Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Inamujandi: umunyamareba w’i Ndora yatunganije ubugarariji kugira atuze Ababirigi i Burundi

Mu kwezi kwa mukakaro hagati kw’umwaka w’1934, Uburundi bwari mu ntwaro y’igikoroni y’Ababirigi. Igihugu cari mu bibazo vyinshi uhereye muri poritike, ukaja mu gisata c’ubutunzi ugashitsa no mu mashengero. Mu bwitonzi bwinshi, Inamujandi, yarahagurutse, asaba abanyagihugu b’i Ndora ngo bamufashe « batuze abo bagizi ba nabi maze basubize intwaro abayifitiye uburenganzira »…

Imbere ya Inamujandi, hari habanje kwibonekeza imigwi igwanya abakoroni, nk’uwa Runyota. Mu 1922, uwo Runyota yari yarigishije abantu baba ku butaka bwa Kitega, mbere aranaronka n’abayoboke ku butaka bw’i Muhanga. Vyose vyahera bugingo yaba ari mumigirwa yo kubandwa, maze agaheza akemeza ko yahishuriwe ivyo kwomora Ababirigi mu gihugu, ko azoshikana igihugu kuntambwe yo kutagikoresha ifaranga, kandi ko azosubiza ingoma Ntare mushasha.

Mu kubihamya, yakoresha imvugo nyuramatwi ivanze n’ivya kera yoraza umuntu ahagaze. Iyo ndyamunyu y’imvuzi yemeza abemeye kwifadikanya nayo ko bakingiwe bihagije: «Amasasu y’abakoroni azocika amazi canke ifu y’ivyema. Abatazoshaka kuvyemera nabo ngo dufadikanye kubagwanya, ni akazi kabo! Amafaranga yabo azocika imipfungo y’umunyota ». Ari naho havuye iryo zina Runyota.

Umurundikazi w’intwari

Ni mur’ivyo bihe nyene haduka Inamujandi, yitirirwa « umufyitirizi » canke « umunyamageza w’i Ndora » n’intwaro y’igikoroni n’abatwara ico gihe. Uburundi bwatwarwa n’abakoroni b’Ababirigi, bafadikanije na bamwe mu Barundi nyene bemeranya n’ishaka ry’abakoroni.
Akarere ka Ndora karimwo umutware Baranyanka. Uwo, nk’uko vyanditswe n’umuhinga mu vy’akahise Joseph Gahama mu gitabu ciwe yise « Le Burundi sous l’administration belge », yacuditse n’umukoroni.

Igikorwa ca Inamujandi cari kije mu bihe bitoroshe. Muri poritike, akarere ka Nkiko – Mugamba kari kamaze kuja mu minwe y’abafadikanije na Baranyanka, kandi kariko gahigwa na Kilima, umwana wa Ntare Rugamba yavukiye i Bushi yari yaragarutse mu Burundi arondera gufata ingoma. « Kilima yari nk’umwami mu gace yabamwo. Yaranaganura eka akanatanga umugisha mu banyagihugu yatwara », nk’uko Emile Mworoha umuhinga mu vy’akahise abimenyesha.

Abatware bashasha bari bamaze gushirwaho n’intwaro y’abakoroni ntibari bakiriwe neza. Ivyagiye gusongera isibe, ibibazo vy’ubutunzi vyari bihasanzwe vyariyongereye, ingwara z’ibiza zaduka mu nka, inyuma y’ukuririka ubworozi bwo mu karere ko mu bumanuko bw‘urwanda mu 1932, eka ico kiza gituma imitwe itakara kubw’ubwoba bw’ukwandukirwa. Inzige zo zaheruka kumara imirima y’abantu, ziyisiga yera.

« Mu bihe nk’ivyo, hari ibintu vyinshi biba aho usangana abantu buzuye umwiheburo udasanzwe hakaba aho kwambaza. Muri ico gihe ba bavugishwa niho baza bemeza ko batiwe, bahawe ububasha buva ku Mana » , nk’uko Umwigisha Mworoha abisigura.

Ivyo vyagaragaye nk’impano kuri Inamujandi, bahavuye banatazira « Mukamana ».

Ariko mu vy’ukuri, nta masasu y’ababirigi yacitse amazi. Nta n’uko yacitse ifu y’ivyema. Abagumutse b’i Ndora baratikijwe ata kigongwe, ivyibare vya Inamujandi binyagwa urukombamazi, we azimanganira mu buseruko bw’igihugu inyuma yo gupfungirwa mu Ruyigi.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top