Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

« Abakenyezi b’intwari bibagiwe » baraye bakomewe amashi n’abakuru

©Jimbere | Mu kigo ndangamico c'Abafaransa, hariko harerekanwa isanamu igaruka ku kungene igitabo ca Christine Ntahe cakirwa ruguru

Kw’igenekerezo rya 23 Mukakaro, harabaye ibirori vyo kwerekana igitabo « Abakenyezi b’intwari bibagiwe ». Abafashe amajambo bose barakeje Christine Ntahe yacanditse, banahimbarwa kwibonera intambwe kigezeko kimenyekanishwa mu gihugu hagati.

Ikigo c’Abafaransa mu Burundi cari kiberewe ku mugoroba w’uwa 23 Mukakaro. Abera n’Abirabure bari bitavye ubutumire bwo kwirabira igitabo kivuga abasanzwe bakoze ibidasanzwe. Kuva isaha 11 n’igice, abantu bitoye baritavye ubutumire. Hari abari biteze ko bibera mu nyubakwa y’ibiteramo n’amanama, bagatangazwa n’uko nyabuna bashikiye hanze. Umwe ati : « Eee ! Twese turahagarara kandi usanga bisa neza. Uwundi ari aho ngo nakare ni ho havuga akayaga. »

Uwashika yaca afata akarahuri k’ikinyobwa yipfuza akaniyongera. Vyari bihimbaye kuko abadaherukana bararamukanya bongera batera ryarenga. Umutegetsi umwe, ariko aganira n’uwundi ati: « Uyu mupfasoni Christine Ntahe arakoze ikintu gikomeye. Mu bwitonzi n’urukundo rwinshi afise, ni umuntu w’agatangaza. Jewe twarakoranye nkiri umumenyeshamakuru ndamuzi. »

Uno bariko baraganira na we yanavuze ko ari co gituma Christine Ntahe adasaza. Ati: “None aho womenya ko afise imyaka 70 ?”

Abakiriho muri nya bakenyezi banditswe muri ico gitabo bari bashitse ngaho. Abatari bake bakabaraba babatangarira. Hari abatihangana baca baza kubaramutsa.

Kubera ico gitabo kimaze gushika mu ntara munani, abari aho bariboneye ireresi yerekana muri make aho cashitse. Baca baribonera bongera barumva abantu biyemeza guharanira amahoro bisunze ivyo abo bakenyezi bashitseko.

Cédrine Beney arongoye Ibiro bijejwe gufashanya vy’Ubusuwise mu Burundi

Vyarahimbaye abaterereye

Abafashe amajambo bose bagumye bakeza Christine Ntahe, n’abo bakenyezi bitangiye amahoro. Abafashije na bo bari bahimbawe n’ukubona ico gitabo gisohotse.

Wolfram Vetter, aserukira Ubumwe bwa Buraya mu Burundi, aremeza ko guterera ico gitabo kugira gisohoke ari ngirakamaro. Ati: “ Guterera kugira ngo ico gitabo gisohoke, ni kimwe bikorwa bihambaye Ubumwe bwa Buraya bwakoze aha mu Burundi mu kiringo nari ndahamaze.”
Ubona ko azosezera Uburundi mu ndwi zibiri, yaramenyesheje ati: “Nzokwama nibuka ukuntu Abarundi bo mu moko yose bita ku rutare bagwanya gukumirana, bongera barondera inzira yo kuganira.”

Kuvuga ko ico gitabo kiri mu ntumbero yo kunywanisha Abarundi, vyaragarutsweko n’umupfasoni Cédrine Beney arongoye Ibiro bijejwe imigenderanire y’Ubusuwise mu Burundi. Yagize ati: “Ni intererano mu mugambi wo kunywanisha Abarundi. Ni intahe nziza kandi harimwo ubuntu. Iki gitabo gikwiye ikibanza kidasanzwe mu vyerekeye kumenya ibihe bibi Abarundi baciyemwo”.

Abafashe amajambo barakenguruka cane. Marc Marc Mertillo, umuhanuzi wa mbere mu buserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi , yamenyesheje ko ico gitabo kizofasha urwaruka kubana neza, gutyo bakirinda icosubira kubacanishamwo.

