Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

I Gitega, « Abakenyezi b’intwari bibagiwe » bariginywe

Kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro, igitabo cari kigeze mu ntara ya Gitega. Abakenyezi baho ngo bazobumbatira amahoro nk’uko Eugénie Bancako na Zenayidi Nagashira b’i Karusi babigize. Abajejwe intwaro barakengurutse kubona ico gitabo kihashitse.

Abanyagitega ngo bafashe nkama ivyo biganiwe n’abakenyezi Eugénie Bancako na Zenayidi Nagashira bo mu ntara ya Karusi, bunganiwe na Christine Ntahe. Kuva mu gatondo, baza batanguye gushwabaduka bagana mu kigo kijejwe iterambere ry’ingo n’imiryango (CDFC) c’i Gitega. Abitavye akamo hafi bose bari abakenyezi gusa. “Twagira ngo biraba abakenyezi gusa. Na jewe naje kugira ndabe uko vyifashe.” Ivyo vyavuzwe n’umwe mu bagabo bake bari bahari.

Mugabo rero vyaraboneka ko bashashaye ibiza kuvugirwa muri ico kibanza. Abenshi mu bitavye bari bakeye mu maso. Kanatsinda ngo basanzwe bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye.

Ibirori vyuguruwe n’umuhanuzi wa Buramatari ajejwe imibano n’imico kama mu ntara ya Gitega. Yarakengurutse cane ico gikorwa, ndetse atumirira abo arongoye gutega yompi ibiza kuhavugirwa.

Abari baje mu kiyago kijanye n’igitabu

Nk’uko vyagenze mu Ruyigi no mu Cankuzo, umwe wese muri ba bakenyezi babiri b’i Karusi banditswe muri ico gitabo yarafashe akanya ko guca ku mayange ivyo yabayemwo. Uko bavuga, Christine na we yaza arabunganira hagize akabasoba. Yarongera akanabwira abari ngaho ko ata gufatira mu kivunga ngo Abahutu barishe, Abatutsi barishe. Ati: “Mbega uvuze ngo ubwoko ubu bwarishe, umwana akiri mutoya yavutse ivyo vyaramaze kuba na we akubajije wokwishura iki? Avuze ati none jewe ko bavuga ko ubwoko bwanje bwishe, nanje narishe? Ni vyo hariho abantu bishe abandi mugabo nta bwoko bwica. Kira noneho ico si co catuzindukanye ivyo biraba umurwi CVR”.

Ikindi yasavye ababa ngaho ni ukudatwarwa n’ibihuha. Ngo bavyumvise, umuti ni ukubivugira hamwe uko babana atawinuvye uwundi.

Hafi bose bashaka kuvuga

Abanyagitega bari bateze amatwi, kandi baranyuzwe. Vyaribonekeza uravye ukuntu hageze kugira ico bashikirije hatarika intoke benshi cane ku buryo vyari bigoye kubacagura.

Naho abagabo bari bake, umuhumure Ndikumana Jérôme ni we yavuze ubwa mbere. Yaremeje ko yanyuzwe n’ivyo yumvise, kandi ngo yabonye ibiza bitandukanye vyahanze Uburundi. Ku myaka 62, yavuze ko iyo haje intambara abakenyezi ari bo bahagorerwa. Ati: “Iyo haje ingorane, umunarugo ni we bihanga. Aremera akagwa mu bana, mu gihe serugo wewe aba yagiye ukwiwe. Kuva ubu rero ubwicanyi bube indahiro. Kirya gihe twarabaye ibijuju.” Yaciye yiyemeza gufasha abakiri bato, aho aherereye kugira go bavavanure n’amacakubiri iyo aturuka hose.

Uko abitavye hari abari bagandagaje hasi kubera n’intebe zahavuye zirengerwa, uwafata ijambo wese yaca avuga ico yiyemeje gukora. Umwigeme Vigitoriya Barayandema ni Umututsikazi w’i Makebuko yiyemeje ko agiye gusaba ijambo azohora atumbera ahari Umuhutu, kugira ngo muri we arwanye amacakubiri. Eka mbere ngo azofasha umubanyi wese amwituye ataco arinze kuraba.

Zenayidi Nagashira wo mu ntara ya Karusi

Christine Ntahe yaciye amwunganira, yongera ku vyo yari ahejeje kuvuga ati: “Erega guharanira amahoro si ugukora ibitangaza. Ni uguha akunyu, utuzi canke umucanwa uwo mubana canke uwurengana.”

Uko umwe wese yashikiriza ico yiyemeje vyaba bihimbaye. Bivuzwe n’urwaruka hoho bikarushiriza. Umwigeme Annick Kanyange wo mu Ryansoro ati: “ Mpereye aho mbaye, twe n’ababanyi turahana utu na turiya. Imana imfashije nkagera mu bigero nkubaka urwanje, abana nzogerageza babe akarorero.”

Abafata ijambo bose baza barunganirwa na Christine Ntahe aho bikenewe. Eka mbere yaranabasavye kurengera ivyabaye. Yaciye abapfinda abasaba guheraheza umugani wahavuye unanira abari ngaho bose ati: “Uwutarenzako ntaba arabura.”

Nk’uko bisanzwe, abafashe ijambo bose baciye bahabwa udushimwe. Twari tugizwe n’ibitenge, ibikoresho vy’ishure n’udupira. Abenshi mu bitavye batahanye ico gitabo citwa: “Abakenyezi b’intwari bibagiwe”.

Ubona ko basanzwe bamenyereye guhurira mu mashirahamwe atandukanye, baratamvye baratarika. Barigina abashitsi bongera bariginana hagati yabo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top