Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Igiterwa « Artemisia » gikinga kikanavura indwara ya marariya kigiye gukwiragizwa mu Burundi

©Jimbereǀ Igiterwa artemisia

Mu mezi 2 ari imbere, imivyaro y’igiterwa « Artemisia » iri hagati y’imiriyoni 5 na 10 izoba imaze gukwiragizwa mu gihugu nk’uko Ginette Karirekinyana, umukuru w’ikigo ACECI (Agence Consultative en Ethique de la Coopération Internationale) mu Burundi, yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro yaboneyeho akaryo ko kumenyesha akamaro k’ico giterwa aho yavuga ko ugifashe utaragwara uba uriko urikingira indwara ya marariya, mu gihe ugwaye naho ukaba uriko urayivura. Kurandurana n’imizi iyo ndwara mu Burundi, ngo ni ryo shingiro ry’ikwiragizwa ry’ico giterwa mu ntara zose z’igihugu c’uburundi. Ico giterwa kikaba citezwemwo urukiza aho indwara ya marariya izoba umugani mu gihugu.

Mu kurondera guha agaciro ico giterwa ndetse no kukigwiza mu Burundi, na reta y’Uburundi ngo ntireze amaboko. Karirekinyana amenyesha ko bigiye kuzoterwa no ku mitumba muri wa mugambi w’igihugu « Ewe Burundi Urambaye» ndetse hanakwiragizwe n’uturima two gukurizamwo imivyaro (pépinière).

Uwo muti utegurwa gute?                 

Maelle, Pierrick na Karirekinyana, mu kiganiro gishingiye ku giterwa Artemisia

Nk’uko Karirekinyana abimenyesha, ngo umuntu aracacura ico giterwa agateka amababi hamwe n’umutumba waco. Araheza akanikira ivyo bihimba vyacacuwe bugingo bimaze kwuma agaheza akabisya. Agafu kabivuyemwo ngo karashobora gushingurwa maze umuntu akazoza arikoreshereza gakegake anywa kurya kw’akayi.

Urugero?

Aho ku miti y’ikizungu vyari bimenyerewe ko unyoye mwinshi ariho ugira ingorane, umukuru w’ikigo ACECI amenyesha ko kuri « Artemisia » ho  ufashe muke ariho bigukomerana. Asigura ko ufashe muke uba usa n’uko uriko urarika umubiri wawe mu kuwuronsa umuti udakwiye kandi uca umenyera ukwo.

Amagarama 5 y’agafu niyo ashirwa mw’iteremusi ipima iritiro imwe y’amazi, ari nayo kire ku muntu umwe kandi ku munsi umwe. Ni ukuvuga akayiko gato, mu gihe ataragwara ariko amaze kugwara afata ikiyiko kinini. Naho biri uko, gushiramwo amagarama 10 canke 15 ngo ntaco vyonona uretse ko bikiza ningoga. Yamara atanu (5g)  ku bantu 2 canke barenga , bizana ingaruka. Icitonderwa, ngo nta sukari umuntu ashiramwo ariko arashobora kuvanga na tangawizi kugirango akarure kagabanuke.

Ico kiganiro kikaba cabaye mu gihe umushikiranganji w’amagara y’abantu  Thadée Ndikumana yaheruka kumenyesha ko igisata c’ubuvuzi bw’imiti y’ikirundi kigiye kuzoshigikirwa mu kuronswa igikoresho gipima urugezo rw’umuti ndetse n’inyigisho muri ivyo bikorwa. Twokwibutsa kandi ko uwo mushikirangaji yari yashikirije ko gushika mu kwa gatandatu, hafi abantu bangana imiriyoni 4,4 aribo bari bamaze gufatwa na marariya.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top