Inyuma y’umugambi wo gukura abana basegerereza mu bisagara, benshi muri bo barasubijwe mu miryango abandi basubizwa mu ma shure. Muti none bigeze hehe ? Ikinyamakuru Jimbere caregereye bamwe mu bana bahoze mw’ibarabara hamwe n’abavyeyi baratuyagira ubuzima babayemwo ubu.
Kuva mu mwaka w’ 2016, Reta y’Uburundi ifatikanije n’amwe mu mashirahamwe yitaho agateka k’abana akorera mu Burundi barashizeho umugambi wo gukura abana basegerereza canke baba mw’ibarabara. Si agaseseshwarumuri abana bari mw’ibarabara ico gihe, baguma biyongera uko bukeye n’uko bwije. Mu matohoza yakorewe mu bisagara vya Bujumbura, Gitega, Ngozi na Kayanza mu mwaka w’ 2010, yerekanye ko abana barenga 3260 ari bo bari mw’ibarabara kandi akerekana ko atagikozwe vuba na vuba ico gitigiri cari kigiye kwongerekana.
Uwo mugambi umaze kuja mu ngiro, ibitigiri vy’abana bari mw’ibarabara vyaragabanutse. Abahora banyuragirana mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, canecane ku gituro c’amabisi, mu buriro no mu bunywero butandukanye aho wasanga bagandagaje k’ubwinjiriro barindiriye gusega abinjira n’abasohoka baragabanutse. Ivyo bikemezwa na Ignace Ntawembarira asanzwe atwara igisata kiraba abana n’imiryango mu Bushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira aho avuga ko abana bababa 4.000 ari bo boba bamaze gukurwa mw’ibarabara.
Ni igiki gituma abana baja mw’ibarabara ?
Ubukene buri mu miryango, ukutitabwaho n’abavyeyi ni bimwe muri bikuru bikuru bikunda gutuma abana bata imiryango yabo hama bakaza kugira uburaro n’uburamuko ibarabara.
Nadia umwana w’umwigeme w’imyaka 12, ni umwe muri benshi birirwa gusegerereza mw’ibarabara imbere yuko uwo mugambi uja mungiro. Agira ati :«Twava mu Buterere hamwe n’uwundi mugenzi wanje w’umukobwa tugiye gusega hagati mu gisagara ca Bujumbura . Hari igihe twaronka ikindi gihe naho tukabura. Ayo naronse nayakoresha mu gusuma ivyo dufungura muhira canke mu kuyagura uduhuzu canke uturato. Ariko kenshi papa izo mpuzu n’ibirato nasanga yabigurishije. Hari igihe nigeze kumufata agiye kugurisha ikanzu zibiri nari naguze nca ndabibwira umupolisi twari duhuye ndiko ndamwirukako na we yanyishuye ngo wewe uracari umwana ntushobora kwitwarira umuvyeyi ».
Alain Boris Ntirandekura asanzwe ari mw’ihuriro ry’abana ku rwego rw’igihugu Foneb avuga ati : « Igihe cose twagiye kuraba abana bo mw’ibarabara bagaruka kw’ijambo ubukene: ngo sinogenda kw’ishure nshonje, sinogenda kw’ishure ntafise impuzu… »
Arongera ati : « Ntawovuga ko ari ubukene gusa butuma abana baja mw’ibarabara hariho kandi n’ikibazo c’indyane usanga ziri mu miryango aho ushobora kubona abavyeyi bama bariko bararwana. Ivyo na vyo birashobora gutuma umwana yiyumvira kuhava akigira mw’ibarabara. Ikindi tutokwirengagiza ni ubugaba bw’abana, ico nokwita agakuku. Aho usanga umwana abonye bagenzi biwe basigaye bari mw’ibarabara na we ngo natanzwe ! Agaca abakurikira. Ikibabaje rero ni uko bene abo bana usanga akenshi ataco baba bari babuze muhira iwabo ».
Amashirahamwe arafasha
Kuva aho Reta ishiriyeho umugambi wo gusubiza abana mu miryango yabo, hari amashiramwe menshi yagiyeho ngo afashe bene abo bana canecane mu bijanye no gusubira kw’ishure. Aha twovuga ishirahamwe JSBM (Jeunesse au service d’un Burundi meilleur) mu mugambi bise ‘Nanje Nobaho’ ari na wo washoboye gufasha Nadia co kimwe n’abagenziwe 133.
Ruremesha Hugues Hardy arongoye JSBM avuga ko abo bana babafasha mu buryo 4 ari bwo : gusubira kw’ishure, kubazanira abahinga mu bijanye n’inyifato kugira babumvirize banabafashe kubakuramwo ingeso mbi baba barakuye mw’ibarabara, kubasubiririmwo ivyo baba bize kw’ishure no gushigikira abavyeyi babo bana mu bijanye no kwiyungunganya babicishije mu kuziganya no kuguranana ivyo na vyo bica bituma abavyeyi baronka ukwo bafungurira abana babo hama ba bana bahora baja gusegerereza kubera inzara ntibabe bakibaho.
Baba abana ndetse n’abavyeyi bafashwa n’uwo mugambi, barashima aho babakuye naho bamaze kubageza mu kiringo c’imyaka 2. Nadia agira ati : « Baranyandikishije muri komine bongera baranjana kw’ishure».
Isabelle Ngendakumana umwe mu bakenyezi bafise abana bafashwa n’umugambi ‘Nanje Nobaho’ avuga ati: «Akenshi abavyeyi twasanze tutitaho abana bacu, twatwarwa n’ibitagira akamaro, ariko kuva aho duhuriye n’ishirahamwe JSBM twarahawe inyigisho zidukuramwo ubugaba twari dufise. Baranadufashije mu kuduha imitahe yo kwiyungunganya kugira dushobore kuronka ingene tubeshaho imiryango yacu. Ku bwanje novuga ko Nanje Nobaho atari umuvyeyi waba bana gusa ahubwo na twebwe irahindukira ikadufasha ».
N’ubwo ibitari bike vyakozwe mu bijanye no gukura abana mw’ibarabara, abatari bake baracaririmwo. Ku bw’ivyo, Reta hamwe n’amashirahamwe yitwararika abana arakwiye guhagukira ico kibazo maze abana bakajanwa kw’ishuri bakanitwararikwa n’abavyeyi babo nk’uko biri mu mategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka kabana.
Inkuru yatororokanijwe na Chancelle Bamuhaye, ariko arimenyereza mu Ruganda rwa Jimbere mu mugambi wa Unicef wo kuyaga ibijanye n’agateka k’abana mu Burundi.




