheza bagaca mu kibanza kiba carakoteshejwe amafaranga kuva ku bihumbi amajana atatu (300 000) kuduga, bagaheza bakahiherereza  ibinyobwa ari na vyo bita gukaraba. Umushingantahe aba yatowe araheza agashikiriza ijambo, aho umuryango unatangariza itariki n’ukwezi vy’urubanza rwo kuganduka bagaheza bagashenguruka.

Kuganduka

Hagisigaye amezi 2 canke 3 imbere y’uko igenekerezo ry’urubanza rwo kuganduka rugera, harabaho gukoresha amakarata y’ubutumire aho usanga imiryango yakobanije mu myiteguro, inzarwa, amakaziye y’ibiyeri n’amakarato y’amafanta agaterekwa aho, urubanza rukaba rushasha. Urwo rubanza rutwara hagati ya 300.000  na 500.000   ku miryango ibayabaye, abifise bo bagakoresha nk’imiriyoni 2 canke zirenga.

Kuva umuntu agipfa gushika ku kuganduka, uburyo bw’amafaranga umuryango ushaka gushingurana iteka uwabo mu kibanza co mu gisagara bushobora kwababa canke gushika imiriyoni 5. None vy’ukuri, ayo mafaranga urupfu rubangira ingata inyuma yo kwikorera umuntu, hari ayo aba yarinjije?



Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top