Bamwe mu bakenyezi b’intwari barerekanywe

Igitabo gikengurukwa no mu gihugu hagati

Mw’ijambo ryiwe, Christine Ntahe yarakengurukiye cane abatanze uburyo kugira ngo ico gitabo gisohoke congere gikwiragizwe mu gihugu cose. Yashimye hageze kuko habonetse ibitabo 2500 vyanditse mu Kirundi, n’ibindi 2000 vyanditse mu gifaransa. Ivyo na vyo akabikesha Ubuserukizi bw’Ubumwe bwa Buraya mu Burundi n’Ibiro vy’Ubuswise bijejwe imigenderanire mu Burundi.

Akagira ati: Ndakengurukiye cane Reta y’Uburundi, kuko baradufasha bakatworohereza mu gikorwa twiyemeje co gukwiragiza iki gitabo mu gihugu cose. Ndakengurukiye wewe userukira Ubumwe bwa Buraya nawe muyobozi w’Ibiro vy’Ubusuwise bijejwe imigenderanire. Murafashije kumenyekanisha abakenyezi bitanze mu gihe c’intambara kandi babikorera mu mpisho.”

Naho abari aho bari bavyiboneye mu ncamake kw’ireresi, Christine Ntahe yarasubiye aramenyesha uko ibintu biba vyifashe iyo ico gitabo gishitse mu gihugu hagati. Yaramenyesheje ko ivyo bikorwa bitunganywa n’ikinyamakuru Jimbere kandi bakabikorana ubukerebutsi budasanzwe.

Ati: “Intahe zishingwa n’aba bakenyezi (ku ntara yose hagenda babiri) zirakora ku mutima ababumva. Barababwira ingene batutswe bakinubwa canke bagakumirwa n’ababo, mu gihe bariko baragerageza gutuza mu Burundi amashetani yabatuma gusesa amaraso ya benewabo.”

Wolfram Vetter: “Guterera kugira ngo ico gitabo gisohoke, ni kimwe mu bikorwa bihambaye Ubumwe bwa Buraya bwakoze aha mu Burundi mu kiringo nari ndahamaze”

Arakeguruka kandi kubona ico gikorwa kizoba intibagiranwa, kuko ngo ibivugirwa mu biganiro birafatwa amajwi n’amasanamu bigashingurwa. Ikindi akenguruka ni ukubona carasubiye kurwizwa mu rurimi rw’igifaransa. Ati: “Murahaye Abarundi bo mu gisagara n’ababa mu makungu akaryo keza ko gutahura akahise k’igihugu cabo, bongere bibonere ingene umukenyezi aba intwari, na vyo ntibimenyerewe.”

Amaze kwerekana bamwe mu bagize umurwi ukwiragiza ico gitabo mu gihugu cose, Roland Rugero arongoye ikinyamakuru Jimbere yaciye yereka abari aho bose abakiriho muri nya bakenyezi banditswe mu gitabo bavuye mu mihingo itandukanye y’Uburundi. Umwe muri bo yitwa Mariam Ndayisenga yaciye ahabwa ijambo, maze n’ijwi rirongorotse arakenguruka yongera asaba ati: “ Twagomba tubasabe ayo mahoro twarondeye ntagende akagirire. Ntihagire ikintu cosubira gutosekaza amahoro. Muri iki gihe twimirije amatora haza vyinshi. Mudushigikire tuyage amahoro, habe amahoro. Bibaye ngombwa mudushigikire tuje mu bindi bihugu kwigisha ingene twebwe Abrundi twashoboye kugarura amahoro.”

Uwo yahoze mu mirwi irwana yarakengurukiye cane Christine Ntahe maze aca asaba abari ngaho kumukomera amashi. Yaranashimiye umurwi ukwiragiza ico gitabo ukongera ukanamenyekanisha uko biba vyegenze mu ntara imwe yose.

Umuntu wese yararonka igitabo ku buntu, mugabo uwubishoboye akagira ico ashize mu gasandugu atarera ishirahamwe “Bon Geste” rirongowe na Christine Ntahe rifasha abana batishoboye be n’abo mw’ibarabara. Bamwe muri nya bana bari bishikiye ngaho bashajije kandi barakuze barahejeje amashure.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top