Ni umwe mu runganwe batangarira muri komine Rugazi. Yarasubiyemwo wenyene igitarurwa gica hejuru y’uruzi Cogo. Ibi biri mu mubonano ikinyamakuru Jimbere cagiranye na we.
Isoni afise ni zo zinyegejemwo inguvu n’ubwira bwo guteza imbere ikibano. Ingene aboneka vyotuma umwihendako. Yaminuje mu gisata c’icongereza muri Kaminuza y’Uburundi, Helmenegilde atandukanye gose n’urundi rwaruka kandi ivyo vyibonekeza mu buryo bwinshi. Amaze amezi indwi atakazi araronka, yarase kuguma azunguruka mu gisagara ca Bujumbura, aca yihitiramwo gusubira ku muhana.
Ni umukorerabushake mu kwigisha icongereza hamwe n’inyigisho zo gutatura amatati biciye mu nzira y’amahoro urundi rwaruka rwo muri Komine Rugazi, yaranatunganije neza igitarurwa co kuruzi Cogo abantu bose bitegereza. Nta bwo ari ibintu bisanzwe bimenyerewe mu karere ka Rugazi kubona umunyeshure yamaze Kaminuza ariko akoresha isuka, ivyo bikaba vyemezwa n’umukuru w’umutumba wa Rugazi.
Helmenegilde, karorero ko kwigirako
Nkuko abivuga, «Mu kwezi kwa kigarama, igitarurwa ca Cogo cari cabomokeye mu rushanga biturutse ku mvura nyinshi yaguye, muri ico gihe, imbaho zari kuri ico gitarurwa ntizari kugumako igihe kirekire zitarasambagurika». Kikaba cari cononekaye biturutse ku gufata ibintu minenerwe kwa bantu bagicako.
Hari ku munsi wa gatandatu, afise isuka mu minwe, Helmenegilde igice c’umunsi cose yagihebeye igikorwa co gukuraho urushanga no kubonesha inzira yaca kuri ico kiraro. Agira ati: «Iyo ntagisubiramwo ico gitarurwa cobaye atamwaka gishigaje kidahebwe».
Helmenegilde ntiyagarukirije kuri ico gitarurwa gusa, yaranaciye imigende y’amazi kugira ashobore gukatisha amazi y’imvura.
Ni umugambi wo gukenguruka. Jean Marie Ngendahayo arabimushimira cane. Akozwe ku mutima n’iyo nyifato ya Helmenegilde, umukuru w’umutumba ahamagarira urundi rwaruka gukurikiza akarorero bahawe na mugenzi wabo. « Helmenegilde aritwararika ibintu, ni ngirakamaro mu muryango wiwe no ku gihugu». Iyo ikaba ari imwe mu mpamvu zatumye uwo mutware atera akamo urundi rwaruka rwo muri iyo micungararo kugira bamutere intege.
Agira ati: « Urwaruka rwose ntirukwiye guhurumbira igisagara ariko rukwiriye kwijukira gukora ibikorwa vy’iterambere».




