Mu gihe haciye iminsi mike gusa umwaka w’ishure wa 2019-2020 utanguye, mu gisagara ca Bujumbura haribonekeza ubwinshi bw’abana mu mashure amw’amwe, ivyo na vyo bigatuma hari abiga bicaye hasi. Ikinyamakuru Jimbere caragendeye amwe muri yo baratuyagira ibitari bike.
Kw’ishure shingiro rya Gasenyi II riri muri komine Ntahangwa, ucinjira mu birasi bimwe bimwe usanga abanyeshure bamwe bagandagaje hasi bararamura amaso bagerageza gukurikira ivyo umwigisha aba ariko arandika ku kibaho. Abandi na bo baba barundanye ku dutebe duke duhari. Hari abaruha bakegamira ibihome abandi bakaryamanako. Ivyo rero bikaba biva ku bukene bw’intebe zidakwira ibitigiri vy’abanyeshuri bahiga.
Rurihose Béatrice ni umwigisha mu mwaka wa kane kuri iryo shure, avuga ko afise abana benshi mw’ishuri kandi ata ntebe bafise babicarikako. Agira ati : « Mfise abanyeshuri 63, abahungu 28 n’abakobwa 35. Abo rero mu kwicara barakurakuranwa uko haca imisi ibiri. Ku bw’ivyo abo bana ntibiborohera mu gihe baba bariko bariga bicaye hasi, kubera ko biruhisha umugongo n’igikanu». Uwo mwigisha akaba afise n’impungege z’uko bashobora kurwara indwara zifatira ku mwanda biturutse ku kuntu baguma bakora hasi bakongera bakikora no ku munwa. Vyongeye ngo n’ibitabo birahononekarira kuko baguma babitagaguza hasi.
Mbazimana Espérance hamwe na Sindayigaya Chris biga mu wa kane kuri iryo shure. Kuba baje gutangura bagasanga biga bicaye hasi ngo vyarababaje cane kuko ngo hagera gutaha barushe kandi basanzwe banibera kure. Bagira bati :« Ntibitworohera na gato. Amagara yacu arahasinzikarira cane. Umugongo, igikanu, … hagera gusohoka tutiyegura umubiri wose kubera uburuhe. Imicafu yo ku mubiri no ku mpuzu yoyo ntitukiyivuga kuko abavyeyi twabamazeko udufaranga twokwama baguze amasabuni ya buri gihe ».
Ahandi ho bimeze gute ?
Ikinyamakuru Jimbere caraciye no kw’ishure shingiro rya Bassin II riri muri zone Buyenzi hamwe na Musaga I, asanzwe na yo nyene yibonekezako ubwinshi bw’abanyeshure. Kuri ayo mashuri rero n’ubwo twasanze abana bashobora kuronka intebe babandanirako, ngo zaracotse ntizigikomeye bama bariko barasanasana izavunaguritse kugira iminsi ibe iricuma, nk’uko bishikirizwa n’abigisha bo kuri ayo mashuri. Banavuga kandi ko kubera kutagira aho bicarika abana, vyatumye hari abanyeshuri bankirwa kwandikwa kandi bipfuza kuhiga.
Iyo rero umunyeshure aticaye neza mw’ishure ntashobora gukurikirana neza ivyigwa. Yama afise intege nke mw’ishuri zituruka ku buruhe, hari abiryamira hasi, abisinzirirako eka hari n’abasiba mw’ishuri kuko baba babona ko naho botonda birirwa nabi. Vyongeye ngo n’abarezi ntibiheza ngo biborohere mu kubakurikirana nk’uko bikwiye. Abarezi bo kuri ayo mashuri bakaba basaba ababijejwe ko bobaronsa intebe zikwiye hamwe n’ibitabo kugira abanyeshure bige atankomanzi.
Inkuru yatororokanijwe na Gisèle Uwimana, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




