Naho binanata bakiga nk’abandi bose, abana bagendana ubumuga bwo kutumva no kutavuga barahura n’intambamyi zitandukanye mu mashure bigamwo, nyinshi muri zo zikaba ziva k’ukuntu intonde z’ivyigwa zitunganije aho abafise ubwo bumuga bafatwa nk‘abatabufise. Vyemezwa n’abarezi babakurikirana ndetse n’abanyeshure nyene.
Nk’uko umurezi wo kw’ishure ryigisha abana bagendana ubumuga bwo kwumva Ephphatha, Claude Bizoza abimenyesha, haba mu mashure matomato canke ayisumbuye, ngo intonde z’ivyigwa usanga zitunganije co kimwe n’iz’abakomeye mbere n’ikiranga minsi kikaba kimwe. Akagira ati: « Kubera ko abigisha dusiganwa n’intonde tuba dufise, umwana aragwa mu mporero kandi yategerezwa kuronka akanya gakwiye ko kubaza ivyo atatahuye». Amenyesha kandi ko hategerezwa kuba hariho n’ibikoresho mfashanyigisho bikwiye kuko ngo ibicapo n’ibimenyetso bifasha cane uriko urigisha bene abo bana.
Kevin Iriho nawe nyene ni umwigisha wo mu mashure matomato. Uwo, yemeza ko kuva mu mwaka wa mbere gushika mu wa gatandatu haba hari umwigisha umwe buri shure. Agira ati:«Burya kwigisha mu rurimi rw’abatavuga, si ikintu coroshe. Naho woba warahawe inyigisho z’urwo rurimi rw’ibimenyetso, ntuheza ngo umenye kurukoresha mu vyigwa vyose. Nivyo urashobora kumenya kuyaga n’abandi ariko kurukoresha nko mu biharuro, icongereza…kuba ukugerageza. Ivyo bigatuma abana baronka ubumenyi budakwiye ».
Eka na Sylvestre Ntunzwenayo atumva kandi atavuga aravyemeza. Abicishije mu nyandiko, agira ati: « Turigishwa nk’ivyigwa vyo kuririmba, ivy’ukuvuga neza ijambo mu rurimi kanaka kandi bazi ko ataho tuzoririmbira, ata n’aho tuzobivugira, ivyo kandi tukabibazwa mu bibazo. None vyukuri vyari bikenewe? Barazi ko bitugora ariko n’iyo hakozwe ikibazo batanga umwanya umwe n’uw’abandi banyeshure bumva kandi bashabora no kuvuga. Vyari bikwiye guhinduka».
Naho vyari bigumye, Bernadette yaranangiriye
Bernadette Niyukuri yize kw’ishure rito ryo ku Mushasha 1, abandaniriza amashure yisumbuye kuri Christe Roi, ku Mushasha nyene, mu ntara ya Gitega. Nk’uko avyivugira biciye mu nyandiko, aho hose yize ngo nta bandi banyeshure bari basangiye ikibazo co kutumva. Nta bikoresho vy’abatumva vyariho ariko ngo ntivyamuciye intege, yagumye ku gikorwa. Kubera ko yarazi ubumuga bwiwe, avuga ko uko yimukira mw’ishure yironderera umugenzi, akagerageza kumwigisha ururimi rw’abatavuga. Kuva ubwo ngo bamana hafi. Ari ico umwigisha yavuze ntatahure ngo yaramusigurira yandika. Ashatse kubaza ikibazo naho , Bernadette yandika ku gapapuro, akagashira umwigisha nawe mu kumwishura akabigenza ukwo nyene. Ngo ntivyamworohera na gato, ariko yarize muri ubwo buzima mbere na kaminuza arashirako. Naho biri ukwo, avuga ko hari abigisha batamwitaho kandi bazi ikibazo afise. Akavunira akagohe abasanzwe bigisha abana bagendana ubumuga bwo kwumva no kuvuga, aho abamenyesha ko ata kintu kibanezereza nk’ukubona abandi babiyegereza bituma bisanga, bakumva ko bari mu bandi.
Inyigisho zari zikwiye gutunganywa gute?
Kubwa Methode Bihoyiki, umwigisha kuri kaminuza Espoir d’Afrique, ngo vyari bikwiye ko hatunganywa intonde z’ivyigwa hisunzwe ubumuga bw’abo bana batumva, badashobora no kuvuga, kuko vyoza nk’inyishu y’ibibazo bagirira kw’ishure. Ivyo rero ngo vyoheza bigaherekezwa n’ukuronsa inyigisho zidasanzwe abigisha bakoresha ururimi rw’ibimenyetso kuko ngo atari igikorwa coroshe. Agira ati: « Bene abo bana kenshi usanga batahura batevye kandi mu ndinganizo y’inyigisho zabo bisabwa ko habamwo ibicapo vyinshi mu ntumbero yo gushimangira ivyo baba bigishijwe hakoreshejwe ururimi rw’ibimenyetso ».
Mu bushikiranganji bw’indero ntibashoboye kuboneka ngo bagire ico babivuzeko. Naho biri uko, kubwa Michela Iranzi asobanura ururimi rw’abatavuga, ngo hamwe intonde z’inyigisho z’abana bagendana ubumuga bwo kutumva ntibavuge zoshirwaho, abigisha bakaronka ubumenyi bukwiye, ibikoresho mfashanyigisho bikagwizwa ngo vyofasha cane mu ntumbero yo guteza imbere ubumenyi bw’abo bana.
Legende :
Révérien Niyorugira




