Bubicishije mw’ishirahamwe mpuzamakungu rikurikirana amagara y’abantu kw’isi OMS, Ubumwe bw’ibihugu vya Buraya bwatanze kuri uwu wa 3 Nyakanga imfashanyo y’amahera angana n’ibihumbi 465 000 vy’amanyaburaya, mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’igihugu wo gukinga umugera w’indwara ya Ebola mu Burundi.
Kuva aho umugera w’indwara ya Ebola wibonekereje mu gihugu kibanyi ca Congo, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi ntibwareze amaboko nk’uko Thadée Ndikumana aramutswa ubwo bushikiranganji avyemeza. Vyinshi vyarakozwe ari nk’incanco, mu ntumbero yo gukinga ko urandagata ugashika no mu Burundi. Muri iyo ntumbero, ubumwe bw’ibihugu vya Buraya (UE) bwaraye butanze intererano ingana n’ibihumbi 465 000 vy’amanyaburaya ku Burundi kugira ngo ubutegetsi n’amashirahamwe agarukira ku bantu yo mu gihugu ashobore gukomeza ingingo zafashwe na Reta zo gukinga ico kiza. Iyo ntererano yongeye gutangwa n’ubumwe bwa Buraya ikaba izoshikirizwa biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu riraba amagara y’abantu OMS maze ikazosahiriza mu kwongereza uburyo n’ubuhinga bwahora bukoreshwa ku mavuriro yo mu Burundi ari mu karere kegeranye n’umupaka w’igihugu ca Congo.
M. Christos Stylianides umukomiseri ajejwe igisata co kugarukira ku bantu bari mu bibazo hamwe no gukinga ibiza, akaba n’umuhuzabikorwa mu muryango w’ubumwe bwa Buraya ku bijanye n’ico kiza agira ati:«kugira tugwanye neza umugera w’indwara ya Ebola, ntidukwiye kugira umwitwarariko wo kuvura abamaze kuwandura bo muri Congo gusa. Ahubwo nyabuna dutegerezwa no gushira inguvu mu bikorwa vyo kuwukinga kugira ntuhave urandagata no mu bihugu bihana imbibe, nk’Uburundi ». Yongerako ati:« ubumwe bwa Buraya burashigikiye ingingo ziriko zirashirwa mu ngiro canecane izijanye no kugenzura uruja n’uruza rubera ku mipaka, gukinga hamwe no gupima umugera wa Ebola».
Hoba hari uwumaze gutorwa umugera wa Ebola mu Burundi?
Mu vy’ukuri nta muntu n’umwe mu Burundi aremezwa ko yatowe umugera wa Ebola. Ariko kuva aho ishirahamwe mpuzamakungu OMS ritangarije ko uwo mugera woba ugeze mu buseruko bw’igihugu ca Congo (hari mu kwezi kwa Mukakaro kw’uwu mwaka), Uburundi bwaciye bugwiza inguvu zo kwikingira. Ni muri iyo ntumbero ishirahamwe GAVI (Alliance du Vaccin), ribicishije muri OMS, ryatanze urucanco rukinga Ebola ku bakozi 1000 bo ku mavuriro, bigaragara ko yogeramirwa cane iyo ndwara iramutse yinjiye. Urwo rucanco rukaba ruguma rutangwa, aho bitegekanijwe ko ruzohabwa abashika 4320.
Ku bw’iyo ntererano yatanzwe na UE, Dr. Walter Kazadi Mulombo arongoye OMS mu Burundi agira ati:«kw’izina ry’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ibijanye n’amagara y’abantu OMS, ndashimira umuryango w’ubumwe bwa Buraya kuri iyi ntererano bwongeye gutanga, hamwe n’icizere bwagiriye OMS kugira ngo ibandanye ifasha mu kugwanya no gukinga umugera w’indwara ya Ebola mu Burundi. Ni intererano ije hageze».
OMS rero hamwe n’ayandi mashiramamwe afasha Uburundi muri uwo mugambi nka UNICEF, FNUAP,.. abandanya yerekana ko ari imboneza mu gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo zo gukinga Ebola. Aho na ho hakaba harimwo ibijanye n’ugutanga ibikoresho bikenewe kubw’uwo mugambi ku mavuriro, ukugenzura uruja n’uruza rubera ku mipaka, ukwigisha abantu ingene bo kwikingira, ingene boshobora gukurikirana umuntu iyo yiketswe ko agwaye eka hatanashizwe inyuma inyigisho zijanye n’ubuhinga bufatiye ku gufubana iteka uwahitanywe na Ebola hakoreshejwe uburyo butandukiza abandi.
Nk’uko bishikirizwa na OMS, uwo mugera wa Ebola wibonekeje muri congo mu kwezi kwa Myandagaro kw’umwaka uheze. Inyuma y’amezi 13 gusa aheze, umaze gushika mu ntara zitatu z’ico gihugu: Nord-Kivu, Ituri na Sud-Kivu. Ku bantu bababa 3000 banduye, abashika 2000 baramaze kwitaba Imana.




