Urwaruka rw’Abarundi ruba hanze y’igihugu rwifadikanije n’urundi rusanzwe ruba mu gihugu, mu gikorwa cokwegeranya imfashanyo izohabwa ibibondo vyababa mirongibiri bipfunganwe na banyina babo mw’ibohero rikuru ryo ku Mpimba. Igikorwa cabaye kuri uwu wa 15 Myandagaro mu Ngagara karitiye 7 mu kigo c’umuryango utabara imbabare (Croix-Rouge).
Gael Sinarinzi, umwe mu rwaruka rwiyumviriye iciyumviro co gufasha abana bapfunganwe na ba nyina, avuga ko mu bisanzwe abana aribo Burundi bw’ejo, inkingi y’iterambere rirama. Kubw’ivyo ngo umwana akwiriye kwitwararikwa, akabungabungwa neza kugira ngo akurane ivyiyumviro vyiza vyomutuma yubaka igihugu camwibarutse. Ni muri iyo ntumbero urwaruka rukiri kw’ishure, rwaba urwiga hanze y’igihugu c’Uburundi canke urwiga mu Burundi, rwiyumvira ko rwoterera agacumu k’ubumwe mu gufasha abana bagowe batarenza imyaka itatu bavukiye mw’ibohero canke mbere bajanweyo na ba nyina babo, kugira berekane ko n’abo bana bakeneye kubaho neza nk’abandi bana.
Mu kwegeranya ako gafashanyo, urwo rwaruka rukaba rwagiye hamwe, rutunganya inkino kugira abakunzi b’inkino zitandukanye baba abana canke abakuze baze gukina. Aho rero harimwo nk’inkino zikundwa n’abana nka play station, X-Box, n’uruvuma, hamwe rero n’abakuze baguma bikinira za billard na tennis de table. Ariko uwakina wese kuri izo nkino akaba yabanza gutanga amafaranga y’amarundi 1000fbu, azofasha abo bana bari mw’ibohero. Inzira yakoreshejwe si iyo gusa y’inkino, kuko muri urwo rwaruka, harimwo, umuririmvyikazi Laurette Tetero, aba Dj nka Kat-Lous, Kuniskis, Flamme yiga mu gihugu ca Kenya, Pharaon, Mc Yann Santanna wo kw’isamirizi RFM, bari bahari n’ivyuma biduza amajwi n’indirimbo zitandukanye zikwega abantu ku buryo abaza kuraba binjira babanje gutanga amahera 5000fbu afasha kuriha ivyo vyuma bakose, hama ngo ayasigaye nayo akazofasha abo bana.
Urwo rwaruka rubona gute ico gikorwa?
Laurette Tetero aheruka gutsindira Primusic avuga ko iyo ikiruhuko kigeze, urwaruka rwinshi rwinezereza mu birori vyinshi kandi mu buryo butandukanye.
Wewe rero ngo yahisemwo kwifadikanya n’urundi rwaruka rufise umutima wo gufasha no kwitaho abana bababaye kuko ngo ari igikorwa kiranga ubuntu buranga Abarundi: ”Abana bavukiye mw’ibohero canke bajanyweyo na ba nyina babo, mu vyukuri ni abana babayeho nabi, ntibafungura bikwiye, ntibavuzwa, ntibambikwa,…mw’ijambo rimwe baragowe. Nanje ntegerezwa gufasha abo batoya banje bagowe kugira babone ko hari abiyumvira ku buzima bwabo”.
Yongeyeko kandi ati: ”Ndipfuza kuba mu bazojana iyi mfashanyo turiko turegeranya, kandi ndiko ndabategurira n’uturirimbo nzobaririmbira”.
Eka si uwo gusa, Dj Flamme ni umunyeshure yiga mu gihugu ca Kenya, ubu akaba ari mu kiruhuko. Hambavu yo guhinyanyurira mu vyuma umuziki watuma uwuri aho wese anyeganza umutwe n’ibirenge, anavuga ko ataje kwinezereza gusa, ahubwo ko anafise n’umutima w’impuhwe ku bana bagowe.
Agira ati: ”Ni akaryo keza ko kwerekana ko naho tuba turi hanze y’igihugu tuguma twiyumvira kuri batoya bacu bagowe. Tukabagarukirako mu kubafasha mu vya nkenerwa vy’umubiri, tukanabaremesha kugira ntibihebure, gutyo bagume babona ko twebwe bakuru babo aho turi hose tubiyumvira”.
Ubwo abo banyeshure bonyene bokwishoboza ico gikorwa?
Gael Sinarinzi agira ati: ”Burya ahari ugushaka haba n’ubushobozi. Tumaze guserura iciyumviro cacu kigashimwa, abo nyene bagishimye baciye badufata mu mugongo. Erega abo na bo si abandi, ni ihinguriro ry’amazi kinju, pharmacie Salama, Brarudi na Croix-Rouge”. Uti rero bafashijije gute ? Sinarinzi avuga ko Kinju yatanze amazi azodandazwa hama inyungu izovamwo bakazoyishira hamwe n’iyizoba yavuye ku nzoga zatanzwe na Brarudi. Nayo ‘pharmacie Salama’ ngo yatanze imiti izofasha mu kuvura abana bagwariye mw’ibohero ryo ku Mpimba, mu gihe Croix-Rouge nayo yatanze inyubakwa bakoreramwo ico gikorwa co gutoza ako gatererano. Eka mbere anavuga ko hari n’abandi batanga ivyo baronse nk’impuzu, uturato, imfungurwa, n’ibindi.
Gael Sinarinzi, Tetero hamwe n’abandi bose babona ko ico gikorwa ciza kiranga ubuntu buranga abarundi gikwiriye kwama kiba kenshi, kugira banashobore kugarukira no ku bandi bana bababariye hamwe na ba nyina babo mu mabohero atandukanye ari mu gihugu.